Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ibikorwa vyaranguwe n’iyandikiro ry’ibinyamakuru vya Reta (PPB) mu mwaka w’2017 birashimishije

 

lkUmushikiranganji w’amaposita, ugutumatumanako amakuru hamwe n’ibimenyehsamakuru, Nestor Bankumukunzi amenyesha ko ashima ingene akazi karanguwe mu buyobozi bukuru bw’iyandikiro ry’ibinyamakuru vya Reta PPB mu mwaka w’2017, kubera ibinyamakuru vyasohotse uko bitegerejwe bikaba kandi vyarashizwe ku rubuga ngurukanabumenyi. Umushikiranganji w’amaposita, ugutumatumanako amakuru hamwe n’ibimenyehsamakuru, Nestor Bankumukunzi amenyesha ko ashima ingene akazi karanguwe mu buyobozi bukuru bw’iyandikiro ry’ibinyamakuru vya Reta PPB mu mwaka w’2017, kubera ibinyamakuru vyasohotse uko bitegerejwe bikaba kandi vyarashizwe ku rubuga ngurukanabumenyi. Ivyo akaba yabishikirije kw’igenekerezo ry’ 9 Ruhuhuma 2018 mu nama isanzwe iba uko umwaka utashe ku bakozi barongoye abandi mu buyozi bukuru bw’iyandikiro ry’ibinyamakuru vya Reta PPB.Bankumukunzi yamenyesheje ko iyo nama yari akaryo keza ko kurabira hamwe ivyaranguwe mu mwaka w’2017, ibigiye kurangurwa mu mwaka w’2018 n’ingingo zofatwa kugira akazi karanguke neza.

Ngo ivyo biri mu vyatumye ubushikiranganji bwo gutumatumanako amakuru buba ubwa kabiri mu gukora neza akazi bujejwe. Ngo ijambo ry’intagamarara ryerekana uko ibintu biba bimeze mu gihugu ryama ryasohotse muri ivyo bimenyeshamakuru. Bankumukunzi arashima kandi ukungene ubuyobozi bukuru bwa PPB bugiranira amasezerano n’ibindi binyamakuru nka tereviziyo y’igihugu aho hari ikiganiro ku bijanye n’ivyanditswe mu binyamakuru vyo muri PPB. Ngo ubuyobozi bukuru bwa PPB bwaragize inguvu mu kuronka ibikoresho nk’imodoka biciye mu gukorana n’ababa bakeneye ibikorerwaho. Bankumukunzi arashima ingene abakozi bo muri PPB bakorana neza mu mwumvikano ntangere. Ngo ikibazo kiri muri PPB gihagaze ku kinyamakuru UBUMWE aho gitangwa mu makomine no mu ntara zose zo mu Burundi ku buntu. Ivyo bikaba bisaba uburyo iryo yandikiro ritama rifise. Ku bijanye n’umuti w’iyo ngorane, umushikiranganji Bankumukunzi yamenyesheje ko agiye kwegera ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati kugira butange uburyo na bukeya kugira ikinyamakuru UBUMWE kibe ciza kurusha. Bankumukunzi yahamagariye abarongoye abandi muri PPB gutunganya ibikorwa vya minsi yose bisunze urutonde rw’ibikorwa vyategekanijwe kuzokorwa mu mwaka w’2018. Abo barongoye abandi ngo bokwirinda gucererwa ku kazi, gutaha hatageze no gusiba ku kazi. Abamenyeshamakuru ngo boza barakora inkuru ziba zijanye n’ivyo abanyagihugu baba bakeneye. Bankumukunzi yahamagariye kandi abari mu nama gukunda no gukundisha igihugu. Ngo ubushikiranganji bujejwe gutumatumanako amakuru bwariyemeje ko bwogira akigoro mu gutororokanya intererano y’amatora ari naco gituma Bankumukunzi yaciye atera akamo abakozi bo muri PPB ko kwifatanya n’abandi mu gutororokanya intererano, umwe wese ku co ashoboye gutanga kandi ku gushaka kwiwe, ku buryo mu kwezi kwa Ndamukiza  2018, ubwo buryo bwoba bushitse iyo butegerezwa gushika.
Aline Kanyana

Ouvrir