Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Integuro z’amabwirizwa abiri zijanye n’isuku n’isukura hamwe n’uburyo bwo kwishurana amafaranga zaremejwe n’Inama Nkenguzamateka

DSC rtt0878Ku wa 3 Ndamukiza 2018, Inama Nkenguzamateka y’Uburundi yarize yongera iremeza integuro z’amabwirizwa abiri. Iya mbere yari yerekeye isuku n’isukura, iya kabiri yari ijanye n’uburyo bwo kwishurana amafaranga hakoreshejwe uburyo bwa none. Izo nteguro z’amabwirizwa uko ari zibiri zikaba zemejwe ijana kw’ijana n’abakenguzamateka bose bari bitavye ibikorwa. Ivyo bikorwa bikaba vyari birongowe n’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka, Révérien Ndikuriyo.Ku wa 3 Ndamukiza 2018, Inama Nkenguzamateka y’Uburundi yarize yongera iremeza integuro z’amabwirizwa abiri. Iya mbere yari yerekeye isuku n’isukura, iya kabiri yari ijanye n’uburyo bwo kwishurana amafaranga hakoreshejwe uburyo bwa none. Izo nteguro z’amabwirizwa uko ari zibiri zikaba zemejwe ijana kw’ijana n’abakenguzamateka bose bari bitavye ibikorwa. Ivyo bikorwa bikaba vyari birongowe n’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka, Révérien Ndikuriyo.Umushikiranganji w’amagara y’abantu, Josiane Nijimbere ariko arasigura imvo n’imvano yatumye Reta ishiraho iyo nteguro y’ibwirizwa, yamenyesheje ko iyo nteguro y’ibwirizwa igenga isuku n’isukura ije hageze kuko ifise akamaro n’akarusho kanini ugeraranije n’igitabo cahahora. Itegeko ryahora rigenga amagara y’abantu ryo mu 1982 ngo ryahora riraba gusa ibijanye n’itunganywa ry’uburaro n’ingenzi, amategeko ajanye n’itunganywa ry’ibisagara, ayajanye no kubungabunga ibinyabuzima vyo mu kiyaga hamwe n’ingingo zifatwa kubera indwara z’ivyaduka.

Muri iyo nteguro y’ibwirizwa nshasha rero ngo hongerako ihimirizwa ry’abanyagihugu kugirango bakurikize ingingo zijanye n’isuku ry’uburaro, amabarabara, ibigwati n’ibisagara, isuku ry’ibitungwa, isuku ry’amazi yaba ayakoreshejwe mu nzu canke mu mahinguriro, kurwanya udukoko dutera indwara, kurwanya indwara z’ivyaduka, isuku ry’umuvyeyi n’ikibondo ngo hadasigaye inyuma ko amagara y’umuntu wese akingirwa kandi akaguma atera imbere. Josiane Nijimbere yamenyesheje kandi ko itegeko rigenga isuku n’isukura ryisunga itegeko mpuzamakungu ryerekeye amagara y’abantu ryo mu mwaka w’2005 ryemejwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu kw’isi «OMS ». Mu ntumbero y’iryo shirahamwe ngo harimwo gukinga uruherekerane rw’indwara ku bihugu, kwikingira kuri umwe umwe wese, guhagarika indwara no gushira mu ngiro ibikorwa vyose bijanye no kubungabunga amagara y’abantu ata gutera ibibazo vyotuma uruja n’uruza rw’abantu canke rw’ibidandazwa mu bihugu bishobora guhungabana, kugabanya indwara ziturutse kw’isuku rike bisunze ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko n’ibindi. Abakenguzamateka barashatse kumenya ibijanye n’ihagarikwa ryo gukoresha amasashe aho rigeze mu gihugu c’Uburundi na cane cane ko hariho itegeko ryariko rirategurwa kandi ko  bene ayo masashe ngo afise ingaruka mbi nyinshi ku bidukikije harimwo n’abantu n’ibitungwa. Josiane Nijimbere akaba yabamenyesheje ko Reta iriko irakora ibishoboka vyose kugirango ibijanye n’amasashe hamwe n’amacupa ya plastique vyose bihagarikwe gukoreshwa mu gihugu. Umushikiranganji w’ikigega ca Reta, Domitien Ndihokubwayo nawe ariko aratanga imvo n’imvano y’integuro y’ibwirizwa rigenga uburyo bwo kwishurana amafaranga hakoreshejwe ubuhinga bwa none yamenyesheje ko iyo nteguro y’ibwirizwa  ije hageze kuko ije gufasha gutunganya ibijanye no kwishurana amafaranga hakoreshejwe itelefone n’ubundi buryo bwa none kuko gushika ubu ngo ata tegeko ryahora rigenga ico gisata. Ngo ihangiro rya Reta n’ugukomeza ihanahana ry’ubutunzi hakoreshejwe ubuhinga bwa none. Ikindi naco ngo Reta yashatse gukurikiza ivyumvikanyweko n’akarere ka EAC kuko ibindi bihugu biri muri ako karere bisanzwe bikoresha ubwo buhinga hamwe ngo n’ibihurikiye mw’isoko rusangi ry’ibihugu biri muri Afrika y’ubuseruko n’ubumanuko  «COMESA». Ubwo buhinga kandi ngo buzotuma n’umunyagihugu mutoya adafise inomero y’ikonte muri banki ashobora kubitsa no kubikura amafaranga yiwe akoresheje itelefone. Vyongeye, ngo ubwo buhinga burafasha guhanahana amafaranga ku mwanya ku mwanya bukongera bukerekana n’ubutunzi amabanki afise. 

