Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abarimyi basabwe kubungabunga umwimbu wabonetse mw’irima ry’agatasi gaheruka

Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi, Déo Guide Rurema asaba abarimyi kubungabunga umwimbu baronse mu gihe c’irima ry’agatasi mu kutawusesagura canke kuwubika nabi. Ivyo akaba yabivugiye mu rugendo yagize kuva ku wa 30 Nzero gushika ku wa 2 Ruhuhuma 2018, aho yagendera abarimyi bo mu ntara zitandukanye bahurikiyi mu mashirahamwe yo kwiteza imbere mu ntumbero yo guteza imbere ico gisata c’uburimyi narirya umwimbu wabonetse mu gice c’irima ry’agatasi mu mwaka w’2018 wabaye mwiza mu gihugu cose.Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi, Déo Guide Rurema asaba abarimyi kubungabunga umwimbu baronse mu gihe c’irima ry’agatasi mu kutawusesagura canke kuwubika nabi. Ivyo akaba yabivugiye mu rugendo yagize kuva ku wa 30 Nzero gushika ku wa 2 Ruhuhuma 2018, aho yagendera abarimyi bo mu ntara zitandukanye bahurikiyi mu mashirahamwe yo kwiteza imbere mu ntumbero yo guteza imbere ico gisata c’uburimyi narirya umwimbu wabonetse mu gice c’irima ry’agatasi mu mwaka w’2018 wabaye mwiza mu gihugu cose.


Mu ntara ya Bubanza
Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi ,Déo Guide Rurema yatanguriye urwo rugendo mu ntara ya Bubanza ku wa 3 Nzero 2018,aho yasavye abarimyi kubungabunga umwimbu mwiza wabontese mu gihe c’irima ry’agatasi mu mwaka w’2018.Twobamenyesha ko ico gihe yari ahejeje kugendera amashirahamwe y’abarimyi bateza imbere igiterwa c’umuceri hamwe n’ayandi ajejwe kurwiza imbuto z’ibiharage n’ibigori akorera mu ntara ya Bubanza.Iyo ngendo yo gusanga abarimyi ku kivi, ngo kwari ukugira yirabire ko ivyegeranyo bitangwa n’ababijejwe ko bihuye n’umwimbu abarimyi baronse mu gihe c’iyimbura ry’agatasi mu mwaka w’2018.Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi akaba yaboneyeho akaryo ko gutera akamo abarundi muri rusangi ngo birinde gusesagura uwo mwimbu wabonetse mu gihe c’irima ry’agatasi. Ngo vyari ngombwa ko ivyashikirijwe mu maradiyo n’ibindi bimenyeshamakuru bitandukanye, ivyo navyo bikaba vyanditse mu mpapuro, barabe koko ko ariko bimeze ku kivi, eka ngo banahimirize abarimyi kwijukira kubika umwimbu mu bigega rusangi.Iciza muri ivyo vyose, ngo ni uko abarimyi bariko bakorera mu mashirahamwe kandi bagakorana n’ibisata bitandukanye vyo kurwiza umwimbu vyo mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi, aho akavuga ikigo ISABU, ishirahamwe rijejwe iterambere mu kiyaya c’Imbo SRDI, ubuyobozi bw’uburimyi n’ubworozi mu ntara DPAE hamwe n’ishirahamwe rijejwe guteza imbere uburimyi FAO. Abahurikiye muri ayo mashirahamwe bakaba biyemeje kubungabunga uwo mwimbu, kugira uzobafashe gufungurira neza imiryango yabo, kujana abana ku mashure hamwe no kwivuza. Bisubiye,ngo ingeso yo guharika ikunze kwibonekeza mu kiyaya c’Imbo bakaba biyemeje kuyirwanya.Muri urwo rugendo mu ntara ya Bubanza, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi akaba yagendeye ikigo SRDI, ikigega rusangi kiri mu kigwati ca gatanu, i Buringa, muri komine ya Gihanga, ikigega c’ishirahamwe ry’abarimyi ryitwa “Umutahe w’umukene ni inguvu ziwe”, aho bamenyesheje ko bakoranye n’ivyo bisata vyo mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi, ngo kuri hegitari imwe bimbura amatoni 8 y’umuceri udatonoye, aho ni mu gihe mu minsi iheze, ngo kuri iyo hegitari nyene bahora bimbura hagati y’amatoni 3 n’ 4 y’umuceri udatonoye. 

