Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umurundi wese akunda igihugu ciwe asabwa guterera amatora yo mu 2020

nyabndaUmukuru w’Inama Nshingamateka Pascal Nyabenda ahamagarira abarundi guterera amatora yo mu 2020. Ako kamo yagateye kw’igenekerezo rya 1 Ruhuhuma 2018  igihe yari ahejeje gutanga  intererano yiwe y’amatora angana n’amafaranga y’amarundi imiriyoni zine n’ibihumbi amajana umunani (4.800.000) mw’ibanki nkuru y’igihugu (BRB). Umukuru w’Inama Nshingamateka Pascal Nyabenda ahamagarira abarundi guterera amatora yo mu 2020. Ako kamo yagateye kw’igenekerezo rya 1 Ruhuhuma 2018  igihe yari ahejeje gutanga  intererano yiwe y’amatora angana n’amafaranga y’amarundi imiriyoni zine n’ibihumbi amajana umunani (4.800.000) mw’ibanki nkuru y’igihugu (BRB). Ngo umurundi wese yumva ko akunda igihugu ciwe yoterera amatora kugira haze hagere mu mwaka w’ 2020 hari uburyo bukwiye bwo kuyatunganya. Nk’uko Pascal Nyabenda yabandanije abivuga,ngo ico gikorwa cabaye ic’ukwitaba akamo batewe n’Umukuru w’igihugu c’Uburundi, aho nawe nyene yatanze intererano ubwa mbere. Ngo kwabaye ukwifadikanya rero n’abandi barundi mu guterera amatora mu 2020 kuko ari igikorwa c’iteka ku murundi  wese akunda igihugu ciwe. Ayo mafaranga rero ngo yayatanze kw’izina ryiwe ubwa mbere kandi ngo yongera ayatanga no kw’izina ry’umuryango wiwe aho yaciye amenyesha ko ayo mafaranga atari aya nyuma kuko ngo iruhande y’ibikorwa akora vyo kurongora Inama Nshingamateka, asanzwe afise n’ibindi bikorwa vyo kurima no kworora,rero ngo niho yimbura .Ngo  azoheza asubire guterera amatora n’igihe cose azoronka uburyo.  Niko guca atera akamo umurundi wese yumva ko akunda igihugu ciwe ko guterera amatora mu buryo butamuvunye kugira haze hagere mu mwaka w’2020 harabonetse uburyo bukwiye bwo kuyatunganya. Yaheraheje amenyesha kandi ko nk’urwego rw’Inama Nshingamateka bariko barisuganya kugira mu minsi ya vuba bazoheze nabo nyene batange nk’uko n’abandi babikoze.

Evelyne Niyonzima

 

Ouvrir