Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abakenyezi basabwa kwiijukira ibikorwa vya poritike kugira bashobore guserukirwa ku rugero rushimishije

 

DSC 1808Ibwirizwa Shingiro ryo mu mwaka w’2005 eka n’irigiye kwemezwa kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018 harimwo ingingo zerekana yuko umukenyezi akwiye guseruka no guserukirwa n’imiburiburi ku bice 30% mu nzego zifata ingingo. Abakenyezi bari basavye yuko ibice 30% bahora baronka  vyoduzwa bikaja ku  bice 50% bikongera bigashika  no mu bibanza bidatorwa ni ukuvuga mu bibanza vy’ubuhinga ari naho  hari iserukirwa rike ry’abapfasoni  umuntu yisunze icigwa cakozwe n’ishirahamwe ry’abakenyezi bahungutse (AFRABU) mu mwaka w’2016. Ni muri iyo ntumbero, ikinyamakuru UBUMWE cegereye abarongoye imigambwe bamwe bamwe kugira bagire ico bavuga kw’iseruka n’iserukirwa ry’abakenyezi. Uwurongoye umugambwe w’abadasigana UPRONA, Abel Gashatsi yamenyesheje ko mu mugambwe UPRONA, ikibanza c’abakenyezi bacemera kuko ngo aravye no mu gihugu uwo murwi w’abarundi ni munini cane. Yabandanije amenyesha ko kubona mw’Ibwirizwa Shingiro rigiye gutorwa bagumijemwo ko abakenyezi boseruka bakongera bagaserukirwa ku bice 30% mu nzego zifata ingingo ari  vyiza  naho umugambwe UPRONA wo  wifuza ko ivyo bice vyoduga. Ibwirizwa Shingiro ryo mu mwaka w’2005 eka n’irigiye kwemezwa kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018 harimwo ingingo zerekana yuko umukenyezi akwiye guseruka no guserukirwa n’imiburiburi ku bice 30% mu nzego zifata ingingo. Abakenyezi bari basavye yuko ibice 30% bahora baronka  vyoduzwa bikaja ku  bice 50% bikongera bigashika  no mu bibanza bidatorwa ni ukuvuga mu bibanza vy’ubuhinga ari naho  hari iserukirwa rike ry’abapfasoni  umuntu yisunze icigwa cakozwe n’ishirahamwe ry’abakenyezi bahungutse (AFRABU) mu mwaka w’2016. Ni muri iyo ntumbero, ikinyamakuru UBUMWE cegereye abarongoye imigambwe bamwe bamwe kugira bagire ico bavuga kw’iseruka n’iserukirwa ry’abakenyezi. Uwurongoye umugambwe w’abadasigana UPRONA, Abel Gashatsi yamenyesheje ko mu mugambwe UPRONA, ikibanza c’abakenyezi bacemera kuko ngo aravye no mu gihugu uwo murwi w’abarundi ni munini cane. Yabandanije amenyesha ko kubona mw’Ibwirizwa Shingiro rigiye gutorwa bagumijemwo ko abakenyezi boseruka bakongera bagaserukirwa ku bice 30% mu nzego zifata ingingo ari  vyiza  naho umugambwe UPRONA wo  wifuza ko ivyo bice vyoduga. 


Mu mugambwe UPRONA, ngo ahanini ikibanza umuntu niwe aciha   

Gashatsi aragwa akagaruka, akavuga ko  igikomeye atari uko bovuga ko umukenyezi kanaka ibice vyiwe ari ibi canke biriya kuko mu migambwe ikibanza ahanini umuntu aracironderera. Ngo nico gituma mu mugambwe UPRONA, umukenyezi wo mu ntara canke komine kanaka  ari inkererebutsi ashirwa imbere. Ngo mu mugambwe UPRONA, hariho abakenyezi bafise ubukerebutsi kurusha abashingantahe ariko rimwe rimwe ikibabaje iyo hahamagawe inama usanga abakenyezi ari bake bitavye. Gashatsi yamenyesheje ko abakenyezi bakwiye guhindura ingendo bakijukira poritike nk’abagabo, bagahiganirwa ivyo bibanza kuko bizogora indongozi z’imigambwe ingene zishobora kwiyumvira umukenyezi atigera aboneka mu bikorwa vy’umugambwe. Ngo imbere y’uguharanira ibice 50%, abakenyezi bobanza bakaboneka bakitaba inama n’ibindi bikorwa bitandukanye vy’umugambwe buhorobuhoro rero bazosanga ivyo bibanza aribo bavyihaye. Iyo umuntu ngo atitaba inama z’umugambwe, ntamenya ingene yifata cane cane mu biganiro vya poritike, aguma yikengera. Gashatsi yamenyesheje ko mu biganiro bihamagarwa mu bimenyeshamakuru, iyo umuntu yikoze ku mukenyezi usanga batavyemera kuja guserukira umugambwe, batinya. Kubera iyo ngorane,mu  mugambwe UPRONA ngo bagiye kuja baratunganya inyigisho ku  bakenyezi kugira bamenyere, bubahuke hanyuma  ivyo bibanza baharanira babiharanire bari ku kivi. Gashatsi yasiguye ko mu mugambwe UPRONA batoreka gutwara mu biganiro abakenyezi kuko ari ukubakengera canke ukubakumira hari aho ubona ko umukenyezi naho aba yarize usanga adashobora guharira ku kibazo ca poritike muri ico gihe  abanza kumenyera kugira ashobore guhangana n’abandi banyeporike bo mu yindi migambwe. Ngo gushika ubu nta rugero rushimishije rw’abakenyezi bazi ivya poritike gushika n’aho umugambwe UPRONA wobarungika mubiganiro ivyarivyo vyose ku rugero rumwe n’abashingantahe.


