Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Prezida Nkurunziza yaratanze amanota arenga 96 kw’ijana ku nyabune ijejwe guhagararira umutekano

 

FUmukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yaratanze amanota 96 n’ibice bitanu kw’ijana ku nzego zigize inyabune mu guhagararira umutekano. Ivyo yabishikirije kw’igenekerezo rya 2 Ntwarante 2018, igihe yariko aragirisha inama abajejwe intwaro, umutekano hamwe n’abakora mu butungane. Iyo nama ikaba yabereye muri Komine Bukinanyana mu ntara ya Cibitoke. Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yaratanze amanota 96 n’ibice bitanu kw’ijana ku nzego zigize inyabune mu guhagararira umutekano. Ivyo yabishikirije kw’igenekerezo rya 2 Ntwarante 2018, igihe yariko aragirisha inama abajejwe intwaro, umutekano hamwe n’abakora mu butungane. Iyo nama ikaba yabereye muri Komine Bukinanyana mu ntara ya Cibitoke. Inyuma y’iyo nama umushikiranganji w’umutekano, Alain Guillaume Bunyoni yaramenyesheje ko haheze ikiringo c’amezi abiri Umukuru w’igihugu akoranije abajejwe intwaro, umutekano hamwe n’abajejwe ubutungane kugira barabire hamwe ingene umutekano wifashe mu gihugu c’Uburundi. 

Ngo mu  Burundi bose barabonye ko umutekano wifashe neza kandi umutekano wiyongereye kuva aho bagiriye inama muri ico kiringo c’amezi abiri hakaba hari kw’igenekerezo rya 12 Kigarama 2017. Ngo n’ivyagaragaye ni uko  uguhimbaza iminsi mikuru ya Noweri hamwe n’umwaka mushasha w’2018, vyagenze neza. Ngo n’ikindi cagaragaye ni uko ubugizi bwa nabi bwo kwicana bwagabanutse uravye n’ivyari bihari. Yaravuze kandi  ko n’ikindi cemeza ko umutekano uhari ari uko abantu bose bagiye kwiyandikisha kugira bazitabe amatora y’ukwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro n’amatora yo mu 2020. Yarongeye aramenyesha ko hariho ububisha bwagiye burigaragaza butari buke batamenyereye  muri uno mwaka bwo kwicana hagati mu miryango aho usanga abavyeyi bica abana, ahandi ugasanga abigeme baribarutse abana bagaca babaniga abandi bagaca ibikonjo abantu ivyo vyose bikaba bitari bimenyerewe mu gihugu c’Uburundi.Umushikiranganji w’umutekano yaramenyesheje kandi ko Umukuru w’igihugu yatanze impanuro ku bajejwe umutekano ngo naho bakoze neza bokongerereza inguvu . Ngo yavuze ko bogerageza   mu kurwanya urudandazwa rwa magendu kugira abantu bose bakore biciye mu mategeko. Ngo ikindi naco ni uko borwanya abantu bacukura ubutare bidaciye mu mategeko kuko Uburundi buhahombera. Ngo ikindi yasavye abajejwe intwaro ni uko abakora kw’ibarabara bokora neza kugira amasanganya agabanuke. Ngo ikindi gikorwa gikwiye ukurangurwa ni uko bogerageza bagakura abiyerereza mu mabarabara. Yarongeye arasaba kandi abajejwe intwaro n’umutekano ko bogirisha inama nyinshi kugira abantu ntibaje barihanira.
Thérèse Niyonkuru

Ouvrir