Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu ntara ya Rumonge: Ishirahamwe WAP ryaragendeye abahungutse na bantahonikora

DSC03ds259Kw’igenekerezo rya 27 Nzero 2018, ishirahamwe ry’abakenyezi baharanira amahoro (WAP), ryaragendeye abahungutse na bantahonikora bo mu makomine ya Bugarama na Rumonge, intara ya Rumonge . Iryo shirahamwe ryagiye ryitwaje agakemanyi  k’umuceri, amasuka, ibirato n’ibindi mu ntumbero yo kwifuriza bantahonikora n’abahungutse umwaka mushasha w’2018. Kw’igenekerezo rya 27 Nzero 2018, ishirahamwe ry’abakenyezi baharanira amahoro (WAP), ryaragendeye abahungutse na bantahonikora bo mu makomine ya Bugarama na Rumonge, intara ya Rumonge. Iryo shirahamwe ryagiye ryitwaje agakemanyi  k’umuceri, amasuka, ibirato n’ibindi mu ntumbero yo kwifuriza bantahonikora n’abahungutse umwaka mushasha w’2018.  Uwurongoye WAP, Rose Ntawe, yahamagariye abanyagihugu gukamisha ibikorwa, amahoro, gutyo iterambere rikwire  mu gihugu. Ngo bokwijukira kandi kuvyara ku rugero, gushira abana mu mashure cane cane abigeme, hanyuma n’ingo zitarandikwa zandikwe.Umupfasoni ntawe yahamagariye abanyagihugu cane cane abakenyezi kwitegurira amatora azoshiraho Ibwirizwa Shingiro rishasha mu kurondera ibibaranga hakiri kare. Umuhanuzi mukuru wa buramatarI w’intara ya Rumonge, Jean Marie Nduwimana yarashimiye ishirahamwe WAP kubona ryiyumviriye bantahonikora n’abahungutse bo mu ntara ya Rumonge, aca atera akamo abagize WAP kuraba ingene bobandanya bafasha abahungutse mu gihe iyo  intara iguma yakira impuzi zivuye mu gihugu kibanyi ca Repubirika iharanira  demokarasi ya kongo (RDC).

Aline Kanyana

 

Ouvrir