Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ibiciro vy’umuyagankuba utangwa n’imashini zikoresha ibitoro ngo ntibizohinduka

DSCbgt 0723Inyuma y’aho ibiciro vy’ibitoro biherutse guhinduka mu Burundi, aho iritiro ry’amazutu ryavuye kumafaranga 2100 rikaja ku 2250, ngo ntangaruka ico giciro kizogira ku giciro c’umuyagankuba utangwa n’imashini z’ishirahamwe «Interpétrol» zisanzwe zihingura umuyagankuba zikoresheje amazutu. Ivyo ngo biri mu masezerano iryo shirahamwe ryagiranye na Reta y’Uburundi, amasezerano y’imyaka 10, ayo nayo ngo aravuga ko igihe ibiciro bizohinduka kw’isoko mpuzamakungu canke mu gihugu, ngo ntibazoca bihutira kuduza ibiciro bagurishako umuyagankuba kw’ishirahamwe rijejwe kudandaza amazi n’umuyagankuba REGIDESO. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka, Léonidas Sindayigaya, ku wa 25 Nzero 2018, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE. Inyuma y’aho ibiciro vy’ibitoro biherutse guhinduka mu Burundi, aho iritiro ry’amazutu ryavuye kumafaranga 2100 rikaja ku 2250, ngo ntangaruka ico giciro kizogira ku giciro c’umuyagankuba utangwa n’imashini z’ishirahamwe «Interpétrol» zisanzwe zihingura umuyagankuba zikoresheje amazutu. Ivyo ngo biri mu masezerano iryo shirahamwe ryagiranye na Reta y’Uburundi, amasezerano y’imyaka 10, ayo nayo ngo aravuga ko igihe ibiciro bizohinduka kw’isoko mpuzamakungu canke mu gihugu, ngo ntibazoca bihutira kuduza ibiciro bagurishako umuyagankuba kw’ishirahamwe rijejwe kudandaza amazi n’umuyagankuba REGIDESO.

Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka, Léonidas Sindayigaya, ku wa 25 Nzero 2018, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE. Nk’uko, Léonidas Sindayigaya yabandanije abishikiriza, ngo kuva hagati y’ukwezi kwa Nyakanga umwaka w’2017, ngo harabaye amasezerano hagati ya Reta n’ishirahamwe «Interpétrol» kugira ritange imashini zohingura umuyagankuba zikoresheje ibitoro vyo mu bwoko bwamazutu. Izo mashini zikaba zihingura umuyagankuba ku rugero rwa megawati 30, zigakora amasaha 18 ku munsi ku munsi. Uko amasezerano ishirahamwe «Interpétrol» yagiranye na Reta y’Uburundi ameze, ngo izo mashini zitanga umuyagankuba uri ku rugero rw’amakirowati 486000 ku munsi ku munsi.N’aho imvura muri kino gihe yatasuye, ngo izo mashini zaje hageze kubera ko umuyagankuba wari ukenewe cane mu gihugu. Izo mashini rero ngo zaje gusahiriza, ngo nico gituma bimwe vyo gukabukanya mu bijanye no gutanga umuyagankuba mu makaritiye vyari vyagabanutse. Mu gihe urugomero rukomeye dufise ari Rwegura, urwo narwo ngo rwubatswe mu mwaka w’1986, aho rwubakwa rwatanga megawati 18. Ariko ngo kubera ugusaza kw’ibikoresho n’izindi nyubako zigize urwo rugomero hamwe n’ihindagurika ry’ibihe, ngo harageze igihe rutanga megawati 5. Uno munsi kubera imvura yatasuye, ngo rurashobora gutanga megawati 8, ku buryo hari iciyongereyeko kitari gito, ugereranije no mu kwezi kwa Nyakanga.2017.Ku bijanye n’ibiciro vy’ibitoro biherutse guhinduka, ngo mu bisanzwe ibiciro vy’ibitoro vyahindutse kuva mu kwezi kwa Ruheshi 2017, aho vyaduze ku rugero rw’ibice 20%. Mu gihe mu Burundi ata gitoro dusanzwe dufise, ngo Reta y’Uburundi nico gituma yafashe ingingo yo kukiduza, ariko ngo caduze ku rugero rw’ibice 7%. Iryo duga ry’igiciro c’ibitoro, aho vyaduzeko amafaranga 150 y’amarundi kw’iritiro imwe yose, vyatumye igiciro co kwiyunguruza kiduga, n’ibindi bidandazwa. Ariko ngo n’aho igiciro c’igitoro cahindutse mu Burundi, ngo amasezerno y’imyaka 10 Reta y’Uburundi ifitaniye n’ishirahamwe «Interpétrol» risanzwe rigurisha umuyagankuba kw’ishirahamwe REGIDESO, ngo igiciro ntikizohinduka.

Muri ayo masezerano, ngo barumvikanye ko uko ibiciro bizogenda birahinduka kw’isoko mpuzamakungu no mu Burundi, ngo ntibazoca baduza ibiciro vy’umuyagankuba, narirya ibiciro bitahindutse cane, kubera ko vyahindutse ku rugero rw’ibice 20%. Eka ngo barumvikanye ko igiciro c’uwo muyagankuba w’ishirahamwe «Interpétrol» kizohinduka gake gashoboka.Mu gihe mu mafaranga Reta izokoresha uno mwaka w’2018, hategekanijwe ayazofasha kwubaka amasoko ntanganguvu, ngo isoko ry’umuyagankuba rizokoresha imishwarara y’izuba ryo muri zone ya Mubuga, muri komine n’intara ya Gitega ngo rigeze ku ntambwe ishimishije. Iryo naryo rikazoshobora gutanga megawati 7,5, uko bitegekanijwe, ngo rigashobora kuzoba ryaheze kwubakwa mu mpera z’uno mwaka w’2018. Ubu muri kino gihe, ngo bariko bararaba ingene bazoshumbusha abanyagihugu, aho umuhora w’intsinga zizotwara umuyagankuba kuva ku Mubuga gushika i Zege, ahari ivyuma vy’ishirahamwe REGIDESO kugira naryo riwutange mu banywanyi baryo. 

  Déo Misigaro                                                                                     

 

Ouvrir