Domitien Ndihokubwayo yarongeye amenyesha ko ubwo buhinga bwari bwaratanguye gukoreshwa n’abanyagihugu bamwe bamwe mu gukoresha Ecocash n’ibindi ariko ko ari ngombwa ko hajaho amategeko mu ntumbero yo gukingira ubwo buhinga n’abazobukoresha bose. Iyo nteguro kandi ngo irategekanya ibihano bizoronswa abazokoresha nabi ubwo buhinga. Mu bibazo vyabajijwe n’abakenguzamateka, barashatse kumenya ko iyo umuntu azoja hose haba mu gihugu hagati canke mu bisagara, mu nzu z’uburiro, mu nzu zidandarizwamwo imiti mu mangazini n’ahandi ubwo buhinga azoheza akabusangayo hamwe n’ikigiye gukorwa kugirango abanyagihugu bamenye ubwo buhinga bongere bamenyere no kubukoresha. Umushikiranganji Domitien Ndihokubwayo akaba yabamenyesheje ko iryo tegeko ngo rimaze kuja mu ngiro ubwo buhinga bwa none bwo kwishurana amafaranga buzoca bumenyekana hose. Ngo bazoheza bace bahimiriza abanyagihugu ku bijanye n’ikoreshwa ry’ubwo buhinga bwa none, kandi abanyagihugu ngo bazoca babwizera cane kuko bazobona ko bakingiwe. Ubwo buhinga ngo buzohindura vyinshi eka n’ingaruka nziza zabwo ngo ni nyinshi kuko ata muntu azosubira kugendana amafaranga ku mufuko canke mu magunira ngo azohora ayagendana mw’itelefone.Inyuma y’ibibazo n’impinyanyuro zimwe zimwe, integuro y’ibwirizwa rigenga isuku n’isukura mu Burundi ikaba yemejwe ijana kw’ijana, ni ukuvuga abakenguzamateka 36 bari bitavye ibikorwa hamwe n’abandi 2 bari batumye, integuro y’ibwirizwa rigenga uburyo bwa none bwo kwishurana amafaranga nayo nyene ikaba yemejwe ku majwi 39 kuri 39, ni ukuvuga abakenguzamateka 37 bari bahari hamwe n’abandi 2 bari batumye.

Estella Niyongere

 

Ouvrir