Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Uburundi n’ubuhorande bigiye kubandanya gukomeza imigenderanire iri hagati yavyo

ddImigenderanire hagati y’Uburundi n’Ingoma y’Ubuhorande mu bisata vy’uburimyi n’amagara y’abantu ngo igiye kubandanya itsimbatzwa. Ivyo ni bimwe mu vyavuye mumubonano Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo yahaye intumwa idasanzwe y’Ingoma y’Ubuhorande mu karere k’ibiyaga binini, Robert Jan Siegert, ku wa 8 Ruhuhuma 2018, aho yari aje kwimenyekanisha kubera aherutse gushingwa amabanga yo guserukira igihugu ciwe mu karere Uburundi buherereyemwo.Imigenderanire hagati y’Uburundi n’Ingoma y’Ubuhorande mu bisata vy’uburimyi n’amagara y’abantu ngo igiye kubandanya itsimbatzwa. Ivyo ni bimwe mu vyavuye mumubonano Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo yahaye intumwa idasanzwe y’Ingoma y’Ubuhorande mu karere k’ibiyaga binini, Robert Jan Siegert, ku wa 8 Ruhuhuma 2018, aho yari aje kwimenyekanisha kubera aherutse gushingwa amabanga yo guserukira igihugu ciwe mu karere Uburundi buherereyemwo.Nk’uko umuvugizi w’Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu, Evelyne Maniragaba yabandanije abishikiriza, ngo mu gihe uwo agiye guserukira igihugu c’Ubuhorande mu karere k’ibiyaga binini aherutse kugenwa mu mabanga yo guserukira igihugu ciwe mu karere Uburundi burimwo, ngo yari aje kwimenyekanisha ku bategetsi batandukanye bo mu Burundi.

Uwo agiye guserukira Ubuhorande mu karere k’ibiyaga binini, ngo yari amaze imisi itatu agendera Uburundi, aho yabonanye n’abategetsi batandukanye.Muri uwo mubonano, ngo barabiye hamwe ingene imigenderanire hagati y’Uburundi n’Ubuhorande yifashe. Muri iyo migenderanire, ngo barabiye hamwe imigambi igihugu c’Ubuhorande kiriko kirarangura mu gufasha abanyagihugu mu bisata vy’uburimyi n’amagara y’abantu. Vyongeye, ngo iyo migenderanire igiye kubandanya itezwa imbere kurusha. Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo yaboneyeho akaryo ko kumusigurira uko ibintu vyifashe mu bisata vya poritike n’ubutunzi.

Déo Misigaro                                                                                                   

 

Ouvrir