Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Reta ngo irashima intambwe umurwi CENI ugezeko mw’itegurwa ry’amatora yimirije

DSCnzooz 1330Mu ntumbero yo kwibonera ingene umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutunganya amatora CENI uriko urakora, kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante 2018, abagize Reta y’Uburundi barishikiye mu kigo CECORES aho abakozi ba CENI bakoresha imashini nyabwonko barangurira imirimo yabo, mbere bakaba basanze bariko binjiza muri izo mashini ibiranga abazitaba amatora y’impinyanyuro y’ibwirizwa shingiro n’amatora yo mu 2020. Mu ntumbero yo kwibonera ingene umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutunganya amatora CENI uriko urakora, kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante 2018, abagize Reta y’Uburundi barishikiye mu kigo CECORES aho abakozi ba CENI bakoresha imashini nyabwonko barangurira imirimo yabo, mbere bakaba basanze bariko binjiza muri izo mashini ibiranga abazitaba amatora y’impinyanyuro y’ibwirizwa shingiro n’amatora yo mu 2020. Abo banyacubahiro bahejeje kugendura ivyo bikorwa ,umushikiranganji w’intwaro  yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukunda igihugu, Pascal Barandayigiye akaba yamenyesheje kw’izina rya Reta ko bashima intambwe umurwi CENI ugezeko mw’itegurwa ry’amatora yimirije.Nk’uko yabivuze rero,ngo Reta irashimishwa n’ingene igikorwa co gushira mu mashine nyabwongo ibiranga abazokwitaba amatora y’ibwirizwa shingiro kiriko kirangurwa n’ishirahamwe “G and C Vision”. Pascal Barandayigiye yashishikaye amenyesha ko basanze igikorwa co gushira mu mashine nyabwonko ibiranga abazitaba amatora kiriko kigenda neza cane.

Ngo abashikiranganji bashimye kwishikira ahariko habera ico gikorwa kugirango birabire ingene biriko bitera imbere. Ivyo ngo ni kugira kandi bamenye neza ko amatora y’Ibwirizwa Shingiro rishasha ategekanywa muri Rusama 2018 azoba mu gihe ata ntambamyi zijanye n’ubuhinga bwo kuyategura zoba. Ikindi ngo cashimishije abashikiranganji ni uko ubuhinga buriko burakoreshwa muri ico gikorwa bwatowe n’umurundi. Eka mbere ngo ni iteka ku gihugu kutama kiriko kirazera inze. Eka mbere ngo abakozi bariko bararangura uwo murimo bariko baronka ubumenyi bwo gukora mu rutonde kugira ngo umwimbu ube mwiza. Ngo imirwi ikora ni ine umwe uhera mu gitondo ugashikana isha zitandatu z’umutaga, umurwi ugira kabiri ugahera isaha zitandatu gushika isaha cumi na zibiri zo ku mugoroba. Umurwi ugira gatatu ngo uhera isaha cumi na zibiri zo ku mugoroba gushika isaha zitandatu z’ijoro mu gihe umurwi ugira kane uhera isaha zitandatu z’ijoro kugeza isaha cumi na zibiri zo mu gitondo. Ivyo rero ngo birakwiye kwigisha abarundi ko akazi kadakwiye guhagarara kugira ngo iterambere ry’igihugu ryiyongere.Umushikiranganji, Pascal Barandagiye yarateye intege kandi abariko barakora ico gikorwa. Ngo umwe wese asabwa kuba mu masaha atandatu yinjije muri izo mashine nyabwonko ibiranga abazokwitaba amatora bashika 150. Ngo uwurengeje abo araheza agahabwa mbere agashirukabute. Eka mbere ngo vyaragaragaye ko abakoze neza ico gikorwa kurusha abandi mu matora yaheruka yo mu 2015 ko baronkejwe ako kazi vyoroshe.  Reta rero ngo iratera intege umurwi CENI mu gikorwa cawo kandi yiyemeje gushigikira cane uwo murwi kugirango uze urangure ico ujejwe neza. Yarashimiye kandi n’ishirahamwe “G and C Vision” ku buhinga ntangere ririko rirangurana ico gikorwa.Mwomenya ko imbere yaho, Pierre Claver Ndayicariye yari yabanje gusigurira abashikiranganji bari aho igikorwa kiriko kirarangurwa. Baciye bagendera ibibanza bitandukanye biriko biberamwo ico gikorwa ivyo n’avyo akaba ari ahabikwa ibitabu vyanditswemwo ibiranga abazitaba amatora vyaje biva mu ntara zose z’igihugu inyuma y’iyandikwa ry’abazokwitaba amatora ryarangiye kw’igenekerezo rya 17 Ruhuhuma 2018. Ngo imashini nyabwonko ziriko zirakoreshwa zingana n’340 mbere ibiranga abarundi biyandikishije barenga imiriyoni zibiri bikaba bimaze gushirwa muri izo mashine nyabwonko.
Umurwi CENI  urakengurukira abawufashe mu mugongo mu nteguro y’umugambi w’amatora yimirije
Kw’igenekerezo  rya 6 Ntwarante 2018 umurwi ujejwe gutunganya amatora CENI waratunganije inama  ku basanzwe bafasha  mw’itunganya ry’ tamatora « parténaires électoraux »  mu ntumbero yo kubamenyesha aho ibikorwa  bijanye n’ugutegura amatora y’ibwirizwa shingiro rishasha bigeze.Umukuru w’uwo murwi, Pierre Claver Ndayicariye akaba mw’ijambo yashikirije yarakengurukiye abashoboye kwitaba ubwo butumire  na cane cane abafasha mu nteguro y’uwo mugambi ku mutima w’ugukunda igihugu ibisata  n’inzego baserukira vyerekanye.  Ikindi yaciye amenyesha ngo ni uko ibibanza vy’ukwiyandikishirizamwo bingana n’ibihumbi bitatu n’amajana umunani na mirongo ibiri  n’umunani « 3828 » hamwe n’ibiro vy’ukwiyandikishirizamwo  bishika  ku bihumbi cumi na kimwe n’amajana atanu na mirongo umunani na bitatu «11.583». 

