Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ishirahamwe PNUD ngo rirashimishwa nivyo rirangurana na Reta mu gukinga impanuka n’ibiza

DSC 0378Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe iterambere PNUD ngo rirashimishwa n’ukugene rifashanya na Reta y’Uburundi mu gisata co gukinga impanuka  n’ibiza kuva mu mwaka w’2007. Ivyo vyamenyeshejwe n’umuyobozi w’iryo shirahamwe PNUD, Alfredo Teixeira ku wa 26 Ruhuhuma 2018 mu gihe yariko aratanguza inama yo kwiga no kwemeza umugambi w’igihugu wo gukinga no kugarukira ku bahuye n’amasanganya hamwe n’ibiza bituruka kw’ihindagurika ry’ibihe canke ku bikorwa vy’abantu bihungabanya ibidukikije.Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe iterambere PNUD ngo rirashimishwa n’ukugene rifashanya na Reta y’Uburundi mu gisata co gukinga impanuka  n’ibiza kuva mu mwaka w’2007. Ivyo vyamenyeshejwe n’umuyobozi w’iryo shirahamwe PNUD, Alfredo Teixeira ku wa 26 Ruhuhuma 2018 mu gihe yariko aratanguza inama yo kwiga no kwemeza umugambi w’igihugu wo gukinga no kugarukira ku bahuye n’amasanganya hamwe n’ibiza bituruka kw’ihindagurika ry’ibihe canke ku bikorwa vy’abantu bihungabanya ibidukikije.

Ishirahamwe PNUD rero ngo rirashigikiye ishirwaho ry’umugambi w’igihugu wo gukinga impanuka n’ibiza no kugarukira ku bahuye navyo. Ngo rirashigikiye kandi n’ibikorwa bizorangurwa biciye mu mugambi w’igihugu uzorangurwa kuva mu mwaka w’2018 gushika mu mwaka w’2021. Iyo poritike kandi ngo itegerezwa kwitwararika abantu b’intege nke nk’abakenyezi hamwe n’imirwi y’abantu basa n’abakumiwe nk’abatwa n’abagendana ubumuga. Ngo iyo poritike kandi irategekanya ivyokorwa mu gihe habaye amasanganya n’ibiza hamwe no gukarihiriza ubwenge abajejwe kugarukira ku bahuye n’ivyo biza n’amasanaganya hamwe n’abantu bose ubwabo. Ngo hojaho n’uburyo bwo kuburira abantu ku masanganya canke ibiza bigira bibe mu ntumbero yo kugabanya ibintu vyononekara. Umuyobozi w’ishirahamwe mpuzamkungu PNUD yamenyesheje ko iryo shirahamwe rizobandanya rifata mu mugongo Reta y’Uburundi mu gukinga amasanganya n’ibiza. Reta y’Uburundi ngo ibicishije ku rwego rw’igihugu rujejwe gukinga no kugarukira ku bahuye n’amasanganya n’ibiza ngo izokarihiriza ubwenge abajejwe gukinga impanuka no kugarukira ku bahuye nazo mu ntumbero yo kugabanya ububabare n’abagira amasanganya. N’umukuru w’urwego rujejwe gukinga amasanganya n’ibiza hamwe no kugarukira ku bahuye nayo, Komiseri Antoine Ntemako nawe nyene yamenyesheje ko bikenewe ko abantu bajejwe gukarihirizwa ubwenge mu ntumbero yo kugabanya ayo masanganya n’ibiza hamwe n’ububabare ku bahuye navyo. Ngo ni naho n’abantu bahitanwa n’ayo masanganya bogabanuka mbere n’ayo masanganya akagabanuka. Ngo harakwiye kandi gushirwaho ikarata yerekana ahantu hakunda kuba amasanganya n’ibiza mu ntumbero yo kubikinga. Ngo horwizwa n’ibikoresho vyo kuzimya umuriro no gutabara abahuye n’amasanganya. Abajejwe kuzimya imicanwa nabo bakaronswa ibikoresho n’imyambaro ituma bakora akazi kabo neza nabo ntibahasige ubuzima. N’ivyuma bijejwe gucungera ikirere ngo yorwizwa, ibiriho bigasanurwa mbere hagashirwaho n’ubundi burere burimwo ibikoresho bigezweho. Uwo mugambi uzorangurwa kuva mu mwaka w’2018 gushika mu mwaka w’2021, nawo ngo uzotwara amadorari y’abanyamerika arenga imiriyoni 5.

Epitace Nduwayo

 

Ouvrir