Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Urwaruka rusabwa gutegura kazoza karwo keza rugifise inguvu zo gukora

xsdszzMu ntumbero yo guhimiriza urwaruka rw’abigeme biga kugirango bige bategura kazoza keza, ku wa 2 Ntwarante 2018, umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu, Denise NKURUNZIZA yaragendeye ishure ryisumbuye ry’i Busiga , mu ntara ya Ngozi, aho yabatekereye impanuro za kivyeyi abasaba kuba abigeme b’akarorero barangwa n’indero runtu.Mu ntumbero yo guhimiriza urwaruka rw’abigeme biga kugirango bige bategura kazoza keza, ku wa 2 Ntwarante 2018, umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu, Denise NKURUNZIZA yaragendeye ishure ryisumbuye ry’i Busiga , mu ntara ya Ngozi, aho yabatekereye impanuro za kivyeyi abasaba kuba abigeme b’akarorero barangwa n’indero runtu.Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu, akaba yaramenyesheje urwo rwaruka rwo kw’ishure ryisumbuye ry’i Busiga ko ijambo nyamukuru yabazaniye ari « Kazoza kawe keza kari mu maboko yawe ». Yabamenyesheje ko yipfuza ko baba abakobwa b’akarorero, b’indero nziza bazovamwo ikintu gikomeye, bakavamwo abarongozi mu gihugu. Ngo yipfuza ko urwo rwaruka ruba urwaruka ruzi kwitunganiriza kazoza keza rukongera rukagatunganiriza n’abandi. Yaramenyesheje ko umuntu yitegereje urwaruka uno munsi ashobora kubona ingene muri kazoza ruzoba rumeze. 

Ngo urwaruka rwokwibaza ico vyorumarira igihe rwokwiga amashure ariko  imbere yarwo hakaba kazoza kabi, nk’uwaraye maso yiga hanyuma agatwara inda canke akarwara indwara zidakira bivuye ku busambanyi. Yarabibukije ko abavyeyi babo babashira kw’ishure, bakabitaho mu kubaronsa ibishoboka vyose kugirango baze baronke kazoza keza. Muri ico gihe rero ngo iyo uwo munyeshure atigenjeje neza ngo amenye ico ariko ararondera, agaheza agatwara inda  canke akitesha kazoza keza kubera ibi canke biriya ngo abavyeyi baba bahomvye vyinshi. Ngo abavyeyi babo babashira mw’ishure kugirango bamaze kuronka kazoza keza nabo mu nyuma bagaruke kubafasha iyo bariko baragera mu zabukuru.  Kugirango ivyo babishikeko, Denise NKURUNZIZA yabasavye kugira ico bakoze kugirango bazobone kazoza keza. Muri ivyo harimwo kugira ivyiyumviro vyiza gutyo bagire ico batumbereye imbere yabo, kureka kuba abanebwe ngo hambavu y’ivyigwa vyo mw’ishure bagume barondera mu gusoma ibitabu, kuja kuri bwa buhinga ngurukanabumenyi gutyo ngo bagire umwete wo kurondera, arivyo bizotuma bagira kazoza keza kuko baba bafise ico bariko barakurikira. Ikindi naco ngo bovavanura n’ico cose cotuma bareka gushikira kazoza keza baba abagenzi babi, guhahamukira ibihendamaso n’ibindi. Ica nyuma ngo ni uko bosenga, bagasaba Imana ikabashoboza kandi bayizeye gutyo ngo ivyo bazosaba bazobibona bishika igihe kigeze.Mw’ijambo ryiwe ry’ikaze, umuhanuzi mukuru wa buramatari w’intara ya Ngozi , yari  yamuserukiye, Dieudonné Hiboneye yabanje gushimira umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu kuko atari ubwa mbere yabagendeye kandi akagenda abashiriye agakemanyi k’inyigisho kugirango bahindure ingendo, bubake neza igihugu cabo c’Uburundi. Ngo izo nyigisho rero zerekeye indongozi, irondoka rijanye n’amagara meza hamwe n’ubwenge ngo azironsa abato n’abakuru.

Dieudonné Hiboneye yamenyesheje ko izo nyigisho zihambaye cane aca asaba urwaruka kumutega amatwi, kuziyumvirako hamwe no kuzisangira n’abandi batashoboye kuhashika.Uwurongoye inyigisho mu ntara ya Ngozi, Désiré Nitonde nawe yaramenyesheje ko indero y’urwaruka ari kimwe mu bibaraje ishinga. Ku bw’ivyo ngo baragerageza kwegera urwaruka bakaruronsa indero-bwenge, indero runtu ndetse n’indero rukritsu kuri iryo shure ryisumbuye ry’i Busiga na cane cane ko risanzwe ngo ari iry’abihebeye Imana. Hambavu y’ivyo ngo barabereka inyifato bogira imbere y’abo badasangiye igitsina kugirango ntibandure indwara zidakira canke ngo batware imbanyi hataragera n’ibindi. Désiré Nitonde yamenyesheje ko izo nyigisho zibafitiye akamaro kuko ngo bihweje ibitigiri vy’abigeme batwara imbanyi bigenda biragabanuka umuntu aravye imyaka 3 y’amahure iheze.Hambavu y’izo nyigisho, Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu, Denise NKURUNZIZA yaratanze imfashanyo kuri iryo shure igizwe n’itoni 2,8 z’umuceri hamwe n’amakarato y’amata  bita « Natura ».

Estella Niyongere

 

Ouvrir