Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Amatara akoresha umuyagankuba muke agiye guhingurwa mu Burundi n’ ishirahamwe TLLINO

 

DSChjryt 1852Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu Joseph Butore yaratanguje icese ibikorwa vy’ishirahamwe « Tanganyika Lisma Lighting Innovation » ryo mu gihugu c’Uburusiya. Rizohingura rikongera rikadandaza  uguhingura no kudandaza amatara akoresha umuyagankuba mukeya. Hari kw’igenekerezo rya 29 Ntwarante 2018.Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu Joseph Butore yaratanguje icese ibikorwa vy’ishirahamwe « Tanganyika Lisma Lighting Innovation » ryo mu gihugu c’Uburusiya. Rizohingura rikongera rikadandaza  uguhingura no kudandaza amatara akoresha umuyagankuba mukeya. Hari kw’igenekerezo rya 29 Ntwarante 2018.Mw’ijambo ryiwe ryo kwugurura icese ivyo bikorwa, Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu , Joseph Butore yaramenyesheje ko ata nkeka iryo shirahamwe TLLINNO rigiye kugira ico riterereye mu bijanye n’ubutunzi bw’igihugu c’Uburundi. Iyugururwa ry’iryo hinguriro rero ngo ni intambwe ihambaye mu bijanye no gushitsa amasezerano ajanye n’imigenderanire y’ubutunzi hagati ya Reta y’Uburundi na Reta ya Mordovie  iri mu zigize mu gihugu c’Uburusiya. Joseph Butore yarongeye amenyesha ko iryo hinguriro rizofasha vyinshi mu bijanye n’ubutunzi bw’igihugu c’Uburundi kuko ngo rije gutuma igihugu kitazosubira gusohora amafaranga y’agaciro yahora akoreshwa mu kuvana hanze canke mu kuzana ivyo bidandazwa vy’amatara.

Ngo ikigo kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi kirabizi neza ko amafaranga yakoreshwa muri ubwo buryo yari menshi cane. Ngo bafashe mu myaka ibiri iheze, 2016 na 2017 ngo igihugu casohoye cikwirikiranya amafaranga 700 000 y’amadorari y’abanyamerika hamwe n’ayandi angana n’1. 035 000 y’amadorari y’abanyamerika nyene yakoreshejwe mu kurangura ivyo bidandazwa. Ngo nta nkeka rero ko iryo hinguriro TLLINNO rishobora kuzotanga  ivyo bikoresho vy’umuyagankuba ababikeneye mu gihugu kandi ku rugero rukwiye. Reta y’Uburundi nayo ngo ntaco itazokora mu kubandanya ishigikira igisata c’amahinguriro mu kugiteza imbere gisanzwe ari kimwe mu vyo yitwararitse gusumba.  Yamenyesheje kandi ko ibiyago vyabaye hagati y’abagize iryo shirahamwe TLLINNO n’ubushikiranganji butandukanye, ikigo kijejwe ubudandaji n’amahinguriro mu Burundi « CFCIB », n’ibindi hamwe n’inama bagiriraniye n’abarwizatunga b’abarundi be n’ingendo zitandukanye bagize hagati mu gihugu vyarerekanye yuko mu gihugu c’Uburundi harangwa amahoro n’umutekano, ari igihugu abarwizatunga bashikamwo bakarangura imigambi yabo kandi ikagenda neza. Joseph Butore akaba yarangije atera akamo n’abandi barwizatunga ngo barabire akarorero kuri bene ayo mashirahamwe ariko arashingwa mu gihugu nk’ihinguriro Lisma kugirango nabo bazane imitahe yabo mu Burundi kuko ari ighugu gitekanye.Umushikiranganji w’ubutare n’agataka, Come Manirakiza yamenyesheje ko intumbero y’iryo shirahamwe ari ugutegura no gutunganya ibikoresho vy’umuyagankuba bidatwara umuyagankuba mwinshi. Umuyagankuba ngo niryo soko ry’iterambere na cane cane mu bisata bitandukanye kugirango ubutunzi bw’igihugu bwisununure. Iterambere ry’igihugu ngo rica mu kurwiza amahinguriro yaba aya Reta canke ay’abikorera ivyabo mu ntumbero yo kurwiza umuyagankuba kugirango ayandi mashirahamwe canke amahinguriro yoroherwe mu kurangura ibikorwa bitandukanye. Côme Manirakiza yamenyesheje kandi ko iryo hinguriro rije kwunganira mu gisata c’umuyagankuba kandi ngo amatara azohingurwa n’iryo shirahamwe azofasha kuko atazokoresha umuyagankuba mwinshi nk’uko vyahahora. Uwuserukira igihugu c’Ubuswisi mu Burundi, Gorgy Todua yamenyesheje ko imigenderanire canke ubucuti buri hagati y’ivyo bihugu uko ari bibiri ihambaye cane ari nayo yatumye havuka iryo hinguriro rigiye guhingura ibikoresho vy’umuyagankuba. Yanamenyesheje ko hari icizere ko n’ayandi mashirahamwe canke amahinguriro agiye kuza gukorera mu bindi bisata nk’uburimyi n’ubworozi, n’ahandi.

Estella Niyongere na

Alain Ndayisenga(Yimenyereza)

Ouvrir