Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Inama Nkenguzamateka yaremeje amazina y’abagiye gusubirira abandi muri sentare y’ubahiriza Ibwirizwa Shingiro

 

DSbghC 0590Inama Nkenguzamateka yaremeje abantu babiri bagiye gusubirira abahora  muri sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro, hakaba hari kw’igenekerezo rya 27 Ntwarante 2018. Abo bemejwe bakaba ari Léopold Kabura umututsi wo mu ntara ya Makamba akaba yahora  ari icegera ca comiseri w’ikigo kijejwe gutororokanya ama tagisi n’amakori mu Burundi (OBR), na Grégoire Nkeshimana yahora  arongoye urwego rujejwe gutanga impapuro ndangamatongo.Inama Nkenguzamateka yaremeje abantu babiri bagiye gusubirira abahora  muri sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro, hakaba hari kw’igenekerezo rya 27 Ntwarante 2018. Abo bemejwe bakaba ari Léopold Kabura umututsi wo mu ntara ya Makamba akaba yahora  ari icegera ca comiseri w’ikigo kijejwe gutororokanya ama tagisi n’amakori mu Burundi (OBR), na Grégoire Nkeshimana yahora  arongoye urwego rujejwe gutanga impapuro ndangamatongo.Inama Nkenguzamateka ihejeje gusomerwa ikete ryarungitswe n’Umukuru w’igihugu imvo ituma bashiraho abo bantu muri iyo sentare y’ubahiriza Ibwirizwa Shingiro , umushikiranganji w’ubutungane Aimée Laurentine Kanyana yaciye ashikiriza umwidondoro w’abo bagiye kuja muri sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro. Yamenyesheje ko ari ugusubiriza abahahora, umwe akaba yarikuye muri ayo mabanga, uwundi nawe akaba yarasavye akaruhuko. Umushikiranganji akaba yamenyesheje abakenguzamateka ko ubwoko bwubahirijwe neza, kiretse ivyerekeye ibitsina aho harimwo umupfasoni umwe kuri 7 bagize iyo sentare impamvu zabitumye ngo  zikaba ari uko babuze umupfasoni afise uburambe busabwa kugira aje muri iyo sentare. Abakenguzamateka baciye babemeza ; Léopold Kabura akaba yemejwe ku majwi 39 ku 39 ; Grégoire Nkeshimana nawe akaba yemejwe kumajwi 38 ku 39.

Anitha Bizimana

Ouvrir