Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abamenyeshamakuru basabwa kwisunga amategeko abagenga, n’akarangamutima k’umwuga wabo mu bihe vy’amatora

 

DSCfr 0096Abamenyeshamakuru basabwa kwisunga amategeko agenga umwuga wabo ndetse n’akarangamuntu kawo, bakirinda abobahendesha amafaranga n’ibindi mu ntumbero yo kubakoresha amakosa.Abamenyeshamakuru basabwa kwisunga amategeko agenga umwuga wabo ndetse n’akarangamuntu kawo, bakirinda abobahendesha amafaranga n’ibindi mu ntumbero yo kubakoresha amakosa.Izo ni zimwe mu mpanuro umushikiranganji ajejwe amaposita, ibimenyeshamakuru n’ubuhinga bwa none bwo gutumatumanako amakuru, Nestor Bankumukunzi, yatekereye abarongoye ibimenyeshamakuru vyaba ivyigenga canke ibikorera Reta mu nama yabagirishije ku wa 26 Ntwarante 2018, yo guhanahana ivyiyumviro ku kugene bashikiriza amakuru ajanye n’ibikorwa vyo gutegura no gutunganya itora ryo kwemeza canke guhakana integuro y’Ibwirizwa Shingiro rishasha ryo mu mwaka w’2018.Mw’ijambo ry’intangamarara, uwurongoye ubwo bushikiranganji Nestor Bankumukunzi,           yarakengurukiye abari bitavye  iyo nama kuko ngo bagize akigoro kadasanzwe ko kwitaba ubutumire bahawe narirya harimwo abari baje bava hagati mu gihugu.

Yamenyesheje ko ubwa mbere babanje kwumvikana ko bokwemeza bose gukorana mu runani kugira ngo igikorwa c’amatora yimirije kize kigende neza. Abarongoye ibimenyeshamakuru barashimye barongera baremera ico ciyumviro. Baciye rero bumvikana ko boshiraho umurwi urimwo abahinga baserukira ibisata vyose haba abamenyeshamakuru b’amaradiyo, imboneshakure, abakorera ibimenyeshamakuru  hamwe n’abatanga amakuru biciye ku rubuga ngurukanabumenyi. Uwo murwi rero ukaba uzoshirwaho kw’igenekerezo rya 28 Ntwarante 2018. Yamenyesheje kandi ko uwo murwi uzoca uja ku kivi kugira ngo urabe ivyangombwa bikenewe cane cane mu bijanye n’uburyo bw’amafaranga hanyuma ubushikiranganji nabwo buheze burabe ko bikwiye ndetse bwegere abafise ubwo buryo babubasabe gutyo ico gikorwa kigende neza. Ikindi bumvikanyeko ngo ni uko urwego rujejwe kugenzura ingene ibimenyeshamakuru bikora CNC hamwe n’amashirahamwe y’abamenyeshamakuru (ABR) bokorera hamwe mbere bibaye ngomba bakaza barasaba amakuru umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutunganya amatora CENI kugira ngo ico gikorwa kigende neza gusumba. Nestor Bankumukuzi yaravuniye akagohe abari bitavye iyo nama mu kubibutsa ingene ibinyamakuru bikorera mu Burundi vyakoze igihe cose habaye amatora. Abahamagarira gutereza amaso inyuma bakaraba aho vyagenze neza bakahafatirako, aho vyagenze nabi naho bakahaca iruhande kugira ngo bihe iteka bongere bafashe igihugu mu gutunganya ivyo bikorwa mu gihugu hatekanye n’abanyagihugu batekanye. Ivyo navyo ngo arizeye ko bizokunda kuko mu Burundi hari ibimenyamakuru bikwiye kandi bikwiragiye mu gihugu cose. Kanatsinda ngo basanzwe bafise abamenyeshamakuru bakwiye kandi benshi muri bo  hakaba bararonse akaryo ko gukurikirana inyigisho zijanye n’igikorwa co gutanga amakuru ajanye n’amatora. Yasavye ko inyigisho nk’izo zotunganywa batarinze kuzera inze, ku bavuye ahandi, ariko babifashijwemwo n’abazihawe mu myaka iheze mu bihe nk’ibi, hanyuma bakoranye abazoba batowe ngo bafashe gusumba abandi muri ico gikorwa co gukurirana itora ry’Ibwiriza Shingiro uko ririko riragenda. Yarashimiye urwego CNC ko rumaze kuvyiyumvira mbere rukaba ruriko rurarondera n’uburyo bukenewe kugira ngo ico gikorwa gikunde. Yarashimiye kandi urwo rwego kuko rwashizeho ingingo ngenderwako kugira ngo abamenyeshamakuru baze bazisunge igihe cose bazoba bariko barakora amakuru ajanye n’ibihe bazoba bariko barabwira abanyagihugu amakuru y’ingene ibijanye n’Ibwirizwa Shingiro biriko biragenda mu Burundi.Abamenyeshamakuru rero basabwa kugira uruhara mu gutekanya aho hose ashobora gushikana amakuru. Ngo nibamenye kandi ko bategerezwa kwisunga amategeko agenga umwuga wabo. Ngo nta nkeka ko nibabikurikiza ivyo bazokora vyose bizoheza bikagenda neza. Yabasavye kandi ko nihagira akababakiye boheza bakegera urwego CNC co kimwe n’ubushikiranganji kugira ngo bakorane nabo hanyuma batore n’inyushu z’ibibazo vyoba bihari. Nestor Bankumukunzi yarangije ahamagarira abamenyeshamakuru ko bokwirinda abaza ngo baje kubafasha mu kubaha amafaranga mu ntumbero yo kubakoresha amakosa, ibitajanye n’amategeko hamwe n’ibitajanye no gushira imbere ineza y’umunyagihugu uwo ariwe wese. Ivyo navyo ngo bakaba bazobigarukako kenshi mu ntumbero y’uko umwuga wo kumenyesha amakuru wokorwa neza, abamenyeshamakuru batekaniwe n’igihugu cose gitekanijwe n’amakuru n’ibiganiro bishikirizwa n’abamenyeshamakuru.

Gloriose Nshimirimana  na

Alain Ndayisenga (yimenyereza)
              

Ouvrir