Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ibiganiro hagati y’abarundi ngo bizobandanya kandi ntaco bihindura ku mpinyanyuro y’Ibwirizwa Shingiro

Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo amenyesha ko abitavye inama igira 19 y’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko (EAC) bihweje icegeranyo cerekeye ibiganiro hagati y’abarundi, bihagarikiwe n’umuhuza Yoweri Museveni asanzwe arongoye igihugu c’Ubuganda, abifashijwemwo na Benjamin Mkapa yahoze arongoye igihugu ca Tanzaniya, bagasanga yaratunganije igikorwa ciza, baca basaba ko yokibandanya , mbere bumvikana ko umuryango wa EAC ugiye kumuronsa uburyo kugirango ivyo biganiro bishike ku rugero rwiza.Vyongeye ngo ivyo biganiro ntaco vyoza bihindura ku nteguro y’Ibwirizwa Shingiro ry’Uburundi mu gihe n’iyo nteguro nyene ataco ihindura ku nkingi zigize amasezerano y’amahoro y’i Arusha.Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo amenyesha ko abitavye inama igira 19 y’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko (EAC) bihweje icegeranyo cerekeye ibiganiro hagati y’abarundi, bihagarikiwe n’umuhuza Yoweri Museveni asanzwe arongoye igihugu c’Ubuganda, abifashijwemwo na Benjamin Mkapa yahoze arongoye igihugu ca Tanzaniya, bagasanga yaratunganije igikorwa ciza, baca basaba ko yokibandanya , mbere bumvikana ko umuryango wa EAC ugiye kumuronsa uburyo kugirango ivyo biganiro bishike ku rugero rwiza.

DSC 0284Vyongeye ngo ivyo biganiro ntaco vyoza bihindura ku nteguro y’Ibwirizwa Shingiro ry’Uburundi mu gihe n’iyo nteguro nyene ataco ihindura ku nkingi zigize amasezerano y’amahoro y’i Arusha.Ivyo akaba yabishikirije mu kiganiro yaremesheje ku bamenyeshamakuru mu biro iwe ku wa 27 Ruhuhuma 2018, bukeye bw’aho yaganuka avuye mu gihugu c’Ubuganda aho yari yaserukiye Umukuru w’igihugu,Petero NKURUNZIZA mu nama igira 19 y’abakuru b’ibihugu  vya Afrika y’ubuseruko (EAC).Muri ico cegeranyo ngo umuhuza w’abarundi yaramenyehseje ko ivyo abanyeporitike b’abarundi badahurizako ari bike kurusha ivyo bahurizako.Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo yaragarutse ku migambi 17 igiye gushirwa mu ngiro mu karere ka Afrika y’ubuseruko yemejwe muri iyo nama  y’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko (EAC) nk’uko yari yaraye abivuze ku kibuga c’indege ca Bujumbura.Rero ngo hari  iyijanye n’inyubako za Reta nk’amabarabara yaba aya kaburimbo n’ay’indarayi, inzu n’ivyerekeye amagara y’abantu. Uburundi ku ruhande rwabwo ngo bwararonse imigambi ishika 6 izoja mu vyihuta, umugambi wa mbere akaba ari ibarabara ry’indarayi  riva Uvinza (Tanzaniya) gushika i Musongati (Burundi) kugira ivyo gutwara ubutare bwa Nickel vyorohe. Ngo hariho kandi ibarabara rya kaburimbo riva i Mugina mu ntara ya Makamba rigaca i Nyanza-Lac, no mu ntara ya Rumonge gushika i Bujumbura, naryo nyene ryashizwe ku rutonde rw’ivyihuta. Hariho kandi ibarabara ry’indarayi riva Isaka rigaca i Kigali, i Gitega rigashika i Musongati naryo nyene riri mu vyihuta. Ikindi kiri mu vyihuta ngo ni ugukomeza uruja n’uruza mu biyaga Tanganyika na Victoriya ata ngorane, ishirahamwe EAC rikaba rizobikurikirana. Yarongeye amenyesha ko bize n’ibijanye no kwagura ikibuga c’indege ca Bujumbura hamwe no kwubaka ikindi kibuga c’indege mu gihugu hagati.

Mu bijanye n’igisata c’amagara y’abantu ngo baremeranije yuko mu Burundi bagiye gushiraho ikigo co kuronsa ingaburo abana barwaye indwara zo gufungura nabi no kuzitegura neza. Iyo migambi yose uko ari 17 ngo izotwara imiriyaridi 78 z’amadorari aronderwa mu bafasha Uburundi. Ku wa 23 naho Ruhuhuma 2018 ngo mu nama igira 19  y’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko ngo barize ibijanye n’uko ishirahamwe ry’ibihugu vya Buraya (U.E. ) bishaka kugiriranira imigenderanire muvyo ubudandaji  n’ibihugu vyo mu muryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko. Kuri ico kibazo ngo aho Uburundi bwari buhagaze mu nama iheruka ngo niho n’ubu buhagaze kuko budashobora kugiriranira imiganederanire n’ishirahamwe ry’ivyo bihugu buri mu bihano vy’agahotoro vyabufatiye. Ngo kugira bashobore kuvugana kuri ico kibazo ni ukubanza gukuraho ivyo bihano. Bisubiye ngo nta masezerano ibihugu bigize umuryango wa EAC bishobora kugiriranira n’ibindi bihugu bitari kumwe vyose. Ngo ntaco babaye bakivugana kuri ico kibazo kuko Uburundi bwerekanye aho buhagaze. Ngo nta gahombo kariho mu kutagiriranira amsezerano n’ibihugu vya Buraya mu bijanye n’urudandazwa mu gihe ivyo bihugu bikiboheye amaboko imugongo Uburundi.  Kw’ibarabara ry’indarayi Uvunza-Musongati ngo hamaze kuboneka amahera yo gukora ivyigwa ku ruhande rw’Uburundi mbere bikaba bisa n’ivyaheze. Ngo baravuganye n’Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya John Magufuli, bakaba bumvikanye ko abashikiranganji babijejwe bobonana vuba mu ntumbero yo gushira mu ngiro vuba bwango uwo mugambi kubera wihuta.Nayo ku kibazo c’amacakubiri avugwa n’intumwa y’ishirahamwe ONU ku vy’agateka ka zina muntu mu Burundi ngo nta kibanza agifise noneho ngo n’uwukoze ikosa arahanwa n’ubutungane kubera bukora neza. Reta rero ngo ntiburana n’imigambwe ahubwo iyifasha kwiyunga. Muri ivyo biganiro kandi haganira abaserukira imigambwe, bagize ivyo bumvikana Reta igaca ibishira mu ngiro. Ibiganiro kandi ngo ni ivya minsi yose kuko arivyo vyubaka.  

  Thérèse Niyonkuru                                                                                                  

 

Ouvrir