Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abanyagihugu basabwa kumenya ivyo bafitiye uburenganzira n’ingene batunganirizwa n’igisata c’inyamiramabi

DSC08662Abanyagihugu barakwiye kumenya ivyo bafitiye uburenganzira bakongera bakamenya ingene batunganirizwa n’abo bitura mu gisata c’inyamiramabi. Ivyo vyashikirijwe na  Emile Manisha arongoye igisata c’inyamiramabi mu giporisi c’Uburundi mu gihe yariko arugurura ikiringo c’imiryango yuguruye ku abanyagihugu bashaka kumenya ibikorerwa mu giporisi  kw’igenekerezo rya 29 Ntwarante 2018.Nk’uko yabandanije abimenyesha ngo intumbero nyamukuru y’uwo munsi kwari ukwugururira imiryango abanyagihugu bose bifuza kumenya ivyo bakora, ibisata bihakorera n’aho umuntu uwari we wese yokwitura kugira atunganirizwe neza. Ikindi naco ngo ni ukwerekana ingene ico giporisi cubahiriza agateka ka zina muntu mu matohoza gikora cubahiriza uburenganzira ku muntu uwari we wese. Yabandanije avuga ko ugereranije n’imyidogo y’abantu bamwe bamwe ko hariho ibibagora mu kazi kabo umuntu agapanga imigambi bimwe bikanka ibindi bigakunda. Yaravuze ko bafise ibisata bitandatu bitandukanye kimwe cose cunganira ikindi nico gituma ingorane zidakunda kuba nyishi kubera bafashanya. Ngo bimwe bimwe bikibagora ni nk’impapuro zahora zitangirwa ku murwa mukuru w’igihugu Bujumbura honyene ariko hakaba haratunganijwe intara zitandatu hagati mu gihugu zizotanga izo mpapuro. Ikindi kikibagoye ngo ni abanyagihugu binginga kenshi abaporisi ngo babahe igiturire kugira bashobore gutunganirizwa. Naho bigoye kwanka igiturire Manisha asaba abaporisi kwanka kwakira igiturire kuko amategeko ahana uwugitanze n’uwucakiriye.

Yarongeye aramenyesha ko mu gihe c’amatohoza umuntu wese ataracirwa urubanza aba yera ngo vyiza yokwidegemvya ariko hari aho usanga ari icaha kidasanzwe bagahitamwo kuba baramufunze. Yarongeye aramenyesha ko iyo bariko baragira amatohoza umuntu abazwa ata gukubitwa, ata gutukwa kandi ata n’ugukankamirwa ngo ariko ari igihe abagiye gufatwa bakoze ikibi bashaka kurwanya abaporisi aho naho ngo ntiboreka kubivuna. Ngo iyo bishitse umu porisi agakubita umuntu mu matohoza baca bamukorera dosiye nawe agakurikiranwa.Yaramenyesheje kandi ko hari ababisha  baterefona abantu canke bakababesha mu buryo bwose uwibwe agaca avuga ngo yibwe kandi yahenzwe. Avuga ko abantu boreka guhendwa uwumvise amaterefone nk’ayo agatabaza abaporisi kuko ari ubusuma busigaye bwarwiriye.Abanyagihugu barakwiye kumenya ivyo bafitiye uburenganzira bakongera bakamenya ingene batunganirizwa n’abo bitura mu gisata c’inyamiramabi. Ivyo vyashikirijwe na  Emile Manisha arongoye igisata c’inyamiramabi mu giporisi c’Uburundi mu gihe yariko arugurura ikiringo c’imiryango yuguruye ku abanyagihugu bashaka kumenya ibikorerwa mu giporisi  kw’igenekerezo rya 29 Ntwarante 2018.Nk’uko yabandanije abimenyesha ngo intumbero nyamukuru y’uwo munsi kwari ukwugururira imiryango abanyagihugu bose bifuza kumenya ivyo bakora, ibisata bihakorera n’aho umuntu uwari we wese yokwitura kugira atunganirizwe neza. Ikindi naco ngo ni ukwerekana ingene ico giporisi cubahiriza agateka ka zina muntu mu matohoza gikora cubahiriza uburenganzira ku muntu uwari we wese. Yabandanije avuga ko ugereranije n’imyidogo y’abantu bamwe bamwe ko hariho ibibagora mu kazi kabo umuntu agapanga imigambi bimwe bikanka ibindi bigakunda. Yaravuze ko bafise ibisata bitandatu bitandukanye kimwe cose cunganira ikindi nico gituma ingorane zidakunda kuba nyishi kubera bafashanya. Ngo bimwe bimwe bikibagora ni nk’impapuro zahora zitangirwa ku murwa mukuru w’igihugu Bujumbura honyene ariko hakaba haratunganijwe intara zitandatu hagati mu gihugu zizotanga izo mpapuro. Ikindi kikibagoye ngo ni abanyagihugu binginga kenshi abaporisi ngo babahe igiturire kugira bashobore gutunganirizwa. Naho bigoye kwanka igiturire Manisha asaba abaporisi kwanka kwakira igiturire kuko amategeko ahana uwugitanze n’uwucakiriye. Yarongeye aramenyesha ko mu gihe c’amatohoza umuntu wese ataracirwa urubanza aba yera ngo vyiza yokwidegemvya ariko hari aho usanga ari icaha kidasanzwe bagahitamwo kuba baramufunze. Yarongeye aramenyesha ko iyo bariko baragira amatohoza umuntu abazwa ata gukubitwa, ata gutukwa kandi ata n’ugukankamirwa ngo ariko ari igihe abagiye gufatwa bakoze ikibi bashaka kurwanya abaporisi aho naho ngo ntiboreka kubivuna. Ngo iyo bishitse umu porisi agakubita umuntu mu matohoza baca bamukorera dosiye nawe agakurikiranwa.Yaramenyesheje kandi ko hari ababisha  baterefona abantu canke bakababesha mu buryo bwose uwibwe agaca avuga ngo yibwe kandi yahenzwe. Avuga ko abantu boreka guhendwa uwumvise amaterefone nk’ayo agatabaza abaporisi kuko ari ubusuma busigaye bwarwiriye.

Thérèse Niyonkuru   na 

Népomucène  Nyambariza  ( Uwimenyereza )

 

Ouvrir