Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abagize Inama nkuru y’ubumwe n’ukunywanisha abarundi n’abasubiriye abandi mu murwi CVR bararahiye

DSC 0763Kw’igenekerezo rya 6 Ruhuhuma 2018, abagize Inama nkuru y’ubumwe n’ukunywanisha abarundi hamwe na bamwe mu bagize umurwi w’igihugu ujejwe kumenya ukuri n’ukurekuriranira ku vyabaye mu Burundi (CVR) basubiriye abawuhoramwo bashinzwe ayandi mabanga bararahiye imbere y’umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA hamwe n’imbere y’Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka. Abagize Inama nkuru y’ubumwe n’ukunywanisha abarundi ni Guillaume Ruzoviyo ,Alice Nzomukunda,Musenyeri Justin Nzosaba,Adolphe Rukenkanya,Zénon Bigirimana na Médiatrice Bazabishaka nayo abagize CVR barahiye uyo munsi nyene ni léonce Ngabo,Clément Noè Ninziza ,na Pascal Niyonkuru.    Kw’igenekerezo rya 6 Ruhuhuma 2018, abagize Inama nkuru y’ubumwe n’ukunywanisha abarundi hamwe na bamwe mu bagize umurwi w’igihugu ujejwe kumenya ukuri n’ukurekuriranira ku vyabaye mu Burundi (CVR) basubiriye abawuhoramwo bashinzwe ayandi mabanga bararahiye imbere y’umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA hamwe n’imbere y’Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka. Abagize Inama nkuru y’ubumwe n’ukunywanisha abarundi ni Guillaume Ruzoviyo ,Alice Nzomukunda,Musenyeri Justin Nzosaba,Adolphe Rukenkanya, Zénon Bigirimana na Médiatrice Bazabishaka nayo abagize CVR barahiye uyo munsi nyene ni léonce Ngabo, Clément Noè Ninziza ,na Pascal Niyonkuru .      Abagize Inama nkuru y’ubumwe n’ukunywanisha abarundi barahira bavuga bati : « Jewe naka, ndi mubagize Inama nkuru y’ubumwe n’ukunywanisha abarundi, ndarahiye ko nzokubahiriza , ntahemutse ,ataho negamiye amabanga njejwe, ko ntazokwigera nkora nisunze inyungu izo arizo zose, ko nzokomeza ubumwe n’ukunywanisha abarundi nisunze Ibwirizwa Shingiro ry’Uburundi, amasezerano y’ubumwe bw’abarundi n’ayandi mategeko.»    Nayo abagize umurwi CVR barahira bavuga bati : « Jewe naka, ndarahiye imbere y’umukuru w’igihugu n’Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka, ko nzokora amabanga njejwe mu bwigenge, ataho mpengamiye, atawe nkumiriye mu ntumbero y’ukumenya ukuri kugira abarundi bashobore kunywana. Ndiyemeje ko nzogumya ibanga nkuko biri mu mategeko ashiraho umurwi CVR. »
Aline Kanyana

 

Ouvrir