Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umwimbu wo mu gisata c’uburimyi n’ubworozi wo mu mwaka w’2017 ngo urashimishije

 

DSlloC03300Ibikorwa vyaranguwe n’ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi ngo birashimishije kuko mu bikorwa vyaranguwe bwashoboye gushika kw’ihangiro bwari bwihaye . Ibikorwa vyaranguwe n’ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi ngo birashimishije kuko mu bikorwa vyaranguwe bwashoboye gushika kw’ihangiro bwari bwihaye . Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji aburamutswa, Déo Guide Rurema igihe yariko ashikiriza  ibikorwa vyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu mwaka w’2017, kw’igenekerezo rya 29 Nzero 2018.Déo Guide Rurema akaba yaramenyesheje  ko umwimbu mwiza wavuye ku nguvu nyishi ubwo bushikiranganji bwashize muvyo bujejwe vyo kurwiza umwimbu uvuye mu burimyi, mu bworozi no mu burovyi. Mu burimyi ngo harashoboye kuronswa abanyagihugu ivyankenerwa kugira barwize umwimbu. Ico bahereyeko n’iyugutanga  ifumbire  ikwiye ku rugero rushimishije aho batanze amatoni agera ku  45738,8, hakaba hari hategekanijwe gutangwa amatoni angana 46015 ni ukuvuga ko batanze ifumbire ku bice 99 kw’ijana, haratanzwe n’itoni 8520 z’ishwagara kw’itoni 9000 zari zitegekanijwe ni ukuvuga ibice bingana na 93 kw’ijana. Haratanzwe n’imbuto zirobanuye z’ibigori zingana itoni 83000, hakaba hari hategekanijwe itoni 40000 bashoboye   gutanga ibice 207 kw’ijana ; umuceri hatanzwe imbuto zingana n’amatoni 61000 hari hategekanijwe amatoni angana n’66000, batanze rero imbuto ku bice bingana 92 kw’ijana ;  imivyaro y’ibitoke nayonye yarashoboye gutangwa, aho hatanzwe imivyaro y’ibitoke ingana n’119000 hari hategekanijwe imivyaro 73000 ni ukuvuga ibice 163 kw’ijana.  Barongeye baratanga imivyaro y’ibiti n’imivyaro y’ivyamwa. 

Umushikiranganji Rurema  yabandanije amenyesha ko ubwo bushikiranganji bwashoboye kwongerereza  abanyagihugu aho barima bafatiye ku ntara ibiterwa bikunda gusumba ahandi, ihegitari zingana 7310 nizo zashoboye kurimwamwo umuceri aho hari hategekanijwe ihegitare 4000. Ico gikorwa ngo caranguwe ku bice 183 kw’ijana; ihegitari zingana 3320 nizo zashoboye kurimwamwo ibigori, aho hari hategekanijwe ihegitari zingana n’1603 ni ukuvuga vyatunganijwe ku ibice 207 kw’ijana. Harashoboye gukingirwa imisozi ihanamye, guterwa ivyatsi ku mikobeko, haratunganijwe ibirometero bingana n’4000 hari hategekanijwe ibirometero 500.  Déo Guide Rurema yarongeye aramenyesha ko bashoboye gutunganya imyonga yo kurimamwo mu buryo bwa kijambere ingana n’amahegitari 366. Umushikiranganji w’uburimyi  n’ubworozi yarongeye aramenyesha ko bongereje umwimbu  kandi barawudandaza ku rugero rushimishije, ku biterwa njabukamazi  nk’icayi, ikawa, ipampa, n’ibigazi. Mu gisata c’ubworozi barashoboye kuronsa abanyagihugu ibitungwa vyo mu bwoko bucanze aho haronkejwe inka zitari nke abanyagihugu,harimwo n’abokorewe n’abandi biciye mu runani rw’abasangirangendo mw’iterambere. Harongeye harabangurirwa inka zitarinke biciye ku nshinge, haratangwa  impene,ingurube, n’inkoko. Ku vyerekeye igisata  c’uburovyi na conyene nticasigaye inyuma aho hashoboye gutunganywa ubworozi bw’ifi bwa kijambere.Ubushikiranganji bwarashoboye gukurikirana abanyagihugu barima kijambere aho hari imiryango ingana 26918 yakurikiranywe, harashirwaho  ibibanza 885 vyo kuvomera mu gihe c’ici, haratunganijwe n’uturima tw’igikoni tungana n’55000. Umushikiranganji w’uburimyi  yarongeye arashikiriza ko bashize inguvu nyinshi mu guherekeza abanyagihugu mu burimyi n’ubworozi, aho bubatse inzu bashobora kubikamwo amata bakayahingura, aho bashobora guhingurira ibiterwa bimwe bimwe vy’ivyamwa nk’amavoka, amatomati, amabungo n’ibitoki. Harashoye gukorwa imigambi itari mike mu vyerekeye uburimyi . Déo Guide Rurema yasozereye amenyesha ko bagize ubushakashatsi ku biterwa vy’ingano,ibiharage, amateke,  n’ikawa. 

 Anitha Bizimana

(Uwimenyereza)                                                                                                                                                

Ouvrir