Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Prezida NKURUNZIZA yararanguye ibikorwa bitandukanye mu ntara ya Ngozi

mamamaKu munsi wa gatandatu,igenekerezo rya 3 Ntwarante 2018, Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yararanguye ibikorwa bitandukanye mu makomine ya Ngozi, Mwumba na Gasikanwa.Ku munsi wa gatandatu,igenekerezo rya 3 Ntwarante 2018, Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yararanguye ibikorwa bitandukanye mu makomine ya Ngozi, Mwumba na Gasikanwa. Ibikorwa vy’uwo munsi, Prezida NKURUNZIZA akaba yabitanguriye ku mutumba Kinyami, muri komine n’intara ya Ngozi, aho yifadikanije n’abanyagihugu mu bikorwa rusangi aho bariko bubaka ishure ryisumbuye ry’akarorero ryigisha imyuga. Avuye ngaho yaciye aja mu Vyegwa vy’Imana aho yifadikanije n’abanyagihugu mu bikorwa vyo kwubaka ingazi z’ubwugamo ku kibuga c’umupira w’amaguru co mu Vyega muri   komine Mwumba, intara ya Ngozi.

Inyuma yaho  yarongeye arifadikanya n’abanyagihugu mu kwubaka ibiro bikuru vya komiseri w’isoko biri mw’isoko ya vyegwa, muri komine Mwumba nyene. Abahurikiye mw’ishirahamwe ry’abadandaza bo mw’isoko rya Vyegwa bakaba  basavye Prezida NKURUNZIZA ko yobaronderera abahinga babakarihiriza ubwenge mu bijanye n’umwuga wabo wo kudandaza . Buramatari w’intara ya Ngozi,Albert Nduwimana nawe akaba yamenyesheje ko intara yabo itekanye akaba ari naco gituma abadandaza bari ku kivi.Uwaserukiye abadandaza bo muri iyo soko yo mu Vyegwa, Nazaire Binamungu yarashimiye Umukuru w’igihugu yahishikiye, akaraba ingene bariko barakora .Ngo baritunganiriza amakoperative 15 ata mfashanyo y’abanyamahanga baronse, ngo ninavyo bibatera intege.Ngo bakaba barubatse ibibanza birenga 50 kandi bakaba bariko barategura aho imodoka zizohagarara “parking”. Yarasavye kandi Umukuru w’igihugu ko yobaha abahinga babakahiriza ubwenge mu bijanye n’umwuga wo kudandaza. Abo badandaza bakaba baciye bagabira Umukuru w’igihugu inka zibiri :Turashoboye hamwe na Mugwiza. Prezida NKURUNZIZA akaba yarashimiye abadandaza bagiye hamwe bagakora. Yaciye abemerera ko azobaronsa abo bahinga bamusavye.Imbere yaho Prezida NKURUNZIZA ari kumwe n’umutambukanyi wiwe bararanguye ibikorwa bitandukanye mu mirima yabo iri ku mutumba Rutanga, komine Gashikanwa. Bakaba batanguye gusarura ibigori mu nyuma naho bateragira imbuto z’ibiharage, ibigori hamwe n’ibiraya mu mirima yabo.                                                                                    

Thérèse Niyonkuru

 

Ouvrir