DSC 02ff11 CopieMu ntara za Kayanza na Ngozi
Ku munsi ugira kabiri, mu ntara ya Kayanza na Ngozi, umushikiranganji Rurema yagendeye ibibanza 7 bikorerwamwo imirimo itandukanye bwaba ubushakashatsi, ibigo vy’abarwizambuto zirobanuye hamwe n’imirima y’Umukuru w’igihugu iri ku mutumba Rutanga, muri komine Gashikanwa, mu ntara ya Ngozi.Mu ntara ya Kayanza, Déo Guide Rurema yabanje kugendera ikigo kijejwe kugira ubushakashatsi no kurwiza imbuto zirobanuye ISABU c’i Munanira, ku murwa mukuru w’intara ya Kayanza. Muri ico kigo, ahanini barwiza imbuto z’ibiraya, ingano hamwe n’ibigori. Akaba yarateye akamo abarimyi bato bato n’abifise kwijukira kunywanisha ubushakashatsi n’uburimyi. Kuri twa dukoko tw’impfunya dutera ikigori, yasavye abarimyi kuburwanya bukiri buto bakoresheje ya miti yo gupompa udukoko dutera ibiterwa.Ku mutumba Yanza, muri komine Muruta, mu ntara ya Kayanza, ahari ikigega rusangi co kubikamwo imbuto zirobanuye z’ibiraya, aho umushikiranganji w’uburimyi yabikije umwimbu wiwe w’ibaraya w’amatoni 20, yarateye akamo abize, bavuga ko uwukize akira isuka, gufatira akarorero ku ndongozi zitandukanye zijukiye uburimyi harimwo n’Umukuru w’igihugu. 


Ubworozi buvanze n’uburimyi ngo butuma haboneka ifumbire y’ibitungwa
Urugendo yarubandanirije ku mutumba Mwugariro, muri komine Muruta, mu ntara ya Kayanza, mw’itongo ryiwe ry’amahegitari 4 aho arima ibiterwa bitandukanye harimwo n’ubworozi bw’inka n’impene za kijambere zikamwa hagati y’amaritiro 2 na 3 ku munsi. Ku vyerekeye akunguko kari mu kunywanisha uburimyi n’ubworozi, Déo Guide Rurema yamenyesheje ko imbere y’uko yorora ivyo bitungwa, ngo uko umwaka utashe yakoresha umwavu w’ikizungu ufise agaciro k’amafaranga y’amarundi ari hagati y’imiriyoni 3 na 5, muri kino gihe, ngo akoresha umwavu w’ibitungwa akuye mu mpongore. Mu migambi yo kuronsa ibitungwa abarimyi- borozi, abatera akamo kwijukira kuraba ko ibitungwa baronswa ata ndwara bifise.Inyuma yaho, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi yarifatanije n’abanyagihugu mu gikorwa co kwimbura ibiraya mu mirima y’ubuyobozi bw’uburimyi n’ubworozi mu Kayanza. Iyo mirima ngo yari imaze imyaka 10 itarimwe kubera ubukene bw’uburyo, ariko ngo bagiraniye amasezerano n’umurwizatunga yaje kuharimira imbuto z’ibiraya zirobanuye, agatanga ubuzi ku bakenyezi n’urwaruka, aho haruhande y’amafaranga bahembwa abafasha kwikenura, bakongera bakaharahurira n’ubumenyi bwo kurima kijambere. Ndetse ngo bagiye kugira impinyanyuro kugira ubuyobozi bw’uburimyi n’ubworozi mu ntara zitandukanye  bakorane n’abikorera ivyabo bigiye kuba ibigo vy’ubuhinga bwo kurwiza umwimbu mu gihugu.Ku mutumba Rutanga, muri komine Gashikanwa, mu ntara ya Ngozi, umushikiranganji yararonse akaryo ko kwirabira ibikorwa vy’uburimyi bwa kijambere bw’ibiterwa bitandukanye Umukuru w’igihugu akora, aho yamuhaye amanota 150%, aravye ibikorwa ahakorera. Aho ngo mu mwaka w’2018, biteze inyungu izova muri ubwo burimyi, iri hagati y’ibice 28 na 30%. Eka ngo abahora bibaza ko uburimyi ata nyungu irimwo, ngo bakwiye kuhabonera akarorero, bijukire uburimyi. Urugendo rwo kuri uwo munsi ugira kabiri yarusozerereye muri komine Tangara, mu ntara ya Ngozi nyene, ahari ikigega ca kijambere c’umushikiranganji w’ikigega ca Reta, Domitien Ndihokubwayo, aho ariko arwiza imbuto zirobanuye z’ibiraya.                                                                                               

