Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umukenyezi ni inkingi y’iterambere ry’imiryango n’igihugu cose

DX1gRe7XkAAEFPWKw’igenekerezo rya 8 Ntwarante 2018, Uburundi bwarifadikanije n’amakungu mu guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi. Ibirori ku rwego rw’igihugu bikaba vyabereye ku murwa mukuru w’intara ya Kayanza ku kibuga c’inkino c’i Gatwaro, bikaba vyari vyatewe iteka n’Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA ari kumwe n’umutambukanyi wiwe Denise NKURUNZIZA hamwe n’abanyacubahiro bo mu nzego zitandukanye, abakozi bakuru bakuru ba Reta buguruye ivyo birori mu kugira urugendo bagana ico kibuga c’i Gatwaro.  Twobamenyesha ko icivugo c’uno mwaka cari «Mu mitumba, no mu bisagara twese ku kivi, duhindure ubuzima bw’abakenyezi». Ijambo nyamukuru rw’uwo munsi ryashikirijwe n’Umukuru w’igihugu ,Petero NKURUNZIZA,yabanje kumenyesha abari ngaho ko bahimbaje uwo munsi mukuru bari mu mahoro n’umutekano n’umwimbu ari umusesekara. Ngo uwo munsi kabaye akaryo ko kwirimbura bafatiye ku migambi y’abakenyezi.  Yaravuze ko uwo munsi ari umunsi mukuru udasanzwe kuko ikibanza barimwo arico bagiriyemwo amasengesho yo guheza umwaka w’2017. Yarongeye aravuga ko ukwezi kwa gatatu ari ukwezi muri Reta bashizeho icivugo ngo «Duhe ikibanza kibereye umukenyezi niwe nkingi y’iterambere rirama ». Ngo umukenyezi niwe atanga indero mu rugo, agakunda urugo rwiwe bakongera bakamuhanuza ijambo.

Yaravuze kandi ko umukenyezi w’umurundikazi atandukanye n’abandi bakenyezi bo mu bihugu vyo hanze mu mico n’imigenzo yiwe . Ngo umukenyezi n’inkingi y’urugo nico gituma ari uwo gushigikira kandi bakamushigikira mu migambi yose. Umukuru w’igihugu yasavye abakenyezi kwitaho indero y’abana babo na cane cane abigeme aho hibonekeza inda z’ishushu  ku bana bakiri bato. Yarasavye abakenyezi bose kwirimbura bakaraba ko bokwitwa abapfasoni. Prezida NKURUNZIZA yasavye abakenyezi kwijukira amashirahamwe kugira biteze imbere kuko inzira zo guteza imbere umukenyezi zuguruwe hasigaye ko umukenyezi nawe ategura imigambi ya kazoza. Ngo nk’uko vyanditswe mu gitabu ca Yeremiya 33 ku murongo wa mbere gushika ku murongo wa 3 havuga ngo uhoraho niwe abirema akabikomeza nico gituma Umukuru w’igihugu yabasavye gusaba Imana yo mw’ijuru ibaronse ingabirano yo kugira iyerekwa rizobashikana kw’itunganywa ry’imigambi y’iterambere ry’imiryango yabo no gihugu cose. Yarongeye asaba abakenyezi ko bokwitondera imfashanyo kuko hari abazana imfashanyo baje gusambura abo bazihaye.Kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante 2018, Uburundi bwarifadikanije n’amakungu mu guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi. Ibirori ku rwego rw’igihugu bikaba vyabereye ku murwa mukuru w’intara ya Kayanza ku kibuga c’inkino c’i Gatwaro, bikaba vyari vyatewe iteka n’Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA ari kumwe n’umutambukanyi wiwe Denise NKURUNZIZA hamwe n’abanyacubahiro bo mu nzego zitandukanye, abakozi bakuru bakuru ba Reta buguruye ivyo birori mu kugira urugendo bagana ico kibuga c’i Gatwaro.  Twobamenyesha ko icivugo c’uno mwaka cari «Mu mitumba, no mu bisagara twese ku kivi, duhindure ubuzima bw’abakenyezi». Ijambo nyamukuru rw’uwo munsi ryashikirijwe n’Umukuru w’igihugu ,Petero NKURUNZIZA,yabanje kumenyesha abari ngaho ko bahimbaje uwo munsi mukuru bari mu mahoro n’umutekano n’umwimbu ari umusesekara. Ngo uwo munsi kabaye akaryo ko kwirimbura bafatiye ku migambi y’abakenyezi.  Yaravuze ko uwo munsi ari umunsi mukuru udasanzwe kuko ikibanza barimwo arico bagiriyemwo amasengesho yo guheza umwaka w’2017. Yarongeye aravuga ko ukwezi kwa gatatu ari ukwezi muri Reta bashizeho icivugo ngo «Duhe ikibanza kibereye umukenyezi niwe nkingi y’iterambere rirama ». Ngo umukenyezi niwe atanga indero mu rugo, agakunda urugo rwiwe bakongera bakamuhanuza ijambo. Yaravuze kandi ko umukenyezi w’umurundikazi atandukanye n’abandi bakenyezi bo mu bihugu vyo hanze mu mico n’imigenzo yiwe . Ngo umukenyezi n’inkingi y’urugo nico gituma ari uwo gushigikira kandi bakamushigikira mu migambi yose. Umukuru w’igihugu yasavye abakenyezi kwitaho indero y’abana babo na cane cane abigeme aho hibonekeza inda z’ishushu  ku bana bakiri bato. Yarasavye abakenyezi bose kwirimbura bakaraba ko bokwitwa abapfasoni. Prezida NKURUNZIZA yasavye abakenyezi kwijukira amashirahamwe kugira biteze imbere kuko inzira zo guteza imbere umukenyezi zuguruwe hasigaye ko umukenyezi nawe ategura imigambi ya kazoza. Ngo nk’uko vyanditswe mu gitabu ca Yeremiya 33 ku murongo wa mbere gushika ku murongo wa 3 havuga ngo uhoraho niwe abirema akabikomeza nico gituma Umukuru w’igihugu yabasavye gusaba Imana yo mw’ijuru ibaronse ingabirano yo kugira iyerekwa rizobashikana kw’itunganywa ry’imigambi y’iterambere ry’imiryango yabo no gihugu cose.

