Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu Nama Nshingamateka Na Nkenguzamateka Inzego zijejwe gutora amategeko zaruguruye ibikorwa vyazo vyo muri Ruhuhuma 2018

IMG 9407Ku muhingamo w’igenekerezo rya 5 Ruhuhuma 2018, niho inzego zijejwe gutora amategeko zugurura ibikorwa bisanzwe vyazo vy’isasa  ryo mu kwezi kwa Ruhuhuma.Ku muhingamo w’igenekerezo rya 5 Ruhuhuma 2018, niho inzego zijejwe gutora amategeko zugurura ibikorwa bisanzwe vyazo vy’isasa  ryo mu kwezi kwa Ruhuhuma. 

Inama Nshingamateka ngo izokwiga integuro z’amabwirizwa 12 mw’isasa ryo muri Ruhuma 2018
Umukuru w’Inama Nshingamateka, Pascal Nyabenda, amenyesha ko urwo rwego arongoye ruziga integuro z’amabwirizwa 12 mw’isasa rihariwe  ikiringo gitangura mu kwezi kwa Ruhuhuma 2018.Ivyo akaba yabivuze ku wa 5 Ruhuhuma 2018, igihe yariko  yugurura icese ibikorwa vyarwo vyo muri Ruhuhuma , mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe.Pascal Nyabenda yaribukije abari ngaho ko batunganije uwo munsi bisunze itegeko ry’174 riri mw’Ibwirizwa Shingiro ry’igihugu c’Uburundi, rivuga ko Inama Nshingamateka itegerezwa kwugurura ibikorwa vyayo bisanzwe ku wa mbere utangura ukwezi kwa Ruhuhuma. Yaciye amenyesha ko mu nteguro z’amabwirizwa  baziga ko harimwo, integuro y’ibwirizwa ry’aho Reta y’Uburundi ishira umukono ku masezerano y’umuryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko (EAC) ku bijanye n’amahoro n’umutekano,  integuro y’ibwirizwa risubiramwo igitabu c’amategeko mpanavyaha n’uko aja mu ngiro; integuro y’ibwirizwa rijanye n’ukugaburirira ibitungwa mu mpongore no kwihaniza ko ibitungwa vyose harimwo n’ibiguruka vyiyerereza ku misozi; integuro y’ibwirizwa rigenga ibijanye n’isuku no gusukura mu Burundi ; integuro y’ibwirizwa risubiramwo ibwirizwa ryo ku wa 9 Rusama 2015 rigenga ibimenyeshamakuru  mu Burundi ; integuro y’ibwirizwa ry’aho Reta y’Uburundi  ishira umukono ku masezerano yo gushinga ibanki ya Afrika izoshigikira ukurangura imirimo no gukorera mu bindi bihugu ( AFREXIMBANK)  i Abidjan mu gihugu ca Côte d’Ivoire kuva ku wa 8 Rusama 1993. Umukuru w’Inama Nshingamateka yaciye atera akamo abarundi bose bashaka ico boterera mu kwiga izo nteguro z’amategeko ko botanga intererano yabo n’ivyohinyanyurwa mu gihe umurwi w’Inama Nshingamateka  wamaho ubijejwe uba uriko uravyiga. Pascal Nyabenda yabandanije amenyesha ko mu bikorwa Inama Nshingamateka izokora harimwo gusanga abanyagihugu ku kivi kugira  bamenye aho bageze mw’iterambere no mu mibano, bongere baganire ku vyerekeye intwaro y’igihugu n’ibiriko birarangurwa mu gihugu. Yarongeye aramenyesha ko Inama Nshingamateka ihimbawe cane n’intambwe Uburundi bugezeko mu vyerekeye amahoro n’umutekano, aho Uburundi busigaye bwakira abava mu gihugu kibanyi ca Kongo ; ku mwimbu igihugu caronse  mu gatasi. Pascal Nyabenda yasozereye ijambo ryiwe amenyesha ko Inama Nshingamateka izofasha Reta mu gushira mu ngiro imigambi yose y’Umukuru w’igihugu ku nguvu ashira mu gusubiza umwizero mu banyagihugu ; no gufasha gushira mu ngiro imigambi yo gutsimbataza amahoro n’umutekano, guhimiriza kw’ihanganiranira n’ukurwanya amatati ; kwerekana ishusho nziza y’igihugu hamwe n’uguteza imbere imibereho y’abanyagihugu.

