Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Amasezerano yo gutunganya ikibanza co ku Warubondo yarashizweko umukono hagati ya Reta n’ishirahamwe PROCERV

DSC 0302Reta y’Uburundi iserukiwe n’umushikiranganji ajejwe ibidukikije, amazi, gutunganya amatongo n’ibisagara Célestin Ndayizeye hamwe n’ishirahamwe PROCERV ry’i Dubaï muri Emirats Arabe Unis riserukiwe na Andrew Little barashize umukono ku masezerano yo gutunganya neza ikibanza co kwubakamwo amahinguriro, kudandarizamwo no guhanahaniramwo ibidandazwa n’ibindi bihugu co ku Warubondo, zone Gatumba, komine Mutimbuzi, aho hari ku wa 6 Ruhuhuma 2018.Reta y’Uburundi iserukiwe n’umushikiranganji ajejwe ibidukikije, amazi, gutunganya amatongo n’ibisagara Célestin Ndayizeye hamwe n’ishirahamwe PROCERV ry’i Dubaï muri Emirats Arabe Unis riserukiwe na Andrew Little barashize umukono ku masezerano yo gutunganya neza ikibanza co kwubakamwo amahinguriro, kudandarizamwo no guhanahaniramwo ibidandazwa n’ibindi bihugu co ku Warubondo, zone Gatumba, komine Mutimbuzi, aho hari ku wa 6 Ruhuhuma 2018.Bahejeje gushira umukono kuri ayo masezerano, umushikiranganji Célestin Ndayizeye yamenyesheje ko kabaye n’akaryo ko gutanguza icese itunganywa ry’ico kibanza. Yarongeye amenyesha ko ico kibanza kizotuma ubutunzi bw’igihugu bwiyongera mbere n’amahera y’agaciro yinjira mu gihugu yiyongera. Bisubiye ngo ico kibanza kiri hafi y’ikibuga c’indege ca Bujumbura, ikivuko ca Bujumbura n’ikiyaga Tanganyika no hafi y’igihugu ca Republika iharanira Demokarasi ya Kongo (RDC). Yamenyesheje kandi ko mu kiringo c’imyaka 3 iryo shirahamwe rizoba ryahejeje kugitunganya. Yaboneyeho akaryo ko gutera akamo abanyamahanaga n’abarundi baba hanze y’igihugu ngo bazane imitahe yabo muri ico kibanza. Ngo amahinguriro amaze kwubakwa hakabera no guhanahana urudandazwa ibitigiri vy’abaronka akazi biziyongera. Bisubiye ngo abashaka kuhashira imitahe bokwitura umurwi washinzwe na Reta uhuriyemwo impande zose kugira ubereke ivyo bashobora gushiramwo imitahe n’ibisabwa. Umushikiranganji Ndayizeye yarongeye amenyesha ko ico kibanza kingana n’amahegitari 500.

Epitace Nduwayo

Livingstone Ndayizeye (uwimenyereza)   

 

Ouvrir