Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu gisagara ca Bujumbura: Abanyagihugu basabwa guterefona amashirahamwe ajejwe gusukura aho baherereye igihe ataboneka kandi yari akenewe

IMfddG 2918Abantu bafise ikibazo c’uko amashirahamwe atora imicafu adashika aho bari ngo boyaterefona bakoresheje ama nimero ari kuma zone yabo kuko ariho hari ibiro vyabo. Ivyo vyashikirijwe n’umuhanuzi mukuru w’uumukuru w’ igisagara ca Bujumbura Ramadhan Nkurikiye mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE kw’igenekerezo rya 29 Nzero 2017.Abantu bafise ikibazo c’uko amashirahamwe atora imicafu adashika aho bari ngo boyaterefona bakoresheje ama nimero ari kuma zone yabo kuko ariho hari ibiro vyabo. Ivyo vyashikirijwe n’umuhanuzi mukuru w’uumukuru w’ igisagara ca Bujumbura Ramadhan Nkurikiye mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE kw’igenekerezo rya 29 Nzero 2017.Nk’uko Ramadhan Nkurikiye yabimenyesheje, ngo mu bisanzwe ayo mashirahamwe asanzwe akorera muma karitiye yose y’igisagara ca Bujumbura, kandi ngo hasanzwe hariho n’igisata kiyakurikirana. Niko guca amenyesha ko kenshi ibituma hari abavuga ko ayo mashirahamwe atabatorera iyo micafu ngo biravana n’uko usanga hariho abantu batariha amahera gutyo bigaca bigora ayo mashirahamwe kubandanya atunganiriza abo bantu neza kuko ayo mahera ariyo abafasha muvyerekeye imiduga, guhemba abakozi n’ibindi. Ngo ikindi kibituma kenshi ngo hariho abantu banyegeza imicafu mugutinya kuriha amahera n’abandi benshi ngo banka wkugururira impangu abaje gutora iyo micafu, rero bene abo bantu ngo ntawuzi ico baba bagamije. Vyiza rero ngo nuko abanyagihugu boja inama n’ayo mashirahamwe bakariha kandi bakubahiriza amasezerano bafitaniye kugira ayo mashirahamwe abandanye akora neza, abadafise amasezerano nabo bakayagira kugira bazoze barabatorera imicafu.  Abantu nabo bari muma karitiye bakabona ko ayo mashirahamwe atahashika canke atahakorera uko bishemeye ngo boterefona ku ma nimero y’ayo mashirahamwe asanzwe ari kuma zone yabo kuko bafise ibiro mu mazone yose bakoreramwo bakababaza igituma. 

Evelyne Niyonzima

 

Ouvrir