Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

CENI : Rusansuma rw’abazitaba amatora yimirije rutegekanijwe kuva ku wa 8 gushika ku wa 17 Ruhuhuma 2018

dseseeIcegera c’umukuru w’umurwi  ujejwe  gutegura amatora (CENI),Annonciate Niyonkuru  amenyesha ko rusansuma rw’abazitaba amatora y’impinyanyuro y’Ibwirizwa Shingiro n’amatora yo mu 2020 atagekanijwe ku va ku wa 8 gushika ku wa 17 Ruhuhuma 2018. Ivyo akaba yabishikirije ku wa 2 Ruhuhuma 2018 mu nama yatunganijwe n’uwo murwi CENI, yari yararikiwe abaserukira imigambwe, abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, abaserukira amashengero yemewe mu Burundi hamwe n’abaserukira ibimenyeshamakuru.Icegera c’umukuru w’umurwi  ujejwe  gutegura amatora (CENI),Annonciate Niyonkuru  amenyesha ko rusansuma rw’abazitaba amatora y’impinyanyuro y’Ibwirizwa Shingiro n’amatora yo mu 2020 atagekanijwe ku va ku wa 8 gushika ku wa 17 Ruhuhuma 2018.

Ivyo akaba yabishikirije ku wa 2 Ruhuhuma 2018 mu nama yatunganijwe n’uwo murwi CENI, yari yararikiwe abaserukira imigambwe, abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, abaserukira amashengero yemewe mu Burundi hamwe n’abaserukira ibimenyeshamakuru.Icegera c’umukuru w’umurwi CENI, Annonciate Niyonkuru  yamenyesheje abitavye iyo nama ko intumbero yayo kwari ukubamenyesha aho ikivi kigeze co gutegura ayo matora, aho uwo murwi ujejwe gutegura amatora  ugeze  kw’igenekerezo rya 2 Ruhuhuma,  ko ugeze ku gikorwa c’ukwegeranya no kurungika mu ntara no mu ma komine ibikoresho bizofasha mw’iyandikwa ry’abakwije ibisabwa n’amategeko muri rusansuma ruzoba mu gihugu cose kuva kw’igenekerezo rya 8 Ruhuhuma kugeza kw’igenekerezo  rya 17 Ruhuhuma 2018. Iryo yandikwa rikaba rizomara  iminsi 10. Annonciate Niyonkuru yabandanije amenyesha ko kuri ayo magenekerezo nyene, ico gikorwa co kwandika kizoba kiriko kibera kandi  ku vyicaro vy’ubuserukizi bw’igihugu c’Uburundi mu makungu hamwe n’aho inteko z’igihugu c’Uburundi ziri kugarukana amahoro n’umutekano ; mu bihugu vya Somariya na Centrafrique.

Iryo yandikwa ngo niryo rizoba inkingi y’abazotora mu 2020. Icegera c’umukuru w’umurwi CENI yaribukije abari ngaho ko amatora ari ibihe bihambaye mu buzima bw’igihugu kuko, ariyo  atanga abategetsi baramutswa igihugu ; amatora niyo atanga intumbero nshasha yo kurongora igihugu ; afasha abahiganwa kumenyesha imigambi bafitiye abanyagihugu ;  amatora ni ibihe bihabwa abanyagihugu kwitorera abo bashimye kurusha abandi, kubera banyuzwe n’imigambi n’imigabo iriko irashikirizwa. Abo baserukira imigambwe, abahurikiye mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya Poritike, abaserukira amashengero hamwe n’abarongoye ibimenyeshamakuru Umurwi CENI wabatumiye kugira babasabe ko bobandanya guhimiriza abanyagihugu kuzokwitaba iyandikwa ; kuzorungika intumwa zija kurorera uko igikorwa c’iyandikwa  kiriko kirarangurwa. Yongeye arabamenyesha aho bazokura uruhusha rwo gukurikiranira hafi iryo yandikwa ku rwego rw’igihugu bazorusaba ku cicaro c’umurwi CENI, urwo ku rwego rw’intara narwo bazorusaba  CEPI nayo ku rwego rw’amakomine bakazorusaba mu murwi ujejwe gutegura amatora mu makomine CECI. Ku kibanza c’iyandikiro cose, bazosabira umurorerezi umwe n’umukutsa kivi wiwe umwe. Yaciye ababwira ko uruhara rwabo ari ntangere kugira iyandikwa rizogende neza.   Annonciate Niyonkuru yasozereye ijambo ryiwe amenyesha ko umurwi CENI washitse ku ntambwe ikomeye,ko uwo murwi ufise urutonde rw’ibibanza vyo kwandikiramwo abanyagihugu bazitaba rusansuma,akaba arivyo bibanza nyene bizoberamwo amatora.  

Anitha Bizimana                         

(Uwimenyereza)                                                                                                                                                     

 

Ouvrir