Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Amakomine yaranguye imigambi yari itegekanijwe mu mwaka w’2017 ku bice 99,92 kw’ijana

 

fdsAmakomine ngo yarashoboye gukoresha amahera ahabwa na Reta y’imiriyoni amajana 5 ku mwaka ku bice 99,92 kw’ijana mu mwaka uheze w’2017 kugira arangure imigambi y’iterambere. Ivyo bikaba vyashikirijwe n’umuyobozi mukuru w’ikigega ca Reta co gutezimbere ry’amakomine (FONIC), Jean Claude Nduwimana ku wa 30 Nzero 2018 mu gihe yahuza abarongoye amakomine n’abarongoye inama mpanuzwajambo z’amakomine.Amakomine ngo yarashoboye gukoresha amahera ahabwa na Reta y’imiriyoni amajana 5 ku mwaka ku bice 99,92 kw’ijana mu mwaka uheze w’2017 kugira arangure imigambi y’iterambere. Ivyo bikaba vyashikirijwe n’umuyobozi mukuru w’ikigega ca Reta co gutezimbere ry’amakomine (FONIC), Jean Claude Nduwimana ku wa 30 Nzero 2018 mu gihe yahuza abarongoye amakomine n’abarongoye inama mpanuzwajambo z’amakomine.Yarongeye amenyesha ko uwu mwaka w’2018 amakomine azoshira ayo mahera mu migambi yo kugwiza umwimbu ku bice 80 k’ijana nk’uko vyasabwe n’Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA nayo ibice 20 k’ijana akazoja mu migambi y’inyubako rusangi. Imigambi imaze kwemezwa izorangurwa uwu mwaka mu burimyi n’ubworozi ngo iciye imiriyaridi 3. 

Imigambi yaranguwe ngo ni 927 ku migambi 1260 yari itegekanijwe ni ukuvuga ibice 73,57 kw’ijana nayo imigambi y’inyubako yaranguwe ngo ni 45 ku migambi 558 yari itegekanijwe. Abahinga bashikirije ibiganiro bamenyesheje ko intambamyi zahabaye kugira imigambi yose yari itegekanijwe ntishobore kurangira zaturutse ku bushobozi buke bw’amashirahamwe yatsindiye amasoko.  Iyindi ngorane yibonekeje ngo ni amashirahamwe yatsindiye amasoko adakoresha ibintu bitegekanijwe nk’uko biba biri mu masezerano bagaca bakora ibintu bitarama kuko hari nk’ayakoresha ivyuma vya mirimetero 8 aho gukoresha ivya mirimetero 12, ahandi naho bagacanga umufuko w’isima n’inkorofani 5 aho gukoresha 3 gutyo ibintu bigaca vyononekara ningoga. Ngo hari n’abasakaza amabati adakomeye kandi atarivyo biri mu masezerano yo gutanga isoko canke ugasanga aharangurirwa izo nyubakwa ata barabara rishikayo kugira abahinga bo muri FONIC bagenzure uko ibikorwa biba biriko biragenda. Basaba ko ibiba vyahindutse vyose mu kurangura umugambi vyoshirwa mu cegeranyo kugira bigaragare. Ikindi basaba n’uko ibikorwa vyokorwa vyihuta kugira bazokwakire izo nyubako imbere yuko amezi atatu ya mbere y’umwaka w’2018 arangira.  Ikindi ngo n’uko amasoko yotangwa biciye mu muco nayo amashirahamwe atarangiza ibikorwa akamenyekana kugira akurwe ku rutonde rw’ayahiganirwa amasoko. Ikigega FONIC naco gisabwa kuronsa amahera asabwa amakomine ku gihe kugira inyubako ntizihagarare. Abarimyi n’aborozi babigize umwuga ngo boronswa inyigisho kugira babikore ku buryo bwa kijambere gutyo abantu babikore babikunda atari uguheza umwanya. Abarimyi n’aborozi ngo baja hamwe mu makoperative kugira bakorere hamwe bongere baronke uburyo bwo kubika no gushora umwimbu wabo. Ngo ni naho bashobora kuronka ibikoresho vyoroshe canke ingaburo z’ibitungwa ku giciro gito. Ngo mu kumenyekanisha ivyo badandaza bokoresha amaradiyo abegereye kugira bashobore no gshorera ivyo bimbuye mu zindi ntara canke mu bihugu bibanyi. Bokwitaba n’amahayanishwagurishwa mu ntumbero yo kwerekana ubwiza bw’ivyo bimbura. Bamenyesheje kandi ko bazoronsa inyigisho abarimyi n’aborozi 36 ku ntara, 1.500 ku mitumba, amashirahamwe 119 nayo ashingwe. Ihangiro Reta ifise mu gushira amahera menshi mu migambi yo kugwiza umwimbu ngo ni ukurwanya ubukene kuko imiriyoni amajana 4 azokora mu gisata c’uburimyi n’ubworozi. Naho biri uko amashirahamwe y’abarimyi n’aborozi azoheza asubize amakomine amahera yaronse kugira ahabwe yandi mashirahamwe.   

Epitace Nduwayo

Ouvrir