Yarongeye asaba abakenyezi ko bokwitondera imfashanyo kuko hari abazana imfashanyo baje gusambura abo bazihaye.Umushikiranganji w’agateka ka zina muntu n’ugushigikirana Martin Nivyabandi nawe  yaramenyesheje ko umukenyezi w’umurundikazi atari umunyakigo gusa asigaye ari bitumwako mu bisata bitandukanye vy’igihugu. Yaciye asaba abigeme b’abarundikazi kwijukira amashure na cane cane ko Reta yafashe ingingo yo kwigisha abana ku buntu . Yaramenyesheje ko umukenyezi w’umurundikazi yamaze gutera imbere mu bisata bitari bike haba mu bidandazwa n’ibindi. Uwurongoye ihuriro ry’abakenyezi ku rwego rw’igihugu Janvière Ndirahisha nawe yabanje gushimira Umukuru w’igihugu yaje kwifadikanya n’abakenyezi ivyo bikerekana ko aha agaciro umukenyenzi . Yaciye amenyesha ko abakenyezi bakengurutse ishirwaho ry’itegeko ryo guhasha ihohoterwa rifatiye ku gitsina n’ingingo y’Umukuru w’igihugu, ko ingo zose zokwubakana biciye mu mategeko abatanditswe bakandikwa. Yaciye asaba Reta ko yokwubahiriza ibice 30 kw’ijana n’ibiburiburi haba mu buzi bwa poritike canke mu buzi bwa Reta na cane cane ko abakenyezi aribo benshi mu Burundi nk’uko babigaragaje mw’iyandikwa ry’amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa Shingiro n’amatora yo mu mwaka w’2020 aho abakenyezi biyandikishije kugera ku bice 52 kw’ijana vy’abazokwitaba amatora yimirije . Ihuriro ry’abakenyezi bo mu kayanza rikaba ryaciye rigabira Umukuru w’igihugu inka yitwa  Muco kuko ngo umwaka w’2018 ari umwaka wahariwe umuco.   

Thérèse Niyonkuru                                         

Ouvrir