Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu ntara za Gitega na Karusi: Prezida NKURUNZIZA asaba abarundi kuvavanura n’imbuto mbi y’amacakubiri

DSC ponhy0863Mu ntumbero yo gutanga za nyigisho zo kuzirikana igihugu ico ari co, ku magenekerezo ya 6 na 7 Ntwarante 2018, Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA  yarishikiye mu ntara za Gitega na Karusi, aho yagirishije inama ihariwe izo nyigisho nyene abavukantara n’abandi basanzwe baziranguriramwo imirimo, akaba yasavye abarundi bakiboshwe n’inyifato mbi z’amacakubiri batewemwo n’abakoroni kuvavanura nazo kugira bagire intumbero imwe yoguteza imbere igihugu c’Uburundi.Mu ntumbero yo gutanga za nyigisho zo kuzirikana igihugu ico ari co, ku magenekerezo ya 6 na 7 Ntwarante 2018, Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA  yarishikiye mu ntara za Gitega na Karusi, aho yagirishije inama ihariwe izo nyigisho nyene abavukantara n’abandi basanzwe baziranguriramwo imirimo, akaba yasavye abarundi bakiboshwe n’inyifato mbi z’amacakubiri batewemwo n’abakoroni kuvavanura nazo kugira bagire intumbero imwe yoguteza imbere igihugu c’Uburundi.
Mu ntara ya Gitega
Mu nyigisho Prezida NKURUNZIZA yatanze ku wa 7 Ntwarante 2018, ku mvukira z’intara ya Gitega n’abandi basanzwe bayiranguriramwo imirimo, yarababwiye iyo igihugu cavuye n’iyo kigeze yongera ababwira n’iyo kigana nk’uko vyashikirijwe n’umuvugizi w’Umukuru w’igihugu Jean Claude Karegwa Ndezako inyuma y’iyo nama yabaye mu mwiherero ngo izo nyigisho z’ukuzirikana ico arico igihugu, iyo ntara ngo ikaba igira icenda mu ntara z’igihugu Umukuru w’igihugu amaze gutangiramwo izo nyigisho.Ngo Prezida NKURUNZIZA yipfuza ko abarundi bovavanura n’amacakubiri n’inyifato mbi zitabereye na cane cane imbuto y’amacakubiri batewemwo n’abakoroni. Yaravuze kandi ko Umukuru w’iguhugu afise umugambi n’ishaka ridasanzwe ko imbuto y’amacakuburi boyirandurana n’imizi mu gihugu c’Uburundi. Yarongeye aramenyesha ko Prezida NKURUNZIZA yasavye abarundi kugira babishikeko n’ukuja kw’isoko bagasubira kugira inyifato basokuru n’abasokuruza bagendera akarorerero keza n’iragi ryiza barazwe n’incungu z’Uburundi n’abo bose bitangiye igihugu uhereye kuri Ntare Rushatsi Cambarantama, Mwezi Gisabo, Ndadaye, Rwagasore n’abandi.
Mu ntara ya Karusi  
Bukeye bwaho, ku wa 8 Ntwarante 2018, Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yari aramutse agendera  intara ya Karusi, akaba yagirishije inama ihariwe inyigisho zo kuzirikana igihugu ico ari co abavukantara n’abandi bayiranguriramwo imirimo bahuriye  muri komine Bugenyuzi. Ngo iyo ntara ya Karusi ikaba yabaye iyigira cumi mu zimaze gutangwamwo izo nyigisho. Ngo yaravuze ko izo nyigisho zizofasha abarundi kumenya amabanga y’igihugu. Ngo igihugu c’Uburundi kirafise amabanga cishangije kuko amabanga yose ajanye n’imiziro, abarundi bakamenya ikizira. Umuvugizi w’umukuru w’igihugu,  Jean Claude Karegwa Ndezako yaravuze ko Prezida NKURUNZIZA abigisha gufatira akarorero ku nararibonye haba mu bami canke mu ncungu z’igihugu. Ngo intumbero nyamukuru y’izo nyigisho ngo ni ugufasha abarundi « kurogorwa » aravye inzira Uburundi bwaciyemwo. Ngo abarundi basa n’abariye ishano ngo kuko iyo umuntu ariye ishano akeneye umurogoro,rero ngo umurogoro niwo ariko aratanga hirya no hino mu gihugu.       

Thérèse Niyonkuru                                                          

 

Ouvrir