Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu Nama Nshingamateka na Nkenguzamateka: Ibikorwa vyaranguwe n’urwego rw’umuhuza ku neza n’abanyagihugu n’igihugu ngo birashimishije

DSC 1bg515Ku magenekerezo ya 27 na 28 Ruhuhuma 2018, umuhuza w’abarundi, Edouard Nduwimana yaragiye mu Nama Nshingamateka na Nkenguzamateka mu ntumbero yo gushikiriza ivyaranguwe n’urwego aramutswa mu mwaka uheze w’2017, akaba yaramenyesheje ko ibikorwa vy’urwo rwego bishimishije naho utunenge tutabuze kuko abanyagihugu bangana n’4734 bari mu madosiye 727 barwituye, muri ayo madosiye hakaba harashoboye kwakirwa amadisiye 107.Ku magenekerezo ya 27 na 28 Ruhuhuma 2018, umuhuza w’abarundi, Edouard Nduwimana yaragiye mu Nama Nshingamateka na Nkenguzamateka mu ntumbero yo gushikiriza ivyaranguwe n’urwego aramutswa mu mwaka uheze w’2017, akaba yaramenyesheje ko ibikorwa vy’urwo rwego bishimishije naho utunenge tutabuze kuko abanyagihugu bangana n’4734 bari mu madosiye 727 barwituye, muri ayo madosiye hakaba harashoboye kwakirwa amadisiye 107.
Mu Nama Nshingamateka
Kw’igenekerezo rya 27 Ruhuhuma 2018, umuhuza w’abarundi igihe yafata ijambo ngo ashikirize icegeranyo c’ivyaranguwe  mu gice kigira kabiri c’umwaka uheze w’2017, umukuru w’Inama Nshingamateka, Pascal Nyabenda yari arongoye igikorwa c’uwo munsi yamusavye ko yogaruka no ku vyaranguwe mu gice ca mbere  c’umwaka w’2017. Ariko akaba yari yabanje kumenyesha abari ngaho ko umuhuza afise amabanga ahambaye haba mu gihugu, mu karere ndetse no mu makungu. Edward Nduwimana yamenyesheje ko ku bijanye n’igikorwa nyamukuru gihambaye co kwumvikanisha abanyagihugu n’inzego nshingwantwaro, inzego zo mu butungane canke ibisata vyose vyo mu buzima bw’igihugu bikora akazi bikongera bigatunganiriza abanyagihugu.  Ngo abituye urwo rwego rw’umuhuza ni benshi. Aho rero ngo barabanza bakaraba ko ababituye bafise uburenganzira bwo kwakira ibirego babashikiriza gutyo bagaca batangura amatohoza. Muri rusangi ngo bafise ibirego vy’ababituye birenga 94 vyo muri uwo mwaka urangiye vyaje vyiyongera ku bindi 133 ngo vyari bisanzwe mu biro vy’umuhuza biriko birigwa. Muri ayo madosiye ngo ababituye bose hamwe ni 4734 bari mu madosiye ashika 727, amadosiye bakiriye ngo ni 107, ayo basanze atokwakirwa ni amadosiye 20, ayashoboye gusozerwa ni amadosiye 39, ayakiriko arigwa ngo ni 68 hamwe n’ayakigirirwa amatohoza ashika 8 barungikiye inzego zitandukanye. Ngo ayo madosiye usangamwo abantu benshi ngo ni ayajanye n’amatongo, abirukanwa ku buzi n’ayandi. Edouard Nduwimana yamenyesheje kandi ko abanyagihugu bafise ibibazo vyinshi arico gituma ku bushikiranganji butandukanye, ababituye batari bake. Ivyo navyo ngo vyofasha abashingamateka kumenya uburemere bw’ibibazo abo bavugira bafise mu bisata bitandukanye vy’igihugu. Ngo mu bushikiranganji bwose, ahari abantu benshi babituye nk’abo mu bushikiranganji bw’ubutungane bashika ku banyagihugu 1696, hagakurikira ubw’amazi, ibidukikije, ugutunganya amatongo n’ibisagara naho bakaba bashika ku 1615, mu ntwaro z’amakomine ni 390, mu nzego za Reta 313, mu bushikiranganji bw’indero ni 69, n’ahandi.  