Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abarundi bahamagarirwa kwumva ko umutima wabo umatanye n’igihugu maze bakakirwanira

 

1200Kuzirikana igihugu ngo ni ukwumva ko umutima wawe umatanye n’igihugu ; ko uzokora ibishoboka vyose kugira ngo ukigwanire maze ugawanire iteka ry’aco n’abuzukuruza nk’uko na basokuru bayamaze bati ntawuterwa iteka ngo atekeye mu vyatsi. Ivyo ni bimwe muvyo  Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yashikirije mu gihe yariko aratanga inyigisho zo kuzirikina igihigu ku mvukira z’intara ya kirundo. Izo nyigisho zikaba zabereye muri Komine Kirundo ku mutumba Kigozi  ku wa 2 Ruhuhuma 2018 .Kuzirikana igihugu ngo ni ukwumva ko umutima wawe umatanye n’igihugu ; ko uzokora ibishoboka vyose kugira ngo ukigwanire maze ugawanire iteka ry’aco n’abuzukuruza nk’uko na basokuru bayamaze bati ntawuterwa iteka ngo atekeye mu vyatsi. Ivyo ni bimwe muvyo  Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yashikirije mu gihe yariko aratanga inyigisho zo kuzirikina igihigu ku mvukira z’intara ya kirundo. Izo nyigisho zikaba zabereye muri Komine Kirundo ku mutumba Kigozi  ku wa 2 Ruhuhuma 2018 .Nk’uko Icegera c’umuvugizi w’Umukuru w’igihugu Alain Diomède Nzeyimana yabimenyesheje, intara ya Kirundo yabaye intara aheraherejemwo gutanga izo nyigisho mu ntara z’uburaruko kuko yari yarahejeje kuzintanga muri Muyinga, Kayanza na Ngozi. Umukuru w’igihugu yaramenyesheje abari aho ingene intahe yo kwikukira yabonetse.

Yabamenyesheje ko ingorane Uburundi bukunda kugira ari uko hari abarundi badakunda igihugu ngo bakizirikane maze ugasanga bakorana n’abakoroni bashaka gusahura itunga ry’igihugu nk’uko vyagiye biragenda mu myaka y’1961 ,1965 ,1993 kandi bikaba vyarongeye no gushika mu mwaka w’2015 . Yabandanije amenyesha kandi ko ingorane abarundi bafise atari ingorane z’imigambwe ariko ngo ingorane z’igihugu n’itunga. Mw’ijambo ry’ikaze, Buramatari w’intara ya Kirundo yamenyesheje ko intara arongoye itekanye kandi irimwo umwimbu mwinshi cane n’abanyagihugu bakaba bamerewe neza cane. Imvukira z’intara ya Kirundo zaciye zishikiriza Umukuru w’igihugu akaganuke k’inka 2 hamwe n’intama 2. Aho nyene i Kigozi Umukuru w’igihugu yaciye yifatanya n’abanyagihugu mu bikorwa rusangi aho bariko baravanga umusenyi, i garaviye n’isima vyo kwubaka urushengero rwa pentekoti rugizwe n’igorofa 2 hamwe n’ibiro bigizwe n’igorofa 3.Avuye aho, Umukuru w’igihugu yaciye agendera amashirahamwe y’abarimyi borozi bo muri Komine Gitobe na Vumbi. Ishirahamwe ryo muri Komine Gitobe akaba yahavuye aryemereye amafaranga angana  n’umuriyoni wo kubandanya barangura imigambi yaryo. Ishirahamwe ryo muri Komine Vumbi naryo akaba yaryemereye amafaranga angana n’umuriyoni yo kurangura imigambi hamwe n’ibihumbi amajana atanu yokubifuriza umwaka w’2018; abemerera kandi ko mu ntango z’umwaka w’2019 azobaha inka 5 kugira ngo iryo shirahamwe ribandanye ritera  imbere. Iryo shirahamwe naryo rikaba ryaciye rimugabira impene zibiri hamwe na bimwe muvyo bimbuye. 

Gloriose Nshimirimana                       

Ouvrir