Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Amazina y’abiyandikishije kugira bazoje mu matora yimirije ngo ariko arinjizwa mu mashini nyabwonko

 

DSC dd0539Umukuru w’umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutunganya amatora ( CENI), Petero Claver  Ndayicariye amenyesha ko ashimishwa n’intambwe igikorwa co gutegura amatora yo kwemeza canke guhakana integuro y’ibwirizwa shingiro rishasha hamwe n’amatora yo mu 2020 kigezeko. Ivyo akaba yabimenyesheje mu kiganiro yaremesheje ku bamenyeshamakuru ku wa 26 Ruhuhuma 2020.Umukuru w’umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutunganya amatora (CENI), Petero Claver  Ndayicariye amenyesha ko ashimishwa n’intambwe igikorwa co gutegura amatora yo kwemeza canke guhakana integuro y’ibwirizwa shingiro rishasha hamwe n’amatora yo mu 2020 kigezeko. Ivyo akaba yabimenyesheje mu kiganiro yaremesheje ku bamenyeshamakuru ku wa 26 Ruhuhuma 2020.Petero Claver  Ndayicariye yamenyesheje ko abandika mu bitabu, bamaze guheza kw’igenekerezo rya 17 Ruhuhuma 2018 haciye hakurikira igirwa co kwegeraniriza  ibitabu vyose vyavuye mu gihugu cose i Bujumbura aho abiyandikishije   bazoca babandika  mu mashini nyabwonko,  bikaba vyashitse i Bujumbura kw’igenekerezo rya 18 Ruhuhuma. Ico gikorwa umurwi  CENI ukaba ugikorana n’ishirahamwe G & C Vision aho bategekanije gushira  umurwi  ma mashini nyabwonko abiyandikishije bagera  ku 5000742 mu minsi igera ku 20, ico gikorwa kikaba categekanijwe gutunganya   n’abanditsi bangana  1360 baciwemwo imice 4 ni ukuvuga abantu 340 mu murwi umwe.

Yabandanije amenyesha ko ico gikorwa  co kwandika mu mashini nyabwonko catanguye kw’igenekerezo  rya 22 Ruhuhuma bafise imashini nyabwonko zigera  kw’125. Kw’igenekerezo rya 23 Ruhuhuma haciye hongerako  imashini 82, hasigaye gushiraho imashini nyabwonko zigera kw’143 kugira bagere ku mashini nyabwonko zigera ku 350 zikenewe kugira igikorwa kigende neza. igenekerezo rya 26 Ruhuhuma 2018 mu gatondo ngo  bari bamaze gushira mu mashini nyabwonko abangana n’ 390137, ni ukuvuga abagabo bagera ku 191699 hamwe n’abagore bagera ku  198435 bakaba rero bari bageze ku bice 8 kw’ijana. Ivyo biharuro bikaba bibandanya biduga mu gihe uko iminsi ihera ariko vyongerekana kandi n’abandika bandika vyinshi kuko bamenyera kunyarutsa kandi n’imashini zibandanya ziyongera. Akaba  yaciye amenyesha ko hari ibitigiri bakirindiriye vy’abiyandikishirije mu buserukizi bw’Uburundi mu makungu bitari bwashike  i Bujumbura. Yasozereye ikiganiro yereka abamenyeshamakuru aho ivyo bikorwa birangurirwa, arongera aramenyesha ko ivyo bikorwa babikorana n’amashirahamwe y ‘abarundi akaba aribo bazoguma bakorana. Iryo rikaba ari itandukaniro  n’ayandi matora bakorana n’amashirahamwe mvamakungu.                                                                                                                                  
Anitha Bizimana 

(Uwimenyereza)

Ouvrir