Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umurwi CNIDH ngo urashimishwa n’ukugene umutekano wifashe mu gihugu

 

bavunUmurwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu (CNIDH) ngo urashimishwa n’ukubona umutekano n’agateka ka zina muntu vyifashe neza mu gihugu. Ngo haraciye amezi menshi ata kintu gica ivutu abanyagihugu cibonekeje mu gihugu .Ivyo vyashikirijwe n’umukuru w’uwo murwi, Jean Baptiste Baribonekeza mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku wa 9 Ruhuhuma 2018 .Umurwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu (CNIDH) ngo urashimishwa n’ukubona umutekano n’agateka ka zina muntu vyifashe neza mu gihugu. Ngo haraciye amezi menshi ata kintu gica ivutu abanyagihugu cibonekeje mu gihugu .Ivyo vyashikirijwe n’umukuru w’uwo murwi, Jean Baptiste Baribonekeza mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku wa 9 Ruhuhuma 2018 .Akaba yabandanije avuga ko biboneka ko igihugu gitekanye mu bice vyaco vyose, kandi abanyagihugu bari ku mirimo yabo ya minsi yose. Umurwi CNIDH ngo  urashima ukugene umugambi w’ugukwiragiza abigisha bo mu mashure ya Reta mu gihugu cose wagenze neza muri rusangi, hamwe rero n’ishaka Reta iherutse kugaragaza ryo gutunganya gusha no kwongereza akanovera k’inyigisho zitangwa muri kaminuza z’igihugu. Umurwi CNIDH ngo urakurikiranira hafi isekeza ryo gusigura integuro y’ihinyanyurwa ry’Ibwirizwa Shingiro ririko riraba , kandi ngo biraboneka ko imyiteguro yo guhamagarira abarundi gushikiriza aho bahagaze kuri iyo nteguro, bitegekanijwe mu kwezi kwa Rusama 2018 , iriko iragenda neza. Umurwi CNIDH ngo uribukije ko ushigikiye amahoro, iteka n’itekane mu gihugu, hamwe rero n’ukwubahiriza agateka ka zina muntu be n’ishaka ry’abanyagihugu.

Umurwi CNDH ukaba usaba abo vyega bose gusoneranira, gutekana, n’ugushira imbere inyungu z’igihugu mu bikorwa vyose vyerekeye uwo mugambi ufise intumbero yo guha ijambo abanyagihugu mu kwitunganiriza ivy’igihugu cabo, hagize amatati abantu bakitura inzego zibijejwe. Umurwi CNIDH ngo irarajwe ishinga n’ikibazo c’impunzi zirenga ibihumbi indwi (7000) ziherutse guhungira mu Burundi zivuye muri Repubulika iharanira Demokarasi ya Kongo (RDC). Ariko uwo murwi ngo ukaba ushima ingingo zafashwe zo kwakira izo mpunzi hisunzwe amategeko mpuzamakungu. Umurwi CNIDH ukaba usaba Reta n’abandi basanzwe bafasha muri ico gisata kubandanya gufata ingingo zose zikenewe kugira izo mpunzi zironswe ivya nkenerwa hisunzwe umutima w’ubuntu n’umuco wo gutanga indaro n’ukubabarana vyamye biranga abarundi. Uwo murwi kandi urarajwe ishinga n’amakuru yerekana ko ibikorwa vyo gucuruza abantu vyasubiriye kwibonekeza na cane cane nko mu ntara ya Makamba no mu gisagara ca Bujumbura, hamwe rero n’amakuru yerekana amakuba abantu boba baragurishijwe bakajanwa mu bihugu bimwe bimwe vyo mu Kigobe c’Abarabu boba babona . Uwo murwi ukamenyesha ko usubiye gusaba Reta n’abandi bose begwa n’ico kibazo kugira bashire mu ngiro itegeko ryagenewe kurwanya ico caha kandi hafatwe ingingo zotuma abamaze kudandazwa batahuka. Umurwi CNIDH uratera ivyatsi ihohoterwa rigize iminsi rikorwa n’abavyeyi canke ababanyi ku bana baba bafashwe bonona imirima kubera inzara, abatashoboye gukora ibikorwa vy ‘amananiza abavyeyi baba babatumye, canke abana bagendana ubumuga. 

Akamaramaza ngo ni nk’ivyabaye i Bubanza aho umuvyeyi yashatse guhamba abana biwe babona abagiriza ko bamuciriye ibigori ; kw’Itaba mu ntara ya Gitega naho abana babiri baciwe ibikonjo n’imisore y’ababanyi honyene bagirizwa kwiba ibigori mu mirima ; umwana wo mu Kanyosha yacumiswe imbugita na nyina wiwe amuhora ko yazigije inkono; hamwe rero n’ivyabaye i Mabayi mu ntara ya Cibitoke aho umugabo yaturiye ikiganza c’umwana wiwe amuhora ko yakoze mu nkono ; n’uwundi mwana arwaye mu mutwe yishwe n’inzara agacikana bivuye ku bavyeyi biwe bamwimye imfungurwa iminsi myinshi . Umurwi CNIDH ukaba  usaba abavyeyi , imiryango n’ababanyi kugumana imico n’akaranga vya basokuru, na cane cane umuco wo gufatana mu nda  no gufashanya, hamwe n’umuco w’uko umwana ataba uw’umwe. Umurwi CNIDH usaba kandi Reta n’abarongoye abandi mu kibano gufata ingingo zishemeye zo gukingira imiryango n’abana batagira ic’epfo n’icaruguru.       

Gloriose Nshimirimana

Ouvrir