Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Inama kaminuza igira 19 y’umuryango wa EAC yaremeje imigambi itandukanye igiye gushirwa mu ngiro

 

DSC 1484Icegera ca mbere  c’Umukuru w’igihugu ,Gaston Sindimwo amenyesha ko inama igira 19 y’abakuru b’ibihugu vya  Afrika y’ubuseruko (EAC),  iheruka kubera  i Kampala mu gihugu c’Ubuganda yemeje imigambi  17 yashizwe imbere  kugira ishirwe mu ngiro. Muri iyo Uburundi ngo iyo migambi yose bukaba bufisemwo 5 izoshikwako. Icegera ca mbere  c’Umukuru w’igihugu ,Gaston Sindimwo amenyesha ko inama igira 19 y’abakuru b’ibihugu vya  Afrika y’ubuseruko (EAC),  iheruka kubera  i Kampala mu gihugu c’Ubuganda yemeje imigambi  17 yashizwe imbere  kugira ishirwe mu ngiro. Muri iyo Uburundi ngo iyo migambi yose bukaba bufisemwo 5 izoshikwako. Ivyo akaba yabivuze ku wa 24 Ruhuhuma 2018, igihe yari aganutse avuye muri ico gihugu c’Ubuganda aho yari yaserukiye Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza muri iyo nama.

Nk’uko Gaston Sindimwo yabandanije abimenyesha ngo muri iyo   migambi  rero harimwo kwagura ikibuga c’indege ca Bujumbura, kwubaka ibarabara  ry’indarayi rya Keza- Musongati –Gitega n’ukwubaka  urugomero rugira gatatu rw’umuyagankuba   ku  Rusizi Rusizi  hamwe no gushira mu ngiro urudandaza ku biyaga Tanganyika  na Victoriya. Hari kandi n’ibindi  vyinshi bizorangurwa mu migambi yashizwe imbere nko kwubaka ikigo co gushinguramwo   imfungurwa i Bujumbura.Kw’igenekerezo rya 23 Ruhuhuma 2018 baragize iyindi nama ijanye n’ishirahamwe ry’ibihugu bigize akarere ka Afrika aho barabiye hamwe uko ibikorwa bigenda  biranguka bongera bashiraho n’abakozi bakenewe aho hagize ibihindurwa kuko kare hahora haba ivyegera 5 vy’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’umuryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko bumvikanako ubu hazobaho  ivyegera 2 gusa kandi bazoronka akazi bivanye n’ubumenyi bafise.Muri iyo nama nyene bararonse icegeranyo c’umuhuza Benjamin Mkapa ku vyerekeye ibibazo vy’Uburundi bararonka akanya ko kugica hirya no hino baragiha n’inyishu ikwiye.Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu  yaboneyeho akaryo ko kubonana n’abakuru b’ibihugu vya Tanzania, Uganda ,Kenya na Sudani y’epfo  aho bose baganiriye ibijanye no gukomeza Ubumwe  n’uko umugambi w’ukuganira hagati y’abarundi wokomera .                                                    Josélyne Ndayegamiye 

Ouvrir