Inama Nkenguzamateka ngo izokwiga integuro z’amategeko 13 zarungitswe na Reta   
Inama Nkenguzamateka yaruguruye ibikorwa vyayo bitangura muri Ruhuhuma, aho hari ku wa 5 Ruhuhuma 2018 mu ngoro y’Inama Nkenguzamateka i Bujumbura. Mw’ijambo ryiwe, umukuru w’Inama Nkenguzamateka, Réverien Ndikuriyo ari nawe yuguruye ivyo bikorwa, yabanje kwipfuriza umwaka muhire w’2018 abakenguzamateka n’abakozi bose bakora mu Nama Nkenguzamateka. Ngo uwo umwaka uze ubabere umwaka w’amagara meza kandi uze ubabere umwaka w’umwimbu mwinshi umwe wese aho aherereye. Réverien Ndikuriyo yaciye amenyesha  abari ngaho ko iyugururwa ry’ibikorwa bijanye n’isasa ry’Inama Nkenguzamateka rya Ruhuhuma 2018, ryashitse mu gihe Reta yari yamaze gushikana mu Nama Nkenguzamateka integuro 13  z’amabwirizwa yo kwiga no gutora imbere yo gushirwa mu ngiro. Ibikorwa vy’uwo munsi vyasozerewe no gusangira abakenguzamateka n’abakozi bose b’urwo rwego mu ntumbere yo kwipfuzaniriza umwaka mushasha w’2018. Kubwa Réverien Ndikuriyo ngo itanguzwa icese ry’ibikorwa vy’Inama Nkenguzamateka vyahuriranye n’itariki abarundi  bari baramutse bahimbaze imyaka 27 ihaciye bapfunditse gukomeza ubumwe bwabo.Muri iryo jambo, umukuru w’Inama Nkenguzamateka yaramenyesheje kandi ko abakenguzamateka bagiye gutangura ibikorwa vyabo mu gihe bari bamaze ukwezi bari mu karuhuko katumye baba hafi ababatoye kugirango babashikirize iryo bagona. Yarashimye cane ivyaranguwe n’abakenguzamateka mu mwaka w’2017 kuko ngo vyatumye haba ugutsimbataza amahoro n’umutekano, imibano n’imigenderanire hagati y’Uburundi n’ibindi bihugu eka n’amashirahamwe mpuzamakungu. Inama Nkenguzamateka ngo yarakomeje imigenderanire n’izindi Nama Nkenguzamateka zo mu bihugu bicuditse n’Uburundi anatanga akarorero k’Inama Nkenguzamateka yo mu gihugu ca Ghana yiyemeje gukomeza imigenderanire myiza ifitaniye n’Inama Nkenguzamateka y’Uburundi.Réverien Ndikuriyo yarakengurukiye cane abenegihugu bitavye akamo batewe na Reta ko kurwiza umwimbu. Ngo muri ino minsi biragaragara ko ako kamo kitabwe  kuko biboneka ko umwimbu wiyongereye mu gihugu. Umukuru w’Inama Nkenguzamateka, Réverien Ndikuriyo yarashimiye Reta ku ngingo nziza yo gukuraho ubusumbasumbane bw’imishahara. Ivyo ngo bitanga icizere mbere bigakomeza urukundo hagati y’abakozi.  Yarashimiye Reta  kandi kubona yarakiranye iteka impunzi zaje ziva mu gihugu kibanyi ca Repuburika iharanira Demokarasi ya Kongo (RDC). Yaboneyeho akaryo ko gusaba abarongoye abandi mu ntara izo mpuzi zashikiyemwo ko  bofasha cane  mu kuzakirana iteka.Révenrien Ndikuriyo,yaharonkeye akaryo ko gutera ivyatsi abo bose bihaye kwandika no gukwiragiza ibitandukanye n’ubugombe bw’abenegihugu ku bijanye n’integuro y’Ibwirizwa Shingiro rishasha. Ivyo rero ngo ni uguhemuka kuko abenegihugu ari bo bonyene biraba. Yasavye abarundi kugendera iragi rya basogokuru mu gufata mu minwe ivyabo. Kw’izina ry’Inama Nkenguzamateka yarakeje abagize umurwi w’ukuri no kurekuriranira ku bikorwa uriko urarangura.Yahamagariye abakenguzamateka kwitanga nantaryo kugira ngo bame bakorana ubwira. Ivyo kandi yabisavye abakora mu Nama Nkenguzamateka aca nawe nyenes ku bimwerekeye avuga ko azoshishikara guhimiriza abenegihugu kwama nantaryo bashira imbere ibikorwa vy’iterambere. 

Nathan Ntahondi Na

Anitha Bizimana (Uwimenyereza)

 

Ouvrir