Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Imyiteguro y’inama igira 20 y’abakuru b’ibihugu vyo muri COMESA igeze ntambwe ishimishije

DSC fg0013Imyiteguro yo gutegura inama igira 20 y’abakuru b’ibihugu bihurikiye mw’ishirahamwe ry’isoko rusangi ry’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko n’ubumanuko (COMESA)  ngo igeze ku ntambwe rushimishije. Aho iyo myiteguro igeze, ngo ubutumire bugenewe  rw’abakuru b’ibihugu n’abatambukanyi babo bwaratanzwe kugira bazokwitabire ibikorwa vy’iyo nama. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe gutegura inama igira 20 y’abakuru b’ibihugu vyo muri COMESA, Zéphyrin Maniratanga, ku wa 28 Ntwarante 2018, inyuma y’aho bari bahejeje kugirana n’inama hakoreshejwe ubuhinga bwa « téléphone conférence » n’umurwi w’abahinga b’iryo shirahamwe bari ku cicaro caryo i Lusaka, mu gihugu ca Zambiya.Imyiteguro yo gutegura inama igira 20 y’abakuru b’ibihugu bihurikiye mw’ishirahamwe ry’isoko rusangi ry’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko n’ubumanuko (COMESA)  ngo igeze ku ntambwe rushimishije. Aho iyo myiteguro igeze, ngo ubutumire bugenewe  rw’abakuru b’ibihugu n’abatambukanyi babo bwaratanzwe kugira bazokwitabire ibikorwa vy’iyo nama. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe gutegura inama igira 20 y’abakuru b’ibihugu vyo muri COMESA, Zéphyrin Maniratanga, ku wa 28 Ntwarante 2018, inyuma y’aho bari bahejeje kugirana n’inama hakoreshejwe ubuhinga bwa « téléphone conférence » n’umurwi w’abahinga b’iryo shirahamwe bari ku cicaro caryo i Lusaka, mu gihugu ca Zambiya.

Nk’uko umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe gutegura iyo nama, Zéphyrin Maniratanga yabandanije abishikiriza, ngo iyo nama yari ifise intumbero yo kurabira hamwe aho imyiteguro igeze ijanye no gutegura inama igira 20 y’abakuru b’ibihugu vyo muri COMESA. Muri iyo myiteguro, ahanini rero ngo barabira hamwe ivyihutirwa boherako. Ivyo navyo ngo bijanye no gutegura ubutumire bwo ku rwego rw’Umukuru w’igihugu, umutambukanyi, ubw’abashikiranganji b’imigenderanire hamwe n’abajejwe ubudandaji ku gihugu cose gishimikiye mw’isoko rusangi COMESA. Icibonekeje muri iyo nama, ngo ni uko hari intambwe ishimishije bamaze kugerako, aho ubutumire bwo ku rwego rw’Umukuru w’igihugu n’umutambukanyi ku gihugu cose mu buhurikiye muri COMESA bumaze gutangwa kugira bazokwitabire ibikorwa vy’iyo nama. Vyongeye, ngo bararabiye hamwe ibijanye n’amatariki, aho iyo nama igira 20 itegekanijwe ku wa mbere Ruheshi gushika ku wa 10 Ruheshi 2018. Ariko rero, hagati y’ayo magenekerezo, hari ibindi bikorwa bitegekanijwe, aho akavuga inama z’abarwizatunga, abashikiranganji b’ububudandaji, imigenderanire, inama y’abatambukanyi b’abakuru b’ibihugu hamwe n’iy’abakuru b’ibihugu.Izo zibiri za nyuma, ni ukuvuga iy’abatambukanyi b’abakuru b’ibihugu n’iy’abakuru b’ibihugu zitegekanijwe ku magenekerezo ya 9 na 10 Ruheshi 2018. Muri iyo nama, ngo gishasha bavuganye ni uko inama y’abashikiranagnji b’imigenderanire yari itegekanijwe kumara umusi umwe, izomara imisi ibiri, ikaba itegekanijwe ku magenekerezo ya 7 na 8 Ruheshi 2018. Ku bijanye n’ibimenyeshamakuru, ngo bararabiye hamwe ukuntu vyofasha kumenyekanisha iyo nama, n’igihe vyotangura ico gikorwa.Ku bijanye no kuronsa uruhusha rwo kwinjira mu gihugu « visa » ngo abantu bose bazokwitaba ibikorwa vy’iyo nama, ngo nk’uko bisanzwe biri mu masezerano agenga uwo muryango baruronswa ata ngorane biteye. Iyo murekarengane ituma umuntu akeneye kwiyunguruza ava mu gihugu aja mu kindi ashobora kugura itike y’indege. Umushikiranganji w’umutekano yarandikiye amashirahamwe adandaza amatike y’indege ko umuntu wese azoba aje mu bikorwa vy’inama igira 20 y’abakuru b’ibihugu izobera mu Burundi ata ngorane vyotera. Mu ntumbero yo guhanahana amakuru vyoroshe ku bijanye n’imyiteguro, ngo baruguruye urubuga ngurukanabumenyi rucako amakuru y’aho imyiteguro igeze yo gutegura iyo nama, aho hari n’abamaze gutangura kwiyandikisha ko bazoyitaba. Vyongeye, kugira iyo nama izokwitabwe n’ibisata bitandukanye, ngo amashirahamwe  atandukanye yaba ay’abarwizatunga, ayunguruza abantu n’indege ziza mu Burundi, ayo gutegekaniriza impanuka, amabanki, n’abandi ngo barahimirijwe kugira baze kwiyandikisha, yongere aterere umwe wese mu buryo ashoboye. Nino muri iyo ntumbero yo gushigikira ibikorwa vy’iyo nama, ishirahamwe ryunguruza abantu mu ndege « Ethiopian airlines » ryemeye kugabanya ibiciro vy’itike y’indege ku rugero rw’ibice 15%  kuri abo bose bazokwitaba iyo nama igira 20 y’abakuru b’ibihugu vyo muri COMESA.Ku bijanye no kwitaho abashitsi “protocole”, ngo amazina y’abazoba bajejwe igihugu ku kindi yaratanzwe. Iyindi nama yo kurabira hamwe iyo myiteguro itegekanijwe ku wa 23 Ndamukiza 2018, igihe c’isaha umunani n’igice. 

Déo Misigaro

                                                                              

Ouvrir