Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Inama Nshingamateka yararihiye amafaranga 6.000.000 abantu 28 bavuriwe mu bitaro vya HPRC na CHUK

DSCvvv03710Abagize urwego rw’Inama Nshingamateka baratanze amahera yo kurihira bamwe mu barwayi bo mu bitaro vyitiriwe umuganwa Karori vyo mu Buyenzi (Hôpital Princent Régent Charles) HPRC mu mpfunyapfunyo n’abo mu bitaro vyitiriwe umwami Khaled vyo mu Kamenge (Centre hospitalo-universitaire de Kamenge) CHUK mu mpfunyapfunyo, bavuwe bagakira ariko bakabura amahera yo kuriha kugira bashobore kurekurwa, hakaba hari ku wa 2 Ntwarante 2018. Mu  bitaro vyo mu Buyenzi HPRC ayo mahera yashikirijwe n’Umukuru w’Inama Nshingamateka Pascal Nyabenda, mu bitaro CHUK vyo mu Kamenge anaho yashikirijwe n’ivyegera vy’Umukuru w’Inama Nshingamateka aribo Agathon Rwasa na Jocky Chantal Nkurunziza.Abagize urwego rw’Inama Nshingamateka baratanze amahera yo kurihira bamwe mu barwayi bo mu bitaro vyitiriwe umuganwa Karori vyo mu Buyenzi (Hôpital Princent Régent Charles) HPRC mu mpfunyapfunyo n’abo mu bitaro vyitiriwe umwami Khaled vyo mu Kamenge (Centre hospitalo-universitaire de Kamenge) CHUK mu mpfunyapfunyo, bavuwe bagakira ariko bakabura amahera yo kuriha kugira bashobore kurekurwa, hakaba hari ku wa 2 Ntwarante 2018. Mu  bitaro vyo mu Buyenzi HPRC ayo mahera yashikirijwe n’Umukuru w’Inama Nshingamateka Pascal Nyabenda, mu bitaro CHUK vyo mu Kamenge anaho yashikirijwe n’ivyegera vy’Umukuru w’Inama Nshingamateka aribo Agathon Rwasa na Jocky Chantal Nkurunziza.

Ahejeje kugendera ibitaro HPRC vyo mu Buyenzi, Umukuru w’Inama Nshingamateka, Pascal Nyabenda yamenyesheje ko batanze imiriyoni zitatu z’amahera y’amarundi mu bitaro “Prince Régent Charles” mu mpfunyapfunyo HPRC n’imiriyoni zitatu nyene mu Bitaro “Roi Khaled” CHUK mu mpfunyapfunyo. Ngo baratanze kandi n’ibitenge ku bantu bamwe bamwe bafise amikoro make. Ivyo ngo vyatumye abarwayi 17 kuri 21 bari ku rutonde aribo barekurwa mu bitaro “Princent Régent Charles” nayo mu bitaro “Roi Khaled” hakaba harekuwe abarwayi 11 kuri 17 bari ku rutonde. Ngo iyo mfashanyo bayitanze mu ntumbero yo kugarukira ku barwaye ku munsi baba bashaka kwifurizanya umwaka mushasha mu Nama Nshingamateka,mbere ivyo ngo bakaba bamaze kubigira umugenzo.Imvo igira kabiri yatumye baja gufasha abarwayi ngo ni uko muri kino gihe abakristu bari mu mapfungo y’Ikarema, ivyo navyo bigasaba yuko amugatorika wese agarukira ku bamerewe nabi. Ngo ni nayo mpavu yatumye yongerezako umuriyoni ku giti ciwe kugira bakwize ayo mahera imiriyoni zitandatu. Yindi ntumbero ngo ni ukugira abo bahora mu bitaro bazoshobore guhimbaza umunsi mukuru wa Pasika bari mu miryango yabo. Ku basigaye yameyesheje ko abandi bagiraneza canke izindi nzego zoraba ukugene zibagarukirako, nabo bagashobora gutaha. Yamenyesheje ko ni vyashoboka igikorwa nk’ico bazokirangura no bindi bitaro kuko naho nyene bategerezwa kuba bariyo. Ku kugene bazoshobora gushika mu mihana iwabo yamenyesheje ko imiryango yabo izoheza ikiyungnganya kuko yibaza ko benshi bava mu ntara za hafi narirya ata ntara n’imwe itagira ibitaro. Ku boba bava mu ntara za kure nabo ngo n’ibitaro vyoraba ukugene bibunganira. Ku kibazo c’abakozi 25 birukanywe mu bitaro ‘Prince Régent Charles’ kandi bari bamaze amezi atandatu bakora, Umukuru w’Inama Nshingamateka yamenyesheje ko ico kibazo bagishikirijwe n’umuhuza w’abarundi kandi bariko baragikurikirana. Ariko yamenyesheje ko mu kubakura ngo bavuze ko batigeze bakora ibibazo kandi kugira uronke akazi muri ivyo bitaro ubanza gukora ikibazo. Ngo hari n’amakenga yashikirijwe kuko bavuga yuko hari n’abari basanzwe bakora ahandi  ku buryo ari ibintu vyo gukurikirana.

Epitace Nduwayo

 

Ouvrir