Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ngo harakenewe ibikoresho bikwiye vy’igiporisi kijejwe gufasha mu gihe c’amasanganya n’ibiza

DSC 1141Mu Burundi ngo harakenewe ibikoresho bikwiye vy’igiporisi kijejwe gukinga amasanganya n’ibiza no kugarukira ku bahuye navyo hamwe n’ikigo c’igihugu gitunganirizwamwo ibikorwa vyose vyo gutabara mu gihe ahabaye amasanganya atandukanye nk’imiriro, imyuzurira n’ibindi.Mu Burundi ngo harakenewe ibikoresho bikwiye vy’igiporisi kijejwe gukinga amasanganya n’ibiza no kugarukira ku bahuye navyo hamwe n’ikigo c’igihugu gitunganirizwamwo ibikorwa vyose vyo gutabara mu gihe ahabaye amasanganya atandukanye nk’imiriro, imyuzurira n’ibindi.Ivyo bikaba vyamenyeshejwe n’umwunganirizi w’umushikiranganji w’umutekano, Serge Ntakavura ku wa 1Ntwarante 2018, mu gihe igisata co gukinga amasanaganya n’ibiza mu giporisi cahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe gukinga ivyo no gutabara abo vyashikiye.

Yararonse n’akaryo ko kwibutsa ko umunsi mpuzamakungu wahariwe gukinga impanuka n’ibiza ufise intumbero yo kwumvisha abanyagihugu ingingo Reta y’igihugu cose ifata zo gukinga amasanganya n’ibiza hamwe no gufasha abo vyashikiye no gukingira amatungo yabo. Uburundi ngo bushira imbere gutsimbataza ivyo gukingira no gutabara abantu bashikiwe n’ivyago bene ivyo biba ibiturutse kw’ihindagurika ry’ibihe nk’imyuzurira, imiyaga y’ibihuhusi, imisozi ishunguruka canke amasanganya y’umuriro, ibiza bituruka ku ndwara  n’ibindi.  Yaboneyeho akaryo ko kumenyesha yuko kuva imvura itasura imaze kwonona ibitari bike kuko hamaze kwitaba Imana abantu 49, inzu 2.933 zirononekara nayo izindi nzu 1.225, amasomero 200 arasambuka, imirima iri ku mahegitari 14.163 irononekara. Naho biri uko ngo Reta ibifashijwemwo n’abayifasha yishinze kugabanya bimwe biboneka abantu bashikirwa n’ayo masanganya n’ibiza mu kuronsa inyigisho abantu bose bashobora kugira ico bafashije gushika no ku mitumba.Ngo Reta irafasha kandi abantu bose vyagoye kubera amasanganya n’ibiza. Nico gituma Reta itera intege abo bose barokora abantu bagize amasanganya canke bashikiwe n’ibiza, bakanakingira n’ivyabo. 

Muri iyo ntumbero rero ubuyobozi bukuru mu giporisi bujejwe gukinga impanuka n’amasanganya ngo bwigishije abaporisi 105 mu kuraba abantu bapfuye bahitanywe n’amasanaganya canke ibiza bitandukanye bubifashijwemwo n’ishirahamwe rijejwe gutabara imbabare (CICR). Muri kazoza naho ngo ubwo bushikiranagnji bw’umutekano butegekanya kwigisha abaporisi gutegura imitego y’ibirwanisho ruhonyanganda, kwigisha abaporisi kuzimya imiriro no gutabara abantu baba batwawe n’imyuzurira canke ikiyaga Tanganyika. Mu ntamabamyi naho ngo hari ubukene bw’ibikoresho nk’imodoka zo kuzimya imiriro, impuzu abaporisi bambara mu gihe bagiye kuzimya, ubwato bwo gutaba mu kiyaga Tanganyika no mu bindi biyaga vy’Uburundi, hakaba n’ubukene bw’umuganga yize gutohoza ikiba cishe umuntu.

Epitace Nduwayo   

 

Ouvrir