Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mw’irima ry’impeshi ngo hazokoreshwa itoni zirenga gato 20158 y’ifumbire y’ikizungu

 

zaaa CopieMu gihe c’irima ry’impeshi, ngo hategekanijwe gukoreshwa amatoni y’ifumbire y’ikizungu arenga gato itoni 20158 ku rwego rw’igihugu cose. Muri izo toni z’ifumbire y’ikizungu, agizwe itoni 14700 zo mu bwoko bwa DAP, amatoni 4300 zo mu bwoko bwa Urée, itoni 373 zo mu bwoko bwa KCL,  itoni 747 yo mu bwoko bwa NPK 17 hamwe n’ishwagara ryo kugabanya umururazi w’isi ndimwa amatoni 2800. Ibiciro vy’iyo fumbire ni 28000 vy’amafaranga y’amarundi ku mufuko w’ibiro 25 vy’ifumbire yo mu bwoko bwa DAP, 27000 vy’amafaranga  y’amarundi ku mufuko w’ibiro 25 kw’ifumbire yo bwoko bwa NPK 17 hamwe na KCL, 25500 vy’amafaranga y’amarundi ku mufuko w’ibiro 25 kw’ifumbire yo mu bwoko bwa Urée. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuyobozi ajejwe gusubiza isi ndimwa akanovera akongera akaba ajejwe umugambi wa Reta ujejwe kwegereza ifumbire abarimyi ku giciro kitavuna, Prosper Dodiko, ku wa 7 Ruhuhuma 2018, hari mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.Mu gihe c’irima ry’impeshi, ngo hategekanijwe gukoreshwa amatoni y’ifumbire y’ikizungu arenga gato itoni 20158 ku rwego rw’igihugu cose. Muri izo toni z’ifumbire y’ikizungu, agizwe itoni 14700 zo mu bwoko bwa DAP, amatoni 4300 zo mu bwoko bwa Urée, itoni 373 zo mu bwoko bwa KCL,  itoni 747 yo mu bwoko bwa NPK 17 hamwe n’ishwagara ryo kugabanya umururazi w’isi ndimwa amatoni 2800. Ibiciro vy’iyo fumbire ni 28000 vy’amafaranga y’amarundi ku mufuko w’ibiro 25 vy’ifumbire yo mu bwoko bwa DAP, 27000 vy’amafaranga  y’amarundi ku mufuko w’ibiro 25 kw’ifumbire yo bwoko bwa NPK 17 hamwe na KCL, 25500 vy’amafaranga y’amarundi ku mufuko w’ibiro 25 kw’ifumbire yo mu bwoko bwa Urée.

Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuyobozi ajejwe gusubiza isi ndimwa akanovera akongera akaba ajejwe umugambi wa Reta ujejwe kwegereza ifumbire abarimyi ku giciro kitavuna, Prosper Dodiko, ku wa 7 Ruhuhuma 2018, hari mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.Nk’uko umuyobozi ajejwe gusubiza isi ndimwa akanovera akongera akaba ajejwe umugambi wa Reta ujejwe kwegereza ifumbire abarimyi, Prosper Dodiko, ngo yisunze ibiharuro vy’abarimyi batanze avansi kugira baronswe ifumbire ku giciro kitavuna, ngo biraduga kubera akunguko babibonamwo. Vyongeye, ngo imbere y’uko uwo mugambi wo kuronsa ifumbire abarimyi ku giciro kitavuna utangura, ngo mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bategekanya itoni  z’ifumbire y’ikizungu ari hagati Y’ 6000 n’7000, ku kiringo c’umwaka wose. Muri kino gihe, ngo bageze ku rugero rw’itoni 46000 vy’ifumbire y’ikizungu, ku mwaka wose.Kw’itoni 20158 y’ifumbire y’ikizungu, ngo harimwo ubwoko bwa DAP, KCL, NPK 17 hamwe na Urée. Iyo mirwi uko ari ine, ngo umwe wose ufise akamaro kawo kw’isi ndimwa. Kuri izo toni 20158, ngo DAP ni 14700, matoni 4300 yo mu bwoko bwa Urée, 373 zo mu bwoko bwa KCL hamwe n’itoni 747 zo mu bwoko bwa NPK 17. Kuri iyo mirwi yose, ngo igice kinini kigizwe n’ifumbire yo mu bwoko bwa DAP. Nk’uko uwo muyobizi yabandanije abishikiriza, ngo yisunze ivyigwa vyakozwe, vyarerekanye ko  isi ndimwa abarundi bariko bararima ibuze icunyunyu ca « Phosphore », ku bice birenga 45%, ico cunyunyu naco ngo kiri mw’ifumbire yo mu bwoko bwa DAP.Mu ntara zimwe ngo ifumbire y’ikizungu iramaze gushika mu bubikoIyo fumbire bagategekanya gutangura kuyitanga mu ndwi imwe n’igice iri imbere. Ivyo akabivuga yisunze ko mu ntara zo mu buraruko nka Kayanza, Kirundo na Ngozi iza imaze kugera mu bubiko bw’ibiro vy’ubuyobozi bujejwe uburimyi n’ubworozi. Mu zindi ntara, ngo amakamyo ayikura hanze ngo ari mu nzira, aho bategekanya ko kuva ku wa 12 Ruhuhuma 2018 ishobora kuba itanguye kujanwa muri izo ntara zisigaye.Akamaro k’icunyunyu ca « Phosphore », ngo ni kanini cane ku biterwa kubera gituma bizana imizi kare, bigakura bifise inguvu. Vyongeye, ngo nibwo bwoko bw’ifumbire bushobora guterana, bukaguma mw’ibango kugira bugaburire igiterwa gushika gikure. Ico cunyunyu ca « Phosphore », ngo ntahandi kiboneka atari mw’ifumbire yo mu bwoko bwa DAP. Mu mwavu w’ikirundi, ngo mu biro 100 vy’uwo mwavu, ngo harimwo ivy’icumi bine vy’ico cunyunyu, ni ukuvuga 0,4kg. Ariko ngo mu biro 100 vy’ifumbire ya DAP, ngo haba harimwo ibiro 46 vy’icunyunyu ca « Phosphore ».Ku bijanye n’urugero Uburundi bugezeko mu gukoresha ifumbire y’ikizungu, ngo mu bihugu vyo hanze, ngo hari aho bageze ku biro 450 kw’ihegitari imwe gusa. Muri Afrika, ngo igitigiri co hagati bagezeko, ico yise « moyenne »,  ngo ni hagati y’ibiro 8 na 10, mu Burundi ngo tugeze ku biro biri hagati ya 6 n’7 kw’ihegitari. Ivyo biro rero ngo si ivy’ifumbire, ngo ni ibiro vy’ivyunyunyu kuko ngo ifumbire n’ivyunyunyu ngo biratandukanye. Vyongeye, ngo ifumbire uko tuyibona, ngo igizwe n’ibintu 2, ivyo navyo ngo ni ibintu bifasha kubika ivyunyunyu hamwe n’ivyo vyunyunyu nyene. Kw’ifumbire yo mu bwoko bwa DAP, ngo ku biro 100 ngo harimwo ibiro 46 vy’icunyunyu ca « Phosphore », ibindi ngo ni ivyo bakoresha kugira bifashe kubika ivyo vyunyunyu.Urugero rw’ifumbire ikoreshwa kw’ihegitari ngo rugenda rurahinduka bivanye n’igiterwaKuri ivyo, ngo ubwoko bw’ifumbire bakoresha kw’ihegitari ngo bugenda burahinduka bivanye n’igiterwa. Ku giterwa c’ibiharage, ngo birafise uko bifumbirwa kijambere, aho usanga bakoresha DAP nkeya hamwe n’ifumbire yo mu bwoko bwa KCL. Ku giterwa c’ibiharage rero, ngo bakoresha NPK 18-46-30, igiharuro 18, ngo ni ibiro vy’icunyunyu ca « azote », 46 ngo ni ibiro vy’icunyunyu ca « Phosphore », 30 ngo ni ibiro vy’icunyunyu ca « Potassium », iva mw’ifumbire yo mu bwoko bwa KCL. Ku giterwa c’ibiraya, ngo bisaba icunyunyu ca « Phosphore » cinshi gishika ku biro 90 kw’ihegitari, kugira uronke ico cunyunyu, ngo bisaba ko ukoresha ifumbire ya DAP ishika ku biro 250 kw’ihegitari imwe gusa.
Ku bijanye n’imbuto zirobanuye, ngo hagiye kujaho umugambi uzoba ujejwe kwegereza imbuto zirobanuye abarimyi ku giciro kitavuna. Vyongeye, n’ikigo kijejwe gukora ubushakashatsi ku mbuto ISABU, ngo kirafasha kwegereza abarimyi izo mbuto, ndetse n’abarwizambuto ngo bari ku kivi kugira baronse abarimyi izo mbuto. Umuyobozi ajejwe gusubiza akanovera isi ndimwa, Prosper Dodiko atera akamo abarimyi gukoresha neza ifumbire na cane cane mu kurima bagashikana isemo hasi, kurondera umwavu w’ikirundi, waba uw’ibitungwa canke uwa nyabarega hamwe  n’ishwagara. Iyo shwagara ngo abarimyi bobanza kuyimija aho bagiye kurima, kugira ishobore gushika aho bageza isemo. Ishwagara ngo ifise uruhara rwo kugabanya umururazi w’isi ndimwa.Tubamenyeshe ko uwo muyobozi yamenyesheje ko igihe co gutanga iyo fumbire kitararenga kubera ko ibihe vyagiye birahinduka, biturutse kw’ihindagurika ry’ibihe. Mu myaka iheze, ngo bahora basaba abarimyi ko batangura guteragirira impeshi kuva ku wa 15 Ruhuhuma.                                                                               Déo Misigaro

Ouvrir