Ivyo rero ngo bikazohinduka  ivyo gutoreramwo ni hagera gutora muri Rusama 2018, bamaze kumenyeshwa itariki.  Igikorwa c’ukwiyandikisha rero ngo cagenze neza  mu mahoro n’umutekano akaba mbere yaciye akengurukira abajejwe umutekano babibafashijemwo.Haba  rero ngo mu ntara zo hagati mu gihugu n’abari hanze y’igihugu  mu bijanye no gufasha kugarukana umutekano ngo ntibibagiwe, bose barashoboye kwiyandikisha.  Pierre Claver Ndayicariye akaba yarongeye kumenyesha ko igitigiri c’abiyandikishije kigera ku miriyoni zitanu n’amajana indwi na mirongo ine na babiri 5.000.742, kikaba ari igitigiri gishimishije. Ariko ngo naho biri uko mu gihe c’ukwiyandikisha hari utunenge twibonekeje. Utwo natwo ngo ni nko kutubahiriza amategeko ya CENI, gusamara kuri bamwe bamwe, hamwe n’abagomvye gutwarwa n’ ivyiyumviro vyo hanze. Pierre Claver Ndayicariye yaraharonkeye akaryo ko kwibutsa abari ngaho ko umwaka w’2018 watanguranye n’urutonde ngirakamaro rwa poritike  rujanye n’ibikorwa umurwi CENI uzorangura. Uwo murwi rero  ukaba washizweho kugira utangure gutegura ibijanye n’itora ry’ibwirizwa shingiro, ivyo bikorwa rero bikaba vyatanguriye muri komine Bugendana, intara ya Gitega  ku wa 12 Kigarama 2017.  Ngo abagize ibiro vy’umurwi CENI bakaba bari bahishikiye kugirango bakurikirane ibishikirizwa kuri uwo musi. Pierre Claver Ndayicariye rero akaba yaramenyesheje  ko inyuma y’iryo sango ry’ i Bugendana Reta  yakoze ibitari bike, ivyo navyo ngo ni nk’ugusigurira abanyagihugu impinyanyuro y’ibwirizwa shingiro .  Abategetsi batari bake bo mu Burundi  bakaba ngo barishikiye mu  ntara zose z’igihugu kugirango basigurire abanyagihugu ibishasha biri muri iryo bwirizwa shingiro hamwe no kubibutsa ivyari bihasanzwe. Yaciye kandi abamenyesha ko ubu umurwi CENI userukiwe mu ntara zose z ‘igihugu (CEPI) hamwe no mu makomine yose (CECI).  Iyo mirwi yose rero ngo ikaba ariyo yakoze igikorwa co kwandika.

Nathan Ntahondi

Christine Manirambona

 

Ouvrir