Mu ntara za Muyinga, Ruyigi na Rutana
Ku munsi ugira gatatu w’urwo rugendo, hakaba hari kw’igenekerezo rya 1 Ruhuhuma 2018, umushikiranganji  Déo Guide Rurema yashikirije abarimyi ba kijambere n’abahurikiye mu mashirahamwe yo kurwiza imbuto bo mu ntara za Muyinga, Ruyigi na Rutana.Ico gihe yagendeye umurimyi wa kijambere wo ku mutumba Kinazi, zone Rugari muri komine n’intara ya Muyinga. Uwo murimyi wa kijambere ariko ateza imbere igiterwa c’ivoka, aho yateye ku buringanire bw’amahegitari 18, ibiti vy’amavoka 10500. Igiti kimwe kigashobora gutanga umwimbu w’amavoka 200, aho ivoka rimwe arigurisha amafaranga 200. Ariko iki gihe  umwimbu wiwe akaba awushorera mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya.Mu ntumbero yo kudahereza umwimbu mu bihugu bibanyi, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi yamenyesheje ko bafadikanije n’ishirahamwe FIDA bagiye kunagura ishirahamwe ryo mu ntara ya Gitega rihingura amavuta mu giterwa c’ivoka. Iyo ngo izoba ari inyishu kuri uwo murimyi yihaye intumbero yo guteza imbere igiterwa c’ivoka kugira aronke aho ashorera umwimbu wiwe. Umushikiranganji avuye aho ku mutumba Kinazi, yaragendeye uwundi murimyi wa kijambere haruhande y’igiterwa c’inanasi n’ibitoke, ariko agerageza ibiterwa vya « Pomme » na « Olivier », ico giterwa ca kabiri kivamwo amavuta bafungura azimvye cane,  ngo imbuto zaco zavuye mu gihugu c’Ubutariyano, aho bariko bakigerageza aho mu ntara ya Muyinga kugira barabe ko gitanga umwimbu mwiza.Umushikiranganji yasavye uwurongoye ikigo ISABU kurungika abashakashatsi babiri bo muri ico kigo bafashanije n’uwo mu bushikiranganji kugira bakurikirane ibikorwa vy’uwo murimyi wa kijambere. Ico giterwa kizoheza kije mu bindi biterwa njabukamanzi nk’ikawa n’icayi bisanzwe birimwa mu Burundi.Mu ntara ya Ruyigi, ku mutumba Rukaragata, muri komine n’intara ya Ruyigi, umushikiranganji yaragendeye umuyimyi wa kijambere yihaye intumbero yo kurwiza imbuto zirobanuye z’ibigori. Ubuyobozi bw’uburimyi n’ubworozi ngo burashigikiye abo barwizambuto, mu ntumbero yo kurwiza imbuto zirobanuye kugira abarimyi bazironke ku giciro kitavuna. Aho mu ntara ya Ruyigi, umushikiranganji yanagendeye ikigega rusangi c’ishirahamwe Garukirabarimyi, kiri ku mutumba Muriza, muri zone na komine Butaganzwa, aho abarimyi 200 bahurikiye muri iryo shirahamwe basaba kuronswa ifumbire, ibitungwa kugira bakomeze uburimyi bwa kijambere hamwe n’amatara mu ntumbero yo gukoresha imashini zisya ibigori n’iyitonora umuceri. Ikibazo c’amatara kibahanze yaremeye ko agiye ku kivugana na mugenzi we w’amasoko ntanganguvu, kugira gitorerwe umuti.


Abafundi b’indimo basabwe guhindura ingendo basange abarimyi ku kivi
Ku bafundi b’indimo, yabasavye guhindura ingendo kugira biteho igikorwa bajejwe co gukirikirana abarimyi mu ntumbero yo guteza imbere uburimyi bwa kijambere. Muri ukwo guhindura ingendo, basabwe kwisangira abarimyi ku kivi, na kare ngo ibiro vyabo niho biri, aho gutonda aho rwahiye. Ivyo umushikiranganji yabishikirije aho yariko agendera ikigega rusangi co ku mutumba Ngoma, muri komine ya Musongati, mu ntara ya Rutana, ikigega abarimyi babikijemwo umwimbu w’impeshi iheze, urenga gato amatoni 160, agizwe n’ibiharage amatoni 125 hamwe na 36 y’ibigori. Aho nyene ku murwa mukuru w’intara ya Rutana, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi yaragendeye umurimyi wa kijambere ateza imbere igiterwa c’igitoke, avuka ku murwa mukuru w’intara ya Rutana, muri Karindo ya mbere. Uwo ari mu rwaruka rumwe rwahejeje amashure ariko rutaronse akazi, uno munsi akoresha abakozi 80 mu murima w’ibitoke vya kijambere biri ku buringanire bw’amahegitari 2. Ubwo burimyi buramaze kumuronsa irindi tongo ry’amahegitari 7, agiye kubandanya akoreramwo iyindi migambi y’uburimyi.Tubamenyeshe ko umushikiranganji yasozereye ibikorwa vy’uwo munsi agendera ishirahamwe rihingura amavuta ava mu giterwa c’Igihoke, aho iryo shirahamwe rifise ubushobozi bwo guhingura amaritiro 100, rigakora mu bihe vy’irima ry’agatasi n’impeshi kubera ariho umwimbu w’igiterwa c’Igihoke uboneka.   

 Déo Misigaro                                                                                                                                                                    

 

Ouvrir