Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abakenyezi bataronse amahirwe y’ukwandikwa mu bitabu vy’abubatse ngo ni inkurikizi y’ukutubahiriza amategeko

DSCcdfF0009Umukenyezi  wese yemeye  akaja kubana n’umugabo  ahonyanze igitabu c’ingo n’imiryango akemera agahonyanga amategeko  akaja mu nzu y’umugabo bidaciye mu mategeko  ngo arahanwa.  Ariko  ngo ntibariko barabahana iyo ni inkurikizi  y’ukutubahiriza amategeko ku bakenyezi badaheza ngo bashobore kuronka amahirwe y’ukwandikwa.  Ivyo vyamenyeshejwe n’umwunganirizi  mu bushikiranganji  bw’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukunda igihugu, Thérence  Ntahiraja mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE kw’igenekerezo rya 29 Ntwarante 2018. Nk’uko yabandinije abivuga ngo iyo umuntu yahonyanze amategeko kenshi araheza akamugarukako.   Nko mu gihugu hagati rero abagabo nk’abo babana n’abagore barenga umwe  ngo baba bafise amatongo abiri  ku mutumba hari umugore n’abana, ico gihe rero umugore umwe  n’abana  basigaye  baraheza bakubahirizwa mu vyabo .  Ku vyerekeye abo bana bavyaranye  ngo amategeko arabakingira,  uwo mugabo araheza akamenya ko ari abo yavyaye.   Ariko ngo ayo mategeko araheza agakingira  abo bana bo nyene gusa kuko nyina wewe aba yari yitwa umuhabara  araheza akagumana n’abo bana yavyaye mugabo atabana n’uwo mugabo.   Muri ico gihe ngo ni uburenganzira bwiwe kugumana   n’abana biwe akabarera  ata ngorane. Abantu rero ngo  barishizemwo y’uko uwo mugabo aca abomora ariko ngo sivyo  kuko Reta nayo ntiyovyemera abana yavyaranye n’abo bagore baguma ari abiwe ari co gituma baheza bakaronswa ivyo bategerezwa kuronka imbere y’amategeko.  Ku bijanye n’ukuntu abo bagore baheza bakabana inyuma y’uko uwo mugabo aba yahisemwo umugore umwe  mu minsi ya mbere ngo imibano ntigenda neza ariko ngo  ahari abagabo ntihagwa ibara  baraheza bagahanura  bigahera. Ku bijanye  n’abahurikiye mw’idini ry’aba isiramu nabo ngo  barabikora  kuko ari itegeko rya Reta  kandi ngo na   bimwe bavuga ko babakunda kumwe  bica bihinyuka kuko ngo biragoye ko yokunda abantu kumwe .

Ikiringo rero c’ukwiyandikisha congewe n’Umukuru w’igihugu  Petero NKURUNZIZA kikaba carangiye ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 31 Ntwarante 2018. Thérence Ntahiraja akaba yarangije amenyesha ko yibaza ko bose biyandikishije  abatiyandikishije nabo bokwitegurira guhanwa  kuko  ibihano bitegekanijwe kuri uwo atazoba yarakurikije amategeko.Umukenyezi  wese yemeye  akaja kubana n’umugabo  ahonyanze igitabu c’ingo n’imiryango akemera agahonyanga amategeko  akaja mu nzu y’umugabo bidaciye mu mategeko  ngo arahanwa.  Ariko  ngo ntibariko barabahana iyo ni inkurikizi  y’ukutubahiriza amategeko ku bakenyezi badaheza ngo bashobore kuronka amahirwe y’ukwandikwa.  Ivyo vyamenyeshejwe n’umwunganirizi  mu bushikiranganji  bw’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukunda igihugu, Thérence  Ntahiraja mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE kw’igenekerezo rya 29 Ntwarante 2018. Nk’uko yabandinije abivuga ngo iyo umuntu yahonyanze amategeko kenshi araheza akamugarukako.   Nko mu gihugu hagati rero abagabo nk’abo babana n’abagore barenga umwe  ngo baba bafise amatongo abiri  ku mutumba hari umugore n’abana, ico gihe rero umugore umwe  n’abana  basigaye  baraheza bakubahirizwa mu vyabo .  Ku vyerekeye abo bana bavyaranye  ngo amategeko arabakingira,  uwo mugabo araheza akamenya ko ari abo yavyaye.   Ariko ngo ayo mategeko araheza agakingira  abo bana bo nyene gusa kuko nyina wewe aba yari yitwa umuhabara  araheza akagumana n’abo bana yavyaye mugabo atabana n’uwo mugabo.   Muri ico gihe ngo ni uburenganzira bwiwe kugumana   n’abana biwe akabarera  ata ngorane. Abantu rero ngo  barishizemwo y’uko uwo mugabo aca abomora ariko ngo sivyo  kuko Reta nayo ntiyovyemera abana yavyaranye n’abo bagore baguma ari abiwe ari co gituma baheza bakaronswa ivyo bategerezwa kuronka imbere y’amategeko.  Ku bijanye n’ukuntu abo bagore baheza bakabana inyuma y’uko uwo mugabo aba yahisemwo umugore umwe  mu minsi ya mbere ngo imibano ntigenda neza ariko ngo  ahari abagabo ntihagwa ibara  baraheza bagahanura  bigahera. Ku bijanye  n’abahurikiye mw’idini ry’aba isiramu nabo ngo  barabikora  kuko ari itegeko rya Reta  kandi ngo na   bimwe bavuga ko babakunda kumwe  bica bihinyuka kuko ngo biragoye ko yokunda abantu kumwe . Ikiringo rero c’ukwiyandikisha congewe n’Umukuru w’igihugu  Petero NKURUNZIZA kikaba carangiye ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 31 Ntwarante 2018. Thérence Ntahiraja akaba yarangije amenyesha ko yibaza ko bose biyandikishije  abatiyandikishije nabo bokwitegurira guhanwa  kuko  ibihano bitegekanijwe kuri uwo atazoba yarakurikije amategeko.

Christine Manirambona

 

Ouvrir