Ngo igituma batihuta gutora no gutanga inyishu ngo ni uko hariho inzego zimwe zimwe n’abajejwe intwaro bamwe bamwe baba abashikiranganji, baba abarongoye amashirahamwe atandukanye babona yuko akazi k’umuhuza ari ukubinjirira mu kazi kabo ka minsi yose ngo ugaca usanga ntibihuse gutanga inyishu canke kubitaba mu gihe baba babakeneye kugirango basozere ayo madosiye. Ikindi gituma amadosiye atakirwa ngo ni uko ushobora gusanga ababituye bagifise amadosiye mu bushikiranganji bw’ubutungane, aho naho ngo umuhuza kirazira yuko aheza ngo yinjire mw’itohoza ry’iyo dosiye. Ngo hari n’abandi babitura ariko ntiberekane neza ico basaba ico arico canke ntiberekane n’uwo bitwarira uwo ari we.Edouard Nduwimana yamenyesheje ko muvyo bimirije kurangura harimwo ugukarihiriza ubwenge abakozi, kwegereza urwego rw’umuhuza mu ntara kugirango bagabanirize umuruho abanyagihugu, gukomeza ishirahamwe ry’abahuza bakorasha ururimi rw’igifaransa, n’ibindi.Mu bijanye n’ibibazo abashingamateka babajije, barashatse kumenya aho umugambi wo kwegereza ubuserukizi bw’umuhuza abanyagihugu bo mu ntara ziri hagati mu gihugu ugeze kugirango nabo babashikire vyoroshe. Aho naho umuhuza w’abarundi akaba yamenyesheje ko ico cipfuzo gihari ariko ko hakiri intambamyi y’uburyo butaraboneka.N’igihe uburyo bubonetse ngo boheza bakaba barugurura na bumwe mu ntara ya Gitega kugira bafashe abo mu ntara za Ruyigi, Cankuzo, Karusi n’ahandi mu kurindira ko hugururwa ubundi buserukizi mu zindi ntara.
Mu Nama Nkenguzamateka
Kw’igenekerezo rya 28 Ruhuma 2018, umuhuza w’abarundi, Edouard Nduwimana niho yashikiriza ico cegeranyo nyene Inama Nkenguzamateka. Umuhuza w’abarundi yaramenyesheje ko mu ntumbero yo kwishikira ku kivi mu   bijanye no kugenzura ibisata vya Reta, yaregendeye ibitaro vyitiriwe umwami Khaled aho yasanze ivyo bitaro  bikeneye kunagurwa cane cane mu vyerekeye inzego kuko hari abakozi bamwe bakukira ubushikiranganji bw’indero abandi bagakukira ubw’amagara y’abantu. Ngo abaganga bahakorera, umwanya munini bawumara bariko bakorera hanze. Nduwimana yamenyesheje ko mu mwaka w’2017, urwego rw’umuhuza rwaronse amafaranga yo gukoresha angana n’imiriyoni 800, ayo mahera akaba atashoboye gukwira kubera ibikorwa vyabaye vyinshi. Akaba yaciye asaba abakenguzamateka ko boza barafasha urwego rw’umuhuza, rukaronka uburyo bukwiye iyo hageze ko batora amahera Reta izokoreshaku mwaka ku mwaka. Nduwimana yarasavye abakenguzamateka ko boza baramenyekanisha uruhara rw’umuhuza kuko benshi batarutahura, bigatuma inzego nyishi zibaza ko urwo rwego rwoba rushaka kwinjira mu kazi kazo.
Estella Niyongere

Aline Kanyana

 

Ouvrir