Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abakozi b’iyandikiro ry’ibinyamakuru vya Reta barashimirwa ku mwimbu wabo mwiza

DmmoSC00900Abakozi b’iyandikiro ry’ibinyamakuru  vya Reta (PPB) barashimirwa ku mwimbu wabo mwiza, umuntu arabiye ku binyamakuru basohora nka « Le Renouveau » candikwa mu rurimi rw’igifaransa kigasohoka  ku munsi ku munsi  kidasivye na rimwe hamwe n’  UBUMWE » candikwa mu rurimi rw’ikirundi kigasohoka rimwe mu ndwi naco nyene kidasivye na rimwe kubera abamenyeshamakuru n’abandi bakozi bo mu bisata bitandukanye bigize ubuyobozi bukuru bw’iyandikiro ry’ibunyamakuru vya Reta bakora bashize hamwe.  Ivyo bikaba vyamenyeshejwe n’umuyobozi mukuru w’iyandikiro ry’ibinyamakuru vya Reta (PPB), Louis Kamwenubusa mu nama yabagirishije ku wa 9 Ntwarante 2018.

Akaba yaharonkeye n’akaryo ko kubamenyesha ko n’ubushikiranganji bakukira bushimishwa n’ibikorwa barangura,mbere bukanabatera intege  ngo bongereze inguvu. Abakozi b’iyandikiro ry’ibinyamakuru  vya Reta (PPB) barashimirwa ku mwimbu wabo mwiza, umuntu arabiye ku binyamakuru basohora nka « Le Renouveau » candikwa mu rurimi rw’igifaransa kigasohoka  ku munsi ku munsi  kidasivye na rimwe hamwe n’  UBUMWE » candikwa mu rurimi rw’ikirundi kigasohoka rimwe mu ndwi naco nyene kidasivye na rimwe kubera abamenyeshamakuru n’abandi bakozi bo mu bisata bitandukanye bigize ubuyobozi bukuru bw’iyandikiro ry’ibunyamakuru vya Reta bakora bashize hamwe.  Ivyo bikaba vyamenyeshejwe n’umuyobozi mukuru w’iyandikiro ry’ibinyamakuru vya Reta (PPB), Louis Kamwenubusa mu nama yabagirishije ku wa 9 Ntwarante 2018.Akaba yaharonkeye n’akaryo ko kubamenyesha ko n’ubushikiranganji bakukira bushimishwa n’ibikorwa barangura,mbere bukanabatera intege  ngo bongereze inguvu. 

Hagati aho yarabasavye kwitanga muri iki gihe kurusha uko bahora mu gushikiriza abanyagihugu amakuru ajanye n’umugambi w’amatora y’ibwirizwa shingiro n’amatora yo mu mwaka w’2020 Reta iriko irategura, bayakuye hirya no hino mu gihugu kandi bayashikirijwe n’abatware n’abatwarwa, ndetse n’abarundi bo mu bisata bitandukanye bigize ubuzima bw’igihugu.  Kugira ivyo bishoboke, Louis Kamwenubusa yasavye abamenyeshamakuru ko mu gihe bagiye gutunganya amakuru  ajanye n’ingendo inzego zirongoye igihugu zigira mu ntara, boharonkera akaryo kurondera amakuru yerekana ukuntu abarundi biteguriye amatora yiimrije n’ibiriko birakorwa n’abarongoye abandi mu ntara,mu makomine no ku mitumba.  Abamenyeshamakuru kandi ngo boza baratanga icegeranyo c’inkuru baba banditse kugira bije mu cegeranyo gitangwa uko amezi  mezi 3 aheze. Abakozi bo muri PPB bakaba basabwe kandi kuba barangije gutanga amafaranga bakuye ku mufuko wabo y’intererano  y’amatora gushika ku wa 5 Ndamukiza 2018. 

Anitha Bizimana

 

Ouvrir