Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu Nama Nshingamateka: Integuro y’ibwirizwa rigenga imiti yica udukoko twonona ibiterwa yaremejwe

DSC cde1312Ku wa 7 Ntwarante 2018, integuro y’ibwirizwa rigenga imiti yica udukoko twonona ibiterwa n’udutera ibitungwa bimwe bimwe yarizwe irongera iratorwa n’Inama Nshingamateka ku majwi 93 kuri 93, ni ukuvuga abashingamateka 83 bari bahari hamwe na 10 bari batumye. Akunguko iyo nteguro y’ibwirizwa izanye ngo ni uko itegeko ngenderwako ryagenga ico gisata ryari iryo mu mwaka w’2002, bikaba vyari ngombwa ko iryo tegeko rihinyanyurwa kugira rijane n’ibihe. Ibikorwa vy’Inama Nshingamateka vyari birongowe n’umukuru wayo, Pascal Nyabenda, aho bari batumiye umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi, Déo Guide Rurema kugira atange imvo n’imvano yatumye Reta y’Uburundi irungika iyo nteguro y’ibwirizwa kugira yigwe yongere yemezwe.Ku wa 7 Ntwarante 2018, integuro y’ibwirizwa rigenga imiti yica udukoko twonona ibiterwa n’udutera ibitungwa bimwe bimwe yarizwe irongera iratorwa n’Inama Nshingamateka ku majwi 93 kuri 93, ni ukuvuga abashingamateka 83 bari bahari hamwe na 10 bari batumye. Akunguko iyo nteguro y’ibwirizwa izanye ngo ni uko itegeko ngenderwako ryagenga ico gisata ryari iryo mu mwaka w’2002, bikaba vyari ngombwa ko iryo tegeko rihinyanyurwa kugira rijane n’ibihe. Ibikorwa vy’Inama Nshingamateka vyari birongowe n’umukuru wayo, Pascal Nyabenda, aho bari batumiye umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi, Déo Guide Rurema kugira atange imvo n’imvano yatumye Reta y’Uburundi irungika iyo nteguro y’ibwirizwa kugira yigwe yongere yemezwe.Nk’uko umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi, yatanguye abishikiriza, ngo abahinga n’amashirahamwe mpuzamakungu atari make barerekanye ko uburyo bubereye bwotuma haboneka imiti ikwiye, yodandazwa ikanakoreshwa neza kugira harwizwe umwimbu hatabaye kubangamira amagara y’abantu, ari uko ama Reta yose yoshiraho amategeko abereye agenga iyo miti, hakanashirwaho n’inzego zijejwe gushira mu ngiro ayo mategeko.Vyongeye, ngo mu mategeko mpuzamakungu n’ay’ibihugu agenga urudandazwa n’ikoreshwa ry’imiti yagiye arahinduka cane muri iyi myaka 20 iheze. Itegeko ngenderwako mpuzamakungu rigenga urudandazwa n’ikoreshwa ry’imiti, ryemejwe mu mwaka w’1985 n’inama igira 23 y’urwego nshingwantwaro rw’ishirahamwe riraba imfungurwa n’uburimyi kw’isi FAO, ryashinzwe kugira hatangwe intumbero ngenderwako kuri abo bose bakorera muri ico gisata, ariko na cane cane ama Reta hamwe n’amahinguriro y’iyo miti. Kuva mu mwaka w’1985, iryo tegeko ngenderwako ryasubiwemwo mu mwaka w’1989 hanyuma rihinyanyurwa mu mwaka w’2002.


Iyo nteguro y’ibwirizwa ije kwisunga ayandi mategeko mpuzamakungu
Kuva mu mwaka w’1985, ayandi mategeko mpuzamakungu menshi araba ibijanye n’imiti canke itunganywa ryayo yagiye arashirwa mu ngiro. Amakuru makuru muri ayo akavuga nk’amasezerano y’i Rotterdam araba ibuzwa ry’idandazwa n’ikoreshwa ry’imiti ifise ubumara burengeje n’ubundi bumara bukoreshwa mu mahinguriro, amasezerano mpuzamakungu ya Stockholm araba ibijanye no kurwanya ubumara buhumanya butadonoka, amasezerano ya Bâle agenga uruja n’uruza rw’imyanda ifise ubumara hagati y’ibihugu, hakaba n’ayandi nk’amasezerano ya Montréal araba ivy’ubumara bwonona igisenge c’isi ca Ozone, n’ayandi. Iyo nteguro y’ibwirizwa rishasha rijanye n’itunganywa n’ikoreshwa ry’imiti rizofasha gushira mu mategeko y’Uburundi ingingo nkoramutima dusanga mu mategeko mpuzamakungu igihugu cateyeko umukono. Mu bibazo vyabajijwe n’abashingamateka, barashatse kumenya ingaruka iyo miti igira ku tundi dukoko nk’inzuki, aho bivugwa ko zidashe aho bapomfye iyo miti bituma ubuki bwazo buta akanovera. Kuri ico kibazo, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi yamenyesheje ko hariho imiti iyo bayipomfye ijaniranya udukoko twose twaba utwonona ibiterwa n’utundi twose harimwo n’inzuki. Abegetsi, ngo babagira inama yo kujana imizinga yabo ku miciro y’amashamba, kugira inzuki zishobore kudaha ahatari iyo miti. Mu bindi bibazo vyabajijwe, abashingamateka barasavye ko hojaho ububiko bw’imiti nk’iyo bwamaho kugira igihe cose habonetse udukoko twonona ibiterwa bashobore kwikora kuri iyo miti bitagoranye. Kuri uwo mwitwarariko w’abashingamateka, Déo Guide Rurema yamenyesheje ko kuva mu mwaka uheze,w’2017 ngo harashizweho ububiko bwamaho bwa mwene iyo miti, ndetse ngo n’uko Reta yoshiramwo uburyo kugira iyo miti ishikire abarimyi ku giciro kitavuna nk’uko bikorwa ku mwavu w’ikizungu n’imbuto zirobanuye. Mu ntumbero yo gukingira amagara y’abanyagihugu, abashingamateka barasaba ko birya bikoresho biba vyavuyemwo iyo miti bitosubira kugurishwa ku masoko, aho bakavuga ibibido, n’ibindi. Aho umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi yasiguye ko iyo nteguro y’ibwirizwa ije gutunganya gushasha ibijanye n’imiti yica udukoko tw’ibiterwa n’ibitungwa bimwe bimwe ngo rije gutorera inyishu ivyo bibazo vyose, ndetse n’abarundi bahimirizwe  ku ngaruka mbi ivyo bikoresho bishobora gutera ku magara y’abantu. Icegera ca kabiri c’umukuru w’Inama Nshingamateka yarashatse kumenya aho igikorwa co kuronsa abarimyi umwavu w’ikizungu kigeze, kuri ico kibazo, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi yamenyesheje ko uwo mwavu wamaze gushika mu ntara zose. Uwo mwavu w’ikizungu, ngo uriko uratangwa uzokoreshwa mu gihe c’irima ry’impeshi hamwe n’igihe c’irima c’ici. Kubona iyo fumbire isa n’iyatevye, ahanini ngo vyatumwe n’uko igihugu ca Tanzaniya cari cafashe ingingo yuko ata fumbire izosubira gusohoka igihugu, nico gituma vyafashe umwanya kugira Uburundi busabe uwo mwavu woza mu Burundi. 

 Déo Misigaro                                                                                                    

 

Ouvrir