Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Uburundi n’ibindi bihugu bicuditse birabandanya gutsimbataza imigenderanire mu bisata bitandukanye

douUburundi n’ibihugu bicuditse birabandanya gutsimbataza imigenderanire ihasanzwe. Ni muri iyo ntumbero Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, kw’igenekerezo rya 26 Ruhuhuma 2018 yakiriye abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi bashasha n’abasubiriye abandi bose hamwe bakaba bari icenda bari baje kumushikiriza amakete abagena muri ayo mabanga. Abo ba  ambasaderi bakaba ari aba bakurikira : Frantisek Dlhopolcek agiye guserukira igihugu ca Slovaquie afise icicaro i Nairobi, umupfasoni Joanne Lomas agiye guserukira Ubwongereza afise icicaro i Kigali, Kim Eung Joong aserukira igihugu ca koreya y’Epfo  afise icicaro i Kigali, Ratlan Pardede aserukira igihugu ca Indonésie afise icicaro i Dar Es Salaam, M. Uriel Norman R. G aribay aserukira igihugu ca Philippines afise icicaro i Nairobi, Antonio Gaspar aserukira igihugu ca Portugal afise icicaro i Kinshasa, umupfasoni Katarina Rangnitt aserukira igihugu ca Suède afise icicaro i Dar Es Salaam, M. Dragan Zupanjevac aserukira igihugu ca Serbiya afise icicaro i Nairobi, M. Raphael Morav aserukira igihugu ca Israël afise icicaro i Addis Abeba. Nk’uko icegera c’umuvugizi w’Umukuru w’igihugu , Alain Diomède Nzeyimana yabishikirije, ngo abo bagiye guserukira ibihugu vyabo mu Burundi bamenyesheje ko baje mu gihugu kimeze neza kirimwo amahoro n’umutekano.

Umukuru w’igihungu NKURUNZIZA nawe ngo yarabashimiye ko bari baje kumuramutsa, arabakeza kandi n’uko bizewe n’ibihugu vyabo kugira ngo baze babiserukire.  Abo bagiye guserukira ibihugu vyabo mu Burundi barashikirije ubutumwa Umukuru w’igihugu aho uwaserukiye gihugu ca Slovakiya gisanzwe gifitaniye imigenderanire n’Uburundi yavuze ko bakunda igihugu c’Uburundi hamwe n’ikawa yaho ngo bakaba bipfuza ko boza barayigura. Uwuserukira Ubwongereza nawe ngo yavuze ko anezerezwa no kubona ishirahamwe ryimba akabuyenge mu ntara ya Bujumbura “ Raimbow Mining”  yarashoboye kuronka iryo soko, akaba yipfuza ko n’ayandi mashirahamwe nk’ayo y’abongereza yoza mu Burundi akahakorera mu bisata bitandukanye.  Uwuserukira Ubwongereza nawe ngo yavuze ko anezerezwa no kubona ishirahamwe ryimba akabuyenge mu ntara ya Bujumbura  «Raimbow Mining » yarashoboye kuronka iryo soko, akaba yipfuza ko n’ayandi mashirahamwe nk’ayo y’abongereza yoza mu Burundi akahakorera mu bisata bitandukanye. Uwuserukira igihugu ca koreya y’Epfo nawe nyene ngo yavuze ko yipfuza ko bogiriranira imigenderanire ikomeye myiza ku buryo ivyo bihugu uko ari bibiri bihanahana ibi canke biriya mu bisata bitandukanye, co kimwe n’abaserukira ibihugu vya Indonesie na Philippines bipfuje ko imigenderanire y’ibihugu vyabo n’Uburundi yotera imbere. Uwaserukiye igihugu ca Portugal ngo yarasavye ko Uburundi bwobashigikira kubera ko bashaka kwitoza kugira ngo bazorongore ishirahamwe mpuzamakungu riraba ivyo uruja n’uruza rw’abantu kw’isi, kandi ngo bogirana imigenderanire y’ubutunzi cane cane ifatiye ku nkino, nayo uwaserukira igihugu ca Suède yasavye ko imigenderanire isanzwe hagati y’ibihungu vy’Uburundi na suède mu gisata  c’indero yobandanya. Uwaserukiye igihugu ca Serbiya ngo yarashimye ko Uburundi bwanse ko intara ya Kosovo yokwiyonkora ku gihugu ca Serbiya, ngo bakaba bipfuza ko bogiriranira imigenderanire muvyo amabanki, ibanki nkuru y’igihugu c’Uburundi ikagiriranira imigenderanire n’iy’igihugu ca Serbiya hamwe n’ibindi bijanye n’inkino.  Igihugu ca Israël naco gisanzwe gikorera mu Burundi ibijanye n’umuyagankuba uva ku mishwarara y’izuba, uwagiserukiye ngo yipfuza ko bogirana  imigenderanire ijanye n’uburimyi n’ubworozi hamwe n’igisata c’indero. 

Evelyne Niyonzima

 

Ouvrir