Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abarundi 2000 mu bahungiye muri Tanzaniya ngo bazotangura gutahuka ku wa 5 Ndamukiza 2018

 

DZdTKBIWAAALn3QUburundi butegekanya kwakira abarundi bangana n’ 2.000 bazotangura guhunguka bava mu makamabi y’impunzi yo mu gihugu ca Tanzaniya ku ku ndwi kuva muri Ndamukiza 2018 gushika ku wa 31 Kigarama 2018. Ivyo biri mw’itangazo ryasozereye inama igira 20 y’inyabutatu ihuza Uburundi, Tanzaniya n’ishirahamwe  rijejwe impunzi HCR yabaye ku wa 28 Ntwarante 2018 i Bujumbura mw’ihoteri Royal Palace. Aho hose ngo bazotegerezwa gufatira ku munsi mukuru wa Pasika, umunsi mukuru wa Eïd hamwe n’umunsi mukuru wa Noweri.Uburundi butegekanya kwakira abarundi bangana n’ 2.000 bazotangura guhunguka bava mu makamabi y’impunzi yo mu gihugu ca Tanzaniya ku ku ndwi kuva muri Ndamukiza 2018 gushika ku wa 31 Kigarama 2018. Ivyo biri mw’itangazo ryasozereye inama igira 20 y’inyabutatu ihuza Uburundi, Tanzaniya n’ishirahamwe  rijejwe impunzi HCR yabaye ku wa 28 Ntwarante 2018 i Bujumbura mw’ihoteri Royal Palace. Aho hose ngo bazotegerezwa gufatira ku munsi mukuru wa Pasika, umunsi mukuru wa Eïd hamwe n’umunsi mukuru wa Noweri.Iyo nama ikaba yari ihagarikiwe n’umushikiranganji ajejwe intwaro hagati mu gihuguinyigisho zo gukunda igihugu Pascal Barandagiye, uwuserukira igihugu ca Tanzaniya mu Burundi  Rajabu Hassan Gahama hamwe na Gogo Hukportie aserukira ishirahamwe HCR mu Burundi ari nawe yari arongoye intumwa z’iryo shirahamwe.

Ni nabo bashize umukono ku ngingo 13 bumvikanye ko zizoshirwa mu ngiro. Izo mpunzi ngo zizokwakirwa mu mutekano ntangere no mu mateka agenga kiremwa muntu. Ingingo ya kabiri nayo ivuga ko abantu bazohunguka ku gushaka kwabo mbere n’igitigiri c’abahunguka kigashobora kuzokwiyongera. Uwo mugambi rero ngo uzotangura ku wa  5 Ndamukiza  2018, uzobandanye ku ndwi y’uwa 9 gushika ku wa 31 Kigarama 2018. Aho bakazoza mu mice ibiri ku ndwi, umuce wose ukazoba ugizwe n’abantu 1.000. Ubwa gatatu bumvikanye ko mu guhunguka hazoshirwa imbere abantu 19.148 bamaze kwerekana ugusahaka kwabo kwo guhunguka mbere n’ishirahamwe HCR ryamaze kubigenzura. Mu ngingo igira kane naho abahunguka ngo bategerezwa kuzokwakirwa neza, hanyuma abo vyega bose bakazoraba ibintu bishasha bashiramwo mu ntumbero yo gushigikira abahunguka. Ubwa gatanu abo vyega bose kandi ngo bategerezwa gukorana mu ntumbero yo kwakira abahunguka neza. Ishirahamwe HCR n’abo bakorana bategerezwa kuba bafise urukusha rwo kuja ku mbibe za Tanzaniya n’iz’Uburundi mu ntumbero yo kwrorohereza abahunguka. Mu ngingo igira indwi naho bariyemeje guhanahana ibiharuro ku bahunguka badaciye mu nzira zitegekanijwe n’ivyo bakenera hamwe n’ibiharuro ku bahungukanwa biciye muri HCR.  Kubera mu Burundi harangwa amahoro, umutekano mbere n’ivya poritike bikaba vyifashe neza Reta y’Uburundi n’iya Tanzaniya zarumvikanye yuko Reta y’Uburundi igiye guhimiriza abarundi bataranyurwa n’uwo mugambi guhunguka ku gushaka kwabo mbere bakazozana na bamwe mu mpunzi kubereka ukugene amahoro n’umutekano vyifashe mu Burundi kugira bashingire intahe bagenzi babo.   Naho biri uko ishirahamwe HCR ngo ntirizigera rihimiriza impunzi guhunguka. Mu ngingo y’icenda Reta y’Uburundi nayo ntiyemera ibitigiri vy’impunzi z’abarundi bari mu makambi y’impunzi muri Tanzaniya; izokwemera ibitigiri bizova mu guharura umuntu ku wundi. Ubugira cumi basavye amakungu gushigikira abahunguka ku gushaka kwabo mbere n’abanyagihugu baba mu burere buzokwakira abahunguka. Mu ngingo igira cumi nayo basaba ishirahamwe mpuzamakungu  ryitaho ibijanye n’imfungurwa (PAM) gutegekanya ibifungurwa rizoha abahunguka mu kiringo c’amezi 3 bamaze guhunguka. Ubugira 12 ikirangaminsi c’ukugene uwo mugambi uzorangurwa naco kiri mu cegeranyo bakoreyeko. Ingingo ya nyuma ariyo y’i 13 umurwi ujejwe ico gikorwa ngo uzokorana mu ntumbero yo kuraba intambwe bamaze gushikako. Muri iryo tangazo baremeje ko igihugu ca Tanzaniya kimaze kwakira impunzi z’abarundi ibihumbi kuva mu mwaka w’1961. Baremeje kandi ko Tanzaniya ifise impunzi 316.899 harimwo n’abasaba ubwenegihugu, muribo impunzi z’abarundi akaba ari 274.455, abagera 229.781 bakaba bahungiyeyo mu mwaka w’2015. Baremeje kandi ko abahungutse kuva ku wa 7 Nyakanga 2017 gushika ku wa 22 Ntwarante 2018 ku gushaka kwabo babifashijwemwo na HCR n’ayo maret uko ari abiri bangana 20.739 barengeye ibitigiri vyari bitegekanijwe mu nama zaheruka.   

Mu majambo bashikirije barashimye kubona abarundi bashika ibihumbi 21 bamaze guhunguka kuva ku wa 7 Nyakanga 2017 gushika ku wa 22 Ntwarante 2018. Umushikiranganji ajejwe intwaro hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukunda igihugu  Pascal Barandagiye  nawe amenyesheje ko muri iyi myaka ibiri iheze hamaze guhunguka abantu ibihumbi 200.  Imbere yaho abahinga b’intumwa za Tanzaniya, Uburundi  n’ishirahamwe mpuzamakungu HCR  barahuriye mu nama y’inyabutatu ku wa 26 na 27 Ntwarante  2018 i Bujumbura mw’ihoteri Royal Palace nyene mu ntumbero yo kurabira hamwe ibitigiri vy’impunzi z’abarundi bahungiye mu gihugu ca Tanzaniya bashaka gutahuka ku gushaka kwabo. Ico gikorwa kikaba cuguruwe n’umumwunganirizi w’umushikiranganji w’intwaro hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukunda igihugu Thérence Ntahiraja.Yamenyesheje ko intumbero ya bene ivyo bikama ari ukugira impunzi zitahuke ku rugero rushimishije kandi zongere zakirwe neza. Ngo kari akaryo kandi ko gusuzuma ivyo bapfunditse mu nama zabaye ku magenekerezo ya 29 na 30 Myandagaro 2017 i Dar-es-Salam muri Tanzaniya. Aho ni mu gihe ivyapfunditswe muri izo nama vyari bishimishije ku buryo kuva ku w’7 Nyakanga 2017 gushika ubu hamaze guhunguka abarundi bashika 20.700. Ngo hari n’abaje badatahukanywe n’ishirahamwe HCR bashika 180.000 kandi muri benshi bakaba batari banditswe mu bitabu vy’impunzi. Naho biri uko ngo Reta y’Uburundi yarakiriye abahungutse abashika 200.000 muri iyi myaka ibiri iheze.

Epitace Nduwayo

Ouvrir