Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Iyandikwa ry’abazokwitaba itora ryo kwemeza canke guhakana Ibwirizwa Shingiro ryaratanguye ku wa 8 Ruhuhuma 2018

 

gase CopieKw’igenekerezo ry’ 8 Ruhuhuma 2018 niho igikorwa co kwandika abashaka kuzitaba amatora yo kwemeza canke guhakana Ibwirizwa Shingiro catangura mu gihugu cose. Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo  akaba yiyandikishirije muri zone Nyakabiga, ku kibanza kigenewe ico gikorwa kiri kw’ishure ryisumbuye rya komine Nyakabiga, muri komine Mukaza, iri mu gisagara ca Bujumbura.Kw’igenekerezo ry’ 8 Ruhuhuma 2018 niho igikorwa co kwandika abashaka kuzitaba amatora yo kwemeza canke guhakana Ibwirizwa Shingiro catangura mu gihugu cose. Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo  akaba yiyandikishirije muri zone Nyakabiga, ku kibanza kigenewe ico gikorwa kiri kw’ishure ryisumbuye rya komine Nyakabiga, muri komine Mukaza, iri mu gisagara ca Bujumbura.Gaston Sindimwo akaba rero yahamagariye abarundi bose kuja kwiyandikisha kugira baronke uburenganzira bwo gutora kuko bimeze nko kuja mw’ihiganwa kuko atawushobora kwinjira  ahabera ihiganwa ry’ umupira atabanje kugura itike ribimuhera uburenganzira. Aca asaba abarundi ko ata n’umwe yokwigira sindabibazwa.Ikinyamakuru UBUMWE caraciye no mu bindi bibanza vy’iyandikiro vyo mu gisagara ca Bujumbura aho casanze ahatari hake ibikorwa bitari bwatangure bitumwe n’uko  bazindukiye ku biro vy’amakomine gutora ibikoresho tukaba twagiye turasanga abajejwe ico gikorwa batonze imirongo miremire ku biro vy’amakomine barindiriye  vy’ibikoresho.         

Josélyne Ndayegamiye

 

Ouvrir