Abakenyezi ngo baseruka kandi baserukiwe ku bice bahabwa n’amategeko 

Mu nzego z’umugambwe UPRONA, Gashatsi yamenyesheje ko umukenyezi afise  ibice bisabwa n’amategeko y’umugambwe n’ay’igihugu.Yabandanije amenyesha ko ashima urugero umugambwe UPRONA ugezeko aravye ingene abakenyezi bawuhurumbira,  aravye kandi  n’ibibanza barimwo kuko ngo ibibanza bikomakomeye vyahawe umugambwe muri iki gihe, vyinshi birimwo abakenyezi. Ngo mu  mugambwe UPRONA baremera ko abakenyezi  bakomeye, ko binjiye ku bwinshi mu mugambwe wotera imbere, mbere ngo  na Rwagasore mu gutsinda amatora yo mu mwaka w’1961, igihugu c’Uburundi cari mu bihugu bike abakenyezi bari barekuriwe gutora ariko yarabiharaniye baratora. Gashatsi yarangije asaba abakenyezi ko bokwijukira poritike bakirinda kwikumira, bakitaba inama n’ibindi bikorwa kuko bafise ubwenge kandi ari benshi. Mu mugambwe (CNDD-FDD abakenyezi baraserukirwa hisunzwe Ibwirizwa Shingiro .Ku bijanye n’iseruka canke iserukirwa ry’abakenyezi mu nzego zifata ingingo, umunyamabanga nshingwa bisata ajejwe gutunganya imihari ikomoka ku mugambwe CNDD-FDD, Sylvestre Ndayizeye yamenyesheje ko Umugambwe CNDD-FDD mu gutanga abawuserukira mu nzego zifata ingingo, ukurikiza amategeko ari mw’Ibwirizwa Shingiro mu guha ibice bisabwa n’amategeko  abakenyezi. Ku bijanye n’uko abakenyezi  bavuga ko ibice bahabwa n’Ibwirizwa Shingiro bidakurikizwa mu bibanza vy’ubuhinga, Ndayizeye  yamenyesheje ko ata vyigwa aragira ariko abona ko abakenyezi bo mu mugambwe CNDD-FDD baserukiwe muri ivyo bibanza. Ndayizeye arashima ukungene abakenyezi bitaba ibikorwa vy’umugambwe nk’inama canke  ibindi. Naho biri uko, hari amabanga amwe amwe usanga atorohera abakenyezi kubera amabanga y’urugo abahamagara, ugasanga nk’iyo buramatari w’intara ari umukenyezi, ntivyoroha  ko ashobora kurangura imirimo ajejwe gushika amasaha yiteye kuko urugo ruramutswa umukenyezi. Ndayizeye yahamagariye abakenyezi kugira umuco wo gukunda igihugu n’umuryango kuko vyose bijana hanyuma abanega babo bakabashigikira.


Mu mugambwe FROLINA baharanira ko ibibanza bigenewe abakenyezi vyoduzwa 
Uwurongoye umugambwe Mbogoraburundi FROLINA, Céline Nshimirimana yamenyesheje ko Ibwirizwa Shingiro ryo mu mwaka w’2005 harimwo ingingo zerekana  yuko umukenyezi akwiye guseruka no guserukirwa n’imiburiburi ku bice 30% mu nzego zifata ingingo ariko vyarabonetse ko bitubahirijwe. Yabandanije amenyesha ko ari naco gituma abakenyezi babandanya basemerera basaba yuko ivyo bice vyorenga kubera abakenyezi aribo benshi kandi biga ku rugero rumwe n’abagabo. 


Abakenyezi ngo bokura amaboko mu mpuzu, bagakora kugira baronke ibice birenga 50%
Nshimirimana ahamagarira abakenyezi kwemerana, bagakora bakaramutswa ijambo, igihugu n’inzego zitandukanye. Kubona abakenyezi bataronse ibice 50% ngo babigizemwo uruhara  kubera batasemereye ngo ijwi rishike. Ku bwa Nshimirimana, ngo naho Ibwirizwa Shingiro ryokwemezwa  kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018, abakenyezi bobandanya basaba guseruka no guserukirwa mu nzego zifata ingingo ku bice birenze 50%.Mukurindira ko ibintu bihinduka, Nshimirimana yateye akamo abafata ingingo ko boza barubahiriza ibice 30% Ibwirizwa Shingiro riha abakenyezi mu nzego zifata ingingo. Nshimirimana yagarutse kandi  kukungene abakenyezi benshi usanga bikumira, bikaboneka ko badashoboye bigatuma baguma inyuma cane cane  mu bijanye n’ivya poritike. Nshimirimana ahamagarira abakenyezi ko bogerageza bakaja hamwe bagakora kugira batware ibice 70% vyahora bitwara abagabo.  Mu mugambwe FROLINA, ngo abakenyezi ntibitaba ibikorwa vy’umugambwe bishemeye kubera hari aho usanga abatambukanyi babo batabaha umwidegemvyo ukwiye. Ngo umunyeporitike ntagira amasaha yo gutaha kubera inama nyinshi, hari aho umukenyezi ataha amasaha yitereye kubera izo nama, ugasanga aciye agiriranira ibibazo n’umugabo wiwe. Ngo abagabo boreka abakenyezi babo bakagira uburenganzira nk’ubwabo bwo kuja mu nzego no mu mashirahamwe atandukanye kugira nabo bashobore kuramutswa ijambo n’igihugu.

 Aline Kanyana                                                                                                                                      

Ouvrir