Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umukenyezi ngo akwiye kwiyumva ko ari umuntu w’agaciro

 

DSC900kuKw’igenekerezo rya 27 Ntwarante 2018 umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi Denise NKURUNZIZA  ashigikiwe n’Umukuru w’igisagara ca Bujumbura,umushikiranganji w’amagara y’abantu,uw’indero hamwe n’uwubutungane   yarakoranije abakenyezi  bo mu gisagara ca Bujumbura  bari mw’idini rya  Isiramu mu kigo ndangamico c’aba Isiramu i Bujumbura aho yabigishije ku bijanye n’inyifato nziza ibereye umukenyezi,kwijukira kuja mu mashure, kwitaho indero y’abana n’ amagara yabo afatiye kw’irondoka rijanye n’amagara meza.Kw’igenekerezo rya 27 Ntwarante 2018 umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi Denise NKURUNZIZA  ashigikiwe n’Umukuru w’igisagara ca Bujumbura,umushikiranganji w’amagara y’abantu,uw’indero hamwe n’uwubutungane   yarakoranije abakenyezi  bo mu gisagara ca Bujumbura  bari mw’idini rya  Isiramu mu kigo ndangamico c’aba Isiramu i Bujumbura aho yabigishije ku bijanye n’inyifato nziza ibereye umukenyezi,kwijukira kuja mu mashure, kwitaho indero y’abana n’ amagara yabo afatiye kw’irondoka rijanye n’amagara meza.Muri ico kiganiro Denise NKURUNZIZA  yatanguye abamenyesha ko umukenyezi ari umuntu w’agaciro  n’igihe boba bari mu  bihe bigoye batokwigera bicuza ico babereye abakenyezi ahubwo bamenye ico bamaze mu muryango no mu gihugu.

Umukenyezi ngo ni kirumara n’ikimenyamenya ngo   yitwa umufasha.Uwo nawe  ni uwufasha uwutifashije, nico gituma iyo umukenyezi agiye kwubaka urugo abwirizwa kujana  inguvu nyinshi zisumba iz’ uwo agiye gufasha ariko ngo si inguvu z’umubiri ahubwo ni inkomezi ziva ku Mana.Umukenyezi ngo  ateregezwa gutunganya neza urugo rwiwe akubaha umugabo, agaha  indero nziza abana kuko indero y’umwana ibazwa nyina .Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu yarasavye ashimitse abakenyezi bo mw’idini  kurandurana n’imizi amacakubiri mu bana ngo bareke kuyabonsa kuko ivyo umwana yonse nivyo azokora amaze gukura, yabamenyesheje  ko vyazanywe  n’abakoroni kugira bacanishemwo bene Burundi batewe iteka ryo kuvuga ururimi rumwe bakagira n’urukoba rumwe .Ivyo bikagaragaza ko turi bamwe agereranije no mu bindi bihugu aho  usanga  intara yose ifise ururimi rwayo.Yabandanije abasaba kuba abakenyezi b’urukundo barera impfuvyi,bakira abashitsi bagafasha uwo wese abituye.Denise NKURUNZIZA  yahamagariye abakenyezi n’abigeme   b’aba Islam kwijukira amashure n’ukwiga indimi  kuko ariyo nzira y’iterambere , bareke kuyacira hagati ngo baje kwubaka. Yahimirije  abayaciriye hagati bose ko bosubirayo bakabandanya kuko ariho  bazoshobora kuronka ibibanza bikomeye mu ntwaro canke mu mashirahamwe yigenga, abasaba kandi  kudasubira kwikumira kuko iyo bahamagaye abaja gukora akazi ata na rimwe  bavuga ko aba isiramu batarimwo.Yongera  agirako abasaba guhagarika ingendo yo kurungika abana b’abigeme  mu bihugu  vy’abarabu nka omani  kuko basanze benshi  mu bagenda bari mw’idini ry’aba Isiramu.N’aho biri uko, yarabashimiye ukuntu bitanga mu kurangura  ibikorwa bitandukanye  vy’iterambere ariko abasaba ko boheba ibidandazwa biciye mu kinyegerobakanezerererwa gutanga amakori mbere bagaterera n’amatora yimirije. Ikindi umutambukanyi w’umukuru w’igihugu  yashimikiyeko ni ukwitwararika amagara yabo mu kwirinda indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka nka Sida,kujojota  n’izindi.Ivyo navyo bigashoboka bavavanuye n’ubusambanyi,kuja kurongorwa bakiri bato no kuvyara  intahekana.

Yarangije inyigisho ababaza uko bakiriye itegeko risaba abagabo b’aba Isiramu kwandikisha umugore umwe bifuza  kuko  imbere  y’uko baba aba Isiramu ari abanyagihugu amategeko y’igihugu nayo araba  uwukibamwo wese. Ariko  yarabaremesheje ababwira  ko amategeko atomoye neza kandi hashizweho ikigo kizobikurikirana.Umushikiranganji w’indero  Janvière Ndirahisha arongoye n’ihuriro ry’abakenyezi mu Burundi  yarashikirije ijambo  aho yamenyesheje ko yashimye cane ubutumire kuko yahora avyifuza  kuko ihuriro ry’abakenyezi arongoye harimwo n’abakenyezi b’aba isiramu.Ico yabasavye akaba ari uko boreka abana bakaja mu mashure kandi bakareka kuyacira hagati kuko ibitigiri vy’abaheba amashure basanze  benshi ari abakobwa b’aba Isiramu.Bamwe mu bakenyezi bari bitavye ivyo biganiro bararonse akanye ko guserura ikiri ku mutima mbere barashikiriza  n’ibibazo vyoba bibabakiye, aho babajije  ku bijanye n’uko abakenyezi n’abakobwa  baba Isiramu batakironswa igitabu  c’inzira (passeport)  n’igituma Reta y’Uburundi yafashe ingingo yo kubatandukanya n’abagabo babo kandi baravyaranye abana.Ico kibazo kikaba  cishuwe n’umushikiranganji w’ubutungane Aimée Laurentine Kanyana  yabamenyesheje  ko batabima ako gatabu k’inzira (passeport)kuko ari aba Isiramu ahubwo  ko umuntu wese babona ivyo ashikirije bimutumye arondera ako gatabu bidatomoye baheza bakabangira bakavyiga.Ivyo rero ngo babikora  mu ntumbero yo gukingira abana b’igihugu.Yaciye abasaba ko bobwira abo babaronderera akazi  ko boca mu nzira zizwi igihugu c’Uburundi kikagirana amasezerano n’igihuguico arico cose  cifuza abakozi ku buryo mu gihe uwo barungitse agize ingorane bazomenya uwo babibaza.Yaciye agirako yishura ikijanye no kwandikisha umugore umwe ko bategerezwa gukurikiza amategeko y’igihugu,ko ata mwana wabo bosubira kwemerera kuja ku mugabo afise uwundi mugore.Ibiganiro vyasozerewe mu munezero ntangere aho baciye bashikiriza  umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu Denise NKURUNZIZA  ingabire y’inyana y’inka bise « Rukundo » ikimenyetso c’uko bamushimiye ko yabakunze  yabaye umutambukanyi wa mbere w’Umukuru w’igihugu yiyumviriye kubagendera kuko ngo aho hambere hahise bafatwa nk’abantu batazwi umenga ni abanyamahanga baca bamusaba ko nimiburi buri yoja arabagendera gatatu  mu mwaka. 

Josélyne Ndayegamiye                                                            

Ouvrir