Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Prezida NKURUNZIZA asaba abarundi bose kumenya ivyaranze igihugu cabo

DSCn 0201Umukuru w’gihuhu Petero NKURUNZIZA amenyesha abarundi ko botahura kahise k’igihugu bakongera bakamenya abacitangiye. Ivyo yabimenyesheje kw’igenekerezo rya 1 Ntwarante 2018 igihe yariko aratanga inyigisho zo kuzirikana igihugu ico arico, ku mvukira z’intara ya Cibitoke n’abasanzwe baharangurira imirimo nk’uko vyamenyeshejwe n’icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Alain Diomède Nzeyimana inyuma y’izo nyigisho zatanzwe mu mwiherero. Alain Diomède Nzeyimana yarongeye  amenyesha ko iyo ntara ya Cibitoke ibaye intara igira umunani Umukuru w’igihugu agendeye atanga izo nyigisho kugira yigishe hahise k’igihugu n’ivyakiranze kugira abarundi  bongere bamenye abacitangiye. Ngo izo nyigisho azitanga kugira abarundi bamenye abarwaniye igihugu uhereye kuri Ntare Rugamba, Mwezi Gisabo,Rwagasore hamwe na Ndadaye kugira abakoroni ntibagisambure. Yaravuze ko muri izo nyigisho bazotahura ivyaranze igihugu, ivyiza babikurikize ibibi babihebe. Ngo yarabwiye abari bitavye iyo nama ko abarundi  bakwiye guhindura inyigisho baha abana kugira bakure bazi itunga ry’igihugu kuko abakoroni  bari barabahishije itunga ry’igihugu bakaryereka bakeyi bafashanya gusahura igihugu. Mw’ijambo ry’ikaze ryashikirijwe na Buramatari w’intara ya  Cibitoke Joseph Iteriteka, yaramenyesheje ko intara ya Cibitoke irimwo umutekano ukwiye.  Ngo ibikorwa vy’iterambere birabandanya kandi n’abanyagihugu barafatanye mu nda.

Ngo n’ikimenyamenya ni uko  haraherutse kwegeranywa mu minsi ibiri amatoni arenga icenda yo gufasha abahuye n’ivyago  vy’imvura nyinshi yononye imirima n’inzu mu turere tumwe tumwe.  Akaba  yarahamagariye abajejwe intwaro  kubandanya babumbatira amahoro n’umutekano. Umukuru w’gihuhu Petero NKURUNZIZA amenyesha abarundi ko botahura kahise k’igihugu bakongera bakamenya abacitangiye. Ivyo yabimenyesheje kw’igenekerezo rya 1 Ntwarante 2018 igihe yariko aratanga inyigisho zo kuzirikana igihugu ico arico, ku mvukira z’intara ya Cibitoke n’abasanzwe baharangurira imirimo nk’uko vyamenyeshejwe n’icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Alain Diomède Nzeyimana inyuma y’izo nyigisho zatanzwe mu mwiherero.Alain Diomède Nzeyimana yarongeye  amenyesha ko iyo ntara ya Cibitoke ibaye intara igira umunani Umukuru w’igihugu agendeye atanga izo nyigisho kugira yigishe hahise k’igihugu n’ivyakiranze kugira abarundi  bongere bamenye abacitangiye. Ngo izo nyigisho azitanga kugira abarundi bamenye abarwaniye igihugu uhereye kuri Ntare Rugamba, Mwezi Gisabo,Rwagasore hamwe na Ndadaye kugira abakoroni ntibagisambure. Yaravuze ko muri izo nyigisho bazotahura ivyaranze igihugu, ivyiza babikurikize ibibi babihebe. Ngo yarabwiye abari bitavye iyo nama ko abarundi  bakwiye guhindura inyigisho baha abana kugira bakure bazi itunga ry’igihugu kuko abakoroni  bari barabahishije itunga ry’igihugu bakaryereka bakeyi bafashanya gusahura igihugu. Mw’ijambo ry’ikaze ryashikirijwe na Buramatari w’intara ya  Cibitoke Joseph Iteriteka, yaramenyesheje ko intara ya Cibitoke irimwo umutekano ukwiye.  Ngo ibikorwa vy’iterambere birabandanya kandi n’abanyagihugu barafatanye mu nda. Ngo n’ikimenyamenya ni uko  haraherutse kwegeranywa mu minsi ibiri amatoni arenga icenda yo gufasha abahuye n’ivyago  vy’imvura nyinshi yononye imirima n’inzu mu turere tumwe tumwe.  Akaba  yarahamagariye abajejwe intwaro  kubandanya babumbatira amahoro n’umutekano. 

Thérèse Niyonkuru
                                                                                                           
                                                                                         

 

Ouvrir