Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Uburundi ngo bwarateye intambwe nini mu vyerekeye gukomeza amahoro n’umutekano

 

DSCcdd 0176Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo yaraganutse avuye mu rugendo rw’akazi rwari rwamushikanye  i Addis-Abeba mu gihugu ca Ethiopiya aho yari yagiye mu nama igira 30 yahuza abakuru b’ibihugu bo muri Afrika. Muri iyo nama ngo bakaba baranarabiye hamwe ibibazo bijanye n’amahoro n’umutekano ku rwego rwa Afrika.Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo yaraganutse avuye mu rugendo rw’akazi rwari rwamushikanye  i Addis-Abeba mu gihugu ca Ethiopiya aho yari yagiye mu nama igira 30 yahuza abakuru b’ibihugu bo muri Afrika. Muri iyo nama ngo bakaba baranarabiye hamwe ibibazo bijanye n’amahoro n’umutekano ku rwego rwa Afrika.Gaston Sindimwo yamenyesheje ko iyo nama igira 30 yari irongowe n’Umukuru w’igihugu c’Urwanda, ngo bakaba bapfunditse ingingo zirenga 30. Muri izo ngo barabiye hamwe ingene iryo shirahamwe rihurikiyemwo ibihugu vyo muri Afrika rikwiye guhindura ingendo, rigatunganywa gushasha, ingene iryo shirahamwe ryogira isoko rimwe n’ibindi. Muri iryo hinduka ngo bapfunditse kandi ko Umukuru w’igihugu azorongora iryo shirahamwe azohora atorwa imbere y’umwaka. Ngo bakaba batoye Umukuru w’igihugu ca Misiri kugirango abe ari we azorongora iryo shirahamwe mu mwaka uza, hambavu yiwe ngo barongeye batora abazomufasha kurongora iryo shirahamwe.

Ikindi naco ngo barigiye hamwe ingene iryo shirahamwe ryoza ririfasha ritarinze kuzera inze kuko ngo basanze rifashijwe n’abanyamahanga batari muri iryo shirahamwe bica bituma badindiza ibintu canke ngo bagashaka kurikoresha ivyo ritashaka gukora. Ku bw’ivyo ngo igihugu cose kizohora gitanga amafaranga angana n’0.2% vy’ibidandazwa biva hanze bitari muri aka karere.   Muri iyo nama ngo barize n’ivyerekeye  umutekano mu bihugu vy’Afrika, aho ngo abari muri iyo nama babonye ko Uburundi bumaze gutera intambwe nini ku bijanye n’igisata c’amahoro n’umutekano. Ngo baciye basaba ko Uburundi bwobandanya iyo ngendo yo gukomeza amahoro n’umutekano ngo bongera baranatera ivyatsi ingingo ya sentare mpuzamakungu mpanavyaha « CPI » yafashe itaragira amatohoza ku Burundi. Gaston Sindimwo yarongeye amenyesha ko yagize amahirwe yo kubonana n’umukuru w’igihugu ca Somaliya aho ngo barabiye hamwe ibijanye n’imigenderanire iri hagati y’Uburundi n’igihugu ca Somaliya na cane cane ko hasanzwe hariyo ingabo z’Uburundi muri ico gihugu aho baciye hirya no hino ibibazo vyose. Eka ngo n’Umukuru w’igihugu ca Somaliya yipfuza kugira urugendo rw’akazi mu minsi ya vuba  mu Burundi. Ngo yarongeye arabonana n’Umukuru w’igihugu ca Madagascar akaba yaramufitiye ubutumwa bw’Umukuru w’igihugu c’Uburundi aho baganiriye ivyerekeye inama y’ishirahamwe COMESA izobera mu Burundi mu kwezi kwa kane.

Estella Niyongere

Ouvrir