Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Uburundi bwaritavye inama ihuza abakuru b’ibihugu bifasha kugarukana amahoro muri Somariya

 

DSC 985Kw’igenekerezo rya 28 Ruhuhuma 2018,Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo  yarafashe urugendo rwamushikaye mu gihugu c’Ubuganda  aho yari yitavye inama yahuje abakuru b’ibihugu birungika ingabo mu gihugu ca Somariya  gufasha kugarukana umutekano waco yabaye kw’igenekerezo rya 2 Ruhuhuma 2018.Kw’igenekerezo rya 28 Ruhuhuma 2018,Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo  yarafashe urugendo rwamushikaye mu gihugu c’Ubuganda  aho yari yitavye inama yahuje abakuru b’ibihugu birungika ingabo mu gihugu ca Somariya  gufasha kugarukana umutekano waco yabaye kw’igenekerezo rya 2 Ruhuhuma 2018.Umuvugizi w’icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu, Evelyne Maniragaba yari ku kibuga c’indege ca Bujumbura akaba yamenyesheje ko  iyo nama Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu,  yagiyemwo yari yumvikanyweko mu nama yaheruka kubera mu gihugu c’Ubuganda ihuza abakuru b’ibihugu bihurikiye mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika y’ubuseruko(EAC). Iyo nama rero yatunganijwe  iri mu ntumbero yo kurabira hamwe ukuntu igikorwa co gufasha Somariya kugarukana amahoro cobandanya ariko cane cane bakaraba  ukuntu  ingabo z’igihugu  ca Somariya  zokwifatira mu minwe zo nyene umutekano w’igihugu cabo kuko bamaze imyaka  babafasha. Iruhande  y’ivyo ngo bazorabira hamwe ivyerekeye ubutunzi ingene bwifashe ku buryo ingabo ziri mu gihugu ca Somariya zobandanya zironswa uburyo nk’uko bisanzwe. Yarongeye amenyesha ko hategekanijwe inama izohuza kw’igenekerezo rya 1 Ntwarante 2018 abashikiranganji bajejwe umutekano muri ivyo bihugu bitanga ingabo muri ico gihugu ca Somariya. Mu kurangiza yamenyesheje kandi ko  kuri uwo munsi nyene w’igenekerezo rya 28 Ruhuhuma habaye  muri ico gihugu  nyene inama y’abakuru b’ingabo. 

 Josélyne Ndayegamiye                                                                              

Ouvrir