Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

“Steel & Iron” iri mu mahinguriro agize inkingi y’iterambere ry’Uburundi

 

DSC sde5499Kw’igenekerezo rya 2 Ruhuma 2018, icegera ca kabiri   c’umukuru w’igihugu, Joseph Butore yaragendeye ihinguriro rikora ivyuma vy’ukwubaka (fer à béton) Steel & Iron. Iryo hinguriro rigatororokanya ivyuma batayenk’umucafu  rigaca aba arivyo rihinguramwo ivyuma vyo kubaka bita fer à beton. Kw’igenekerezo rya 2 Ruhuma 2018, icegera ca kabiri   c’umukuru w’igihugu, Joseph Butore yaragendeye ihinguriro rikora ivyuma vy’ukwubaka (fer à béton) Steel & Iron. Iryo hinguriro rigatororokanya ivyuma batayenk’umucafu  rigaca aba arivyo rihinguramwo ivyuma vyo kubaka bita fer à beton.           Ahejeje kugendera iryo hinguriro Butore yaratanze ikiganiro ku bamenyeshamakuru aho yamenyesheje ko ihinguriro Steel & Iron riri mu murwi w’amahinguriro agize inkingi y’iterambere ry’igihugu c’uburundi. 

Aho hose  nk’ako ngo  nta terambere rishobora kuhaba hatabaye inyubako, ngo uko wubaka ukoresheje ibikoresho bikomeye niko uronka inyubakwa ziramba. Ku bwa Butore  ngo  ihinguriro Steel & Iron ryaramaze gushinga imizi, rifise abakozi barenga 200. Ibikorerwa mu rw’ishirahamwe  Steel & Iron birahurumbirwa  haba mu gihugu canke hanze yaco, rigatanga kandi amakori n’amatagisi. Ishirahamwe  Steel & Iron rifise imigambi yo guhingura umwuka bita oxigiène n’amasafuriya mu minsi iri imbere. Joseph  Butore yamenyesheje kandi  ko Reta igiye gushigikira iryo hinguriro mu kuryorohereza gushorera hanze umwimbu ngo  haba ibijanye no kworoherezwa mu kuronka ibisigarira vy’ivyuma kugira bashobore kubihinguramwo ivyuma ( fer à béton). Icegera c’Umukuru w’igihugu yasavye abarongoye Steel & Iron ko boshira imbere ukwongerereza akanovera k’ivyo bahingura. Yabasavye kandi ko bokwereka ababijejwe ingene amafaranga ava muvyo bashoreye hanze yinjira mu gihugu n’ingene akoreshwa mw’ihinguriro ryabo. Butore yaboneyeho akaryo ko gutera  akamo abandi bagwizatunga babishoboye ko bazane imitahe, batanguze amahinguriro akora ibindi bikoresho vyo kwubaka.

Aline Kanyana

Ouvrir