Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ibihugu bifise ingabo zifasha kugarukana umutekano muri Somariya bisaba ko zose zofatwa kumwe

 

DSClkoi 0572Ibihugu vyarungitse ingabo zavyo mu nteko za AMISOM gufasha kuragukana umutekano mu gihugu ca Somariya bisaba ko izo ngabo zose zofatwa kumwe ata kuvangura mu bijanye n’uburyo hamwe n’amategeko azigenga.Ivyo ni bimwe mu vyavugiwe mu nama yahuje abakuru b’ibihugu bifasha kugarukana umutekano mu gihugu ca Somariya yabereye mu gihugu c’Ubuganda ku wa 2 Ntwarante 2018, nk’uko vyashikirijwe  n’Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo  ku wa 3 Ntwarante 2018, ku kibuga c’indege ca Bujumbura, igihe yari aganutse avuye mu gihugu c’Ubuganda aho yari yaserukiye Uburundi. 

Ibihugu vyarungitse ingabo zavyo mu nteko za AMISOM gufasha kuragukana umutekano mu gihugu ca Somariya bisaba ko izo ngabo zose zofatwa kumwe ata kuvangura mu bijanye n’uburyo hamwe n’amategeko azigenga.Ivyo ni bimwe mu vyavugiwe mu nama yahuje abakuru b’ibihugu bifasha kugarukana umutekano mu gihugu ca Somariya yabereye mu gihugu c’Ubuganda ku wa 2 Ntwarante 2018, nk’uko vyashikirijwe  n’Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo  ku wa 3 Ntwarante 2018, ku kibuga c’indege ca Bujumbura, igihe yari aganutse avuye mu gihugu c’Ubuganda aho yari yaserukiye Uburundi. Nk’uko yabimenyesheje, ngo muri iyo nama bize ikibazo co kuraba ikurikizwa ry’ingingo y’2372 y’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ivuga ko bogabanya ingabo ziri muri Somariya, ndetse ko bogabanya abandi kuko ngo mu mwaka uheze  w’2017, bagabanije abashika 1000. Kuri iyo ngingo rero ngo abakuru b’ibihugu bafashe ingingo yuko ata musirikare n’umwe bosubira kugabanya kuko bagabanije bitera umutekano muke ku basirikare baba basanzwe bariyo mbere n’ico gihugu ca Somariya kigahungabana, kandi ngo iyo ngingo yafashwe yari ishigikiwe n’igihugu c’Uburundi. Ikindi naco, ngo bivanye n’uko Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ryari ryaremeye ko rizofasha mu gutanga ibikoresho harimwo na za kajugujugu, ingabo zose zigafatwa kumwe, kandi ngo bari baremeranije ko ibikoresho vyose bizokoreshwa,nayo ibizoba vyononekaye bikazosubirizwa, basavye ko ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika (U.A.) ko ryofashanya n’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU kugirango barabe ibishoboka vyose kugirango barondere uburyo ivyo bintu bishirwa mu buryo. Ikindi naco bumvikanye ni uko babonye ko ingabo ziri muri Somariya zidakorera ku mategeko amwe zikongera zikaba  zidafise ibikoresko bimwe, ku buryo habaye isanganya kugira ngo baje gutabara bifata umwanya muremure.

Ngo abari muri iyo nama bakaba baciye basaba ko ingabo zose zoronswa kajugujugu. Ku vyerekeye ko abasirikare b’Uburundi bari bavuye i Mogadiscio bahuye n’abansi hagapfa abasirikare batatu, barahojeje imiryango yabo, ivyo kandi ngo vyavuye ku kuntu ingabo z’Uburundi zitari zabimenye kuko batari bafise vyabikoresho biguruka bitagira uwubigendesha  bita drône. Ariko rero ngo basavye ko ingabo z’Uburundi zose n’abandi bose bari muri ico gihugu boronswa uburyo bungana harimwo ayo ma « drône » abafasha kuronka inkuru hakiri kare kugira ngo zishobore gucungera umutekano. Kandi ivyo ngo izo ngorane bahura ntizishobora kubaca inkokora kuko bazi ko icabajanye ari ukugarukana amahoro n’umutekano, ngo rero ntibosiga igihugu ca  Somariya kidatunganijwe neza.

Evelyne Niyonzima

Ouvrir