Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu Nama Nkenguzamateka: Integuro y’itegeko rigenga ikoreshwa ry’imiti ryica udukoko twonona imirima yaremejwe

DSCddbbgfg dff0615Inama Nkenguzamateka yarabajije ibibazo bitandukanye Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi, ku bijanye n’itegeko rigenga ikoreshwa ry’imiti yica uukoko mu gihugu c’Uburundi. Umushikiranganji ahejeje kwishura ivyo bibazo abakenguzamateka baciye bemeza iyo nteguro y’itegeko, ikaba yemejwe ijana kw’ijana. Hakaba hari kw’igenekerezo rya 27 Ntwarante 2018.Inama Nkenguzamateka yarabajije ibibazo bitandukanye Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi, ku bijanye n’itegeko rigenga ikoreshwa ry’imiti yica uukoko mu gihugu c’Uburundi. Umushikiranganji ahejeje kwishura ivyo bibazo abakenguzamateka baciye bemeza iyo nteguro y’itegeko, ikaba yemejwe ijana kw’ijana. Hakaba hari kw’igenekerezo rya 27 Ntwarante 2018.Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Déo Guide Rurema yabanje gushikiriza imvo n’imvano yatumye hategurwa iryo tegeko. Umushikiranganji akaba yamenyesheje ko ivyahora muri iryo tegeko vyinshi bitakijanye n’ibihe tugezemwo. Muri iryo  tegeko ngo barashoboye gushiramwo  ibihano bitegekanijwe  ku bijanye n’ukudasambura imiti yataye igihe n’ibindi.  Muri iryo tegeko basanze harimwo ivyohinyanyurwa kugira Uburundi bukoreshe amategeko agezweho kugira bakingire uburimyi hamwe n’amagara y’abanyagihugu n’ibidukikije batabisize inyuma. Abakenguzamateka baciye babaza umushikiranganji ikibazo c’ibungwe ryari ryateye ibigori mu ntara zimwe zimwe z’igihugu ko coba caratorewe umuti ?

Kuri ico kibazo umushikiranganji yishuye ko cari ikibazo gihambaye kuko kari agakoko kaje kavuye kure muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika kakaba kari agakoko kanyaruka cane kandi karwira n’ingoga kari gatandukanye n’izindi ndwara zahora zitera ibigori, ariko ngo baragerageje barakarwanya uko bashoboye bafashanije n’abanyagihugu, ng’uno mwaka ntikabonetse cane kuko vyibonekeje ko    gakundana n’ubushuhe imvura ikaba yaguye neza bituma katarwira cane. Abakenguzamateka barongeye barabaza umushikiranganji ko ata bindi vyica udukoko dutera imirima vyoba bihari atari irya miti iva mu mahinguriro ishobora kwica n’ibindi bintu kubijanye n’ibinyabuzima ?  Déo Guide Rurema yishuye yuko bihari nk’amababi y’ipapaye, amababi y’itabi, ipiripiri. Ariko ivyo naho bishobora kwica ubukoko bwonona imirima ubushakashatsi ntiburatomora neza urugero rwokoreshwa mugihe bariko babishira mu mirima. Abakenguzamateka bahejeje kwishurwa ibibazo bari bafise ku bijanye n’iryo tegeko rigenga imiti yica udukoko butera imirima baciye baryemeza bose n’ukuvuga 39 ku 39.Abakenguzamateka bahejeje gutora iryo tegeko, baciye babaza umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi ibibazo bijanye n’urugomero rwo kuvomera imirima ku ruzi  Kajeke, rukaba rwari kuvomera ku buringanire bungana ama hegitari 2813 mu kiyaya c’imbo gihuza komine Bubanza na Gihanga mu ntara ya Bubanza. Umushikiranganji yabanje kumenyesha ko ivyerekeye urwo rugomero hagiye haraboneka amahinyu kuva rugitangura kubakwa aho ivyegeranyo vyagiye biranyegezwa, kugeza aho bishikira ku rubuga bagasanga nta kintu kinini kiriko kirakorwa kuko urwo rugomero rwatanguye kwerekana imigaga rutaratangura gukora. Umushikiranganji yabandanije amenyesha ko bamaze kubona urugomero rutubatse neza, ubushikiranganji bwaciye buhagarika amasoko yose kugira habanze hasubirwemwo ivyirwa kugira urwo rugomero rusubirwemwo bafise ivyigwa bikwiye. Urugomero rwa Kajeke rukaba rwategekanya gukora ku myaka ishika 50, kandi rukaba rwari gufasha kuvomera ayo mahegitari yose yo mu kiyaya c’imbo kugira gishobore kurimwamwo umwaka wose hakama hari ivyeze, mbere bagashobora gushorera izindi ntara.  

Anitha Bizimana

 

Ouvrir