Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu ntara ya Ngozi Prezida NKURUNZIZA yaruguruye icese Radiyo-tereviziyo Buntu « Ijwi ry’impfuvyi n’abapfakazi »

DSC 0420Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA yaruguruye icese radiyo-tereviziyo Buntu « Ijwi ry’impfuvyi n’abapfakazi » y’ishirahamwe « Fondation Buntu » isamiranira ku mutumba Buye, muri  Komine Mwumba, intara ya Ngozi, hari ku wa 3 Ruhuhuma 2018 . Ico gihe Prezida NKURUNZIZA akaba yari kumwe n’umutambukanyi wiwe Denise NKURUNZIZA ari nawe yashinze umugambi w’ico kimenyeshamakuru abicishije kuri Fondation Buntu asanzwe arongoye. Iyo radiyo-tereviziyo ikaba ifise intumbero yo gusubiza ivyizigiro ababitakaje.Ivyo birori bikaba vyari vyitabwe n’abategetsi batandukanye barimwo n’abaserukira amashirahamwe amwe amwe.Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA yaruguruye icese radiyo-tereviziyo Buntu « Ijwi ry’impfuvyi n’abapfakazi » y’ishirahamwe « Fondation Buntu » isamiranira ku mutumba Buye, muri  Komine Mwumba, intara ya Ngozi, hari ku wa 3 Ruhuhuma 2018 . Ico gihe Prezida NKURUNZIZA akaba yari kumwe n’umutambukanyi wiwe Denise NKURUNZIZA ari nawe yashinze umugambi w’ico kimenyeshamakuru abicishije kuri Fondation Buntu asanzwe arongoye.

Iyo radiyo-tereviziyo ikaba ifise intumbero yo gusubiza ivyizigiro ababitakaje.Ivyo birori bikaba vyari vyitabwe n’abategetsi batandukanye barimwo n’abaserukira amashirahamwe amwe amwe.Umukuru w’igihugu yaratanze ikiganiro muri iyo mboneshakure aho yakeje bivuye ku mutima ahereye ku mupfasoni wiwe abiyumviriye uwo mugambi mwiza udasanzwe w’iterambere ry’igihugu n’abanyagihugu ngo na cane cane ko iyo radiyo-tereviziyo  ije guha ijambo  impfuvyi n’abafakazi  basa n’abibagie. Yasavye ico kimenyeshamakuru kuba ijwi ry’urukiza n’ivyiza ,ndetse izotange ubwenge n’iterambere. Yarangije asabira imigisha iyo mboneshakure, aca ayifuriza gushigikirwa kugira ishobore gushikira impfuvyi n’abapfakazi bo mu gihugu cose gutyo bashobore nabo gushinga intahe zabo. Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu, Denise NKURUNZIZA yaramenyesheje ko icatumye bashinga iyo radiyo-tereviziyo muri Fondation Buntu ngo ni uko babonye ko yofasha abantu benshi batakaje ivyizigiro bivuye ku mvo zitandukanye mu gihugu, biciye mu biganiro. Ngo ico kinyamakuru kandi kije gushigikira iterambere ry’igihugu. Yaboneyeho akaryo ko gukengurukira na cane cane Umukuru w’igihugu we yabateye intege n’abandi bashoboye gufasha kugira  uwo mugambi uje mu ngiro. Yaciye asaba ko bomushigikira kugira umugambi w’imboneshakure nawo uranguke. Yarasavye kandi ibindi bimenyeshamakuru nk’uko vyaboneye izoba Insamirizi Buntu, ko vyoyishigikira bakagiriranira ubucuti bwiza mu ntumbero yo guteza imbere igihugu biciye mu mwuga wo kumenyesha amakuru. Uwaserukiye ikigega mpuzamakungu kijejwe ivy’irwirirana ry’abantu FINUAP ari naco cafashije muri uwo mugambi, yavuze ko bashigikiye uwo mugambi kuko babonye uje gufasha abanyagihugu na cane cane mu kwitaho imibereho y’abatishoboye .Tubamenyeshe ko iyo radiyo-tereviziyo yumvikanira mu ntara z’ubumanuko, ubuseruko n’izo hagati ariko bakaba bizeye ko mu minsi iri imbere izoba yumvikana mu gihugu cose ndetse no mu bindi bihugu .Imbere yaho, Prezida NKURUNZIZA yari yabanje kwifatanya n’abanyagihugu b’i Buye mu bikorwa vy’iterambere rusangi, aho bariko baravanga isima , igaraviye  n’umusenyi vyo kwubaka ishure nshingiro rigizwe n’ibirasi 12 hamwe n’ibiro vy’ubuyobozi. Iyo nyubakwa ikaba ari i gorofa igeretse rimwe. Musitanteri wa Komine Mwumba akaba yatumenyesheje ko iryo shure ririko ryubakwa n’abanyagihu ubwabo mu bikorwa vy’iterambere rusangi , Reta nayo ngo ikaba yabemereye kubaha isima , ivyuma hamwe n’amabati.  

Gloriose Nshimirimana

